id
stringlengths 8
35
| url
stringlengths 35
203
| title
stringlengths 10
144
| summary
stringlengths 7
428
| text
stringlengths 246
41.2k
|
---|---|---|---|---|
amakuru-52343070 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52343070 | Coronavirus-Kenya: igipolisi cafashe umudereva agiye guhamba isandugu y’abapfuye igaragara | Igipolisi muri Kenya caraye gihagaritse umudereva yanduye coronavirus n'abandi batatu babesha ko batwaye ikiziga. | Abo bantu bahagaritswe bamaze kugenda ibirometero 370 batorotse bavuye ku mugwa mukuru Nairobi, batwaye isandugu y'ikiziga ariko iri gusa, imbere y'uko bahagarikwa bageze mu karere ka Homa Bay.
Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Kenya Mutahi Kagwe, aho yamenyesheje kandi ko ako karwi kigize abapolisi bafise iyo sandugu iri gusa, bikaba vyabatumye bashobora kurengana ibirindiro vy'abapolisi bitari bike.
Bageze muri ako karere ka Homa Bay, abajejwe umutekano baragize amakenga biba ngombwa ko bugurura iyo sandugu basanga nta kirimwo.
Umushikiranganji Kagwe avuga ko uyo mudereva yaciye ashirwa ukwiwe, maze abo bandi nabo bari kumwe nawe bashirwa mu kibanza categuriwe abikekwa ko banduye kugira ngo bakurikiranwe.
Haraciye ukwezi kumwe Kenya itangaje umuntu wa mbere yanduye coronavirus, igitigiri c'abandura kikabandanya congerekana ku minsi ku munsi.
Kubera ikiza ca coronavirus kwinjira Nairobi canke gusohoka birabujijwe.
Haraciye hafi indwi zibiri leta y'ico gihugu itangaje ingingo zibuza ukwinjira n'ugusohoka umugwa mukuru Nairobi be n'ibindi bisagara bitatu bifatwa ko vyinjiranywe na Covid-19.
Umushikiranganji Kagwe avuga ko leta iriko irakora amatohoza ku makuru avuga ko abapolisi bajejwe uruja n'uruza ku mabarabara boba barya ibiturire kugira abantu barengane.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Kenya Mutahi Kagwe yaraye atangaje ko abandi 16 ari bo banduye ejo ku wa gatandatu
Kenya imenyesha ko gushika ubu abashika 262 ari bo bamaze kwandura uwo mugera inyuma y'aho ejo umushikiranganji w'amagara y'abantu atangarije abandi 16 banduye.
Uwo mugera watumye hafatwa ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vy'ubudandaji mw'isoko rizwi cane riri muri karitiye ya Eastleigh mu gisagara ca Nairobi.
Abarongoye ishirahamwe ry'abadandaza bakorera muri iyo soko bavuga ko abadandaza bananiwe n'ugukurikiza ingingo zafashwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, nko kutegerana, kwambara twa dutambara dupfuka amazuru n'umunwa be no gukaraba.
Iryo soko rizwi ko rifise amaduka abayabaye ashika 18.000 hamwe n'ayandi manini cane ashika 60, agurisha ibidandazwa bitandukanye harimwo impuzu ziva mu Bushinwa, mu karere k'ubuseruko bwo hagati hamwe n'i Bulaya.
Iryo soko kandi ni ihuriro ry'ingenzi ziva mu bihugu bitandukanye vya Afrika y'Ubuseruko no hagati bakora ibikorwa vy'ubudandaji.
Umugera wa coronavirus ubandanya ukwiragira mu bundi burere bwa Kenya, umushikiranganji w'umutekano mu gihugu hagati, Dk Fred Matiang'i , akagabisha ko mu minsi iri imbere hashobora gufatwa n'izindi ngingo ruhasha mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera.
|
amakuru-41140260 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41140260 | Somalia: Al Shabaab yateye ikigo ca gisirikare kiri Kismayo | Amakuru aturuka mu binyamakuru vyo muri Somali amenyesha ko avuga ko igitero cagabwe ku kigo ca gisirikare ca Bala Gudud, catanguriwe n'igisasu caturikijwe mu modokari mu gatondo ka kare. | Al Shabaab yari yakuwe muri Kismayo ubw ambere mu 2012 n'ingabo za Kenya
Igisasu catezwe mu modokari cabanjirije igitero co ku kigo ca gisirikare ca hafi y'icambu ca Kismayo, cakurikiwe n'urutavanako rw'amasasu yaturuka mu mihingo itandukanye.
Abanyagihugu bo muri Kismayo bavuga ko bumvise ikintu giturika, n'urwamo rw'amasasu.
Abasirikare baharugw amu majana bacumbikiwe muri ico kigo ca Bala Gudud.
Abagwanyi ba Al Shabaab bavuga ko bishe abasirikare bagera ku mirongo ibiri, ariko nta makuru yoi kwizerwa, ataho ahengamiye araboneka kuri ivyo.
|
amakuru-46191519 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46191519 | Ishyaka UDPS ryanze umukandida uhuriweho n'abatavuga rumwe na leta ya Kongo, risaba umukuru waryo Félix Tshisekedi kwiyamamaza | Ishyaka ry'ingenzi mu yatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo ku wa mbere ryamaganye amasezerano umukuru waryo yashyizeho umukono hamwe n'abandi bakuru b'abatavuga rumwe n'ubutegetsi ajyanye n'umukandida umwe bahuriyeho. | Félix Tshisekedi (ibumoso), umukuru wa UDPS, na Jean-Pierre Bemba ukuriye ishyaka MLC, mu kiganiro n'abanyamakuru i Buruseli mu Bubiligi ku itariki ya 12 y'ukwezi kwa cyenda uyu mwaka
Ni amasezerano yashyiriweho umukono i Genève mu Busuwisi ku cyumweru.
Jean-Marc Kabund, umunyamabanga mukuru w'ishyaka UDPS, yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko nyuma yaho abayoboke babarirwa mu magana bakoreye imyigaragambyo, abayoboke b'iri shyaka "bo mu nzego zo hasi bashaka ko Félix Tshisekedi [umukuru wa UDPS] yikura muri ayo masezerano".
Bwana Kabund yavuze ko abo bayoboke bahaye Bwana Tshisekedi amasaha 48 ngo abe yamaze kwikura muri ayo masezerano ajyanye n'umukandida uhuriweho n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Ibiro ntaramakuru Reuters byatangaje ko na Vital Kamerhe, umukuru w'ishyaka UNC, na we yikuye muri ayo masezerano y'abakuru b'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Reuters bitangaza ko Bwana Tshisekedi na Bwana Kamerhe bavuze ko abayoboke b'amashyaka yabo banze ayo masezerano ajyanye n'umukandida-perezida umwe uhuriweho.
Bombi kandi basanzwe baremerewe n'akanama k'amatora ka Kongo kwiyamamaza mu matora ya perezida yimirije.
Ku cyumweru, abakuru barindwi b'amashyaka atavuga rumwe n'ubutegetsi bahisemo Martin Fayulu utazwi cyane, nk'umukandida-perezida bahuriyeho wo kubahagararira mu matora ya perezida ateganyijwe ku itariki ya 23 y'ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka.
Bwana Fayulu (uri hagati imbere y'indangururamajwi) ubwo yari mu kiganiro n'abanyamakuru gihuriweho ku cyumweru, amaze kugenwa nk'umukandida w'abatavuga rumwe na leta ya Kongo
Igenwa rya Bwana Fayulu uzuzuza imyaka 62 y'amavuko ku itariki ya 21 y'uku kwezi kwa cumi na kumwe wahoze ari umuyobozi muri kompanyi yo muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika icukura ibikomoka kuri peteroli, ryabaye nk'iritunguranye.
Bwana Tshisekedi, umukuru w'ishyaka UDPS rivuga ko rigamije ubumwe, demokarasi n'iterambere ry'abaturage, ni we wabonwaga na benshi nk'uzahagararira abatavuga rumwe na leta nk'umukandida uhuriweho.
Bwana Kabund yavuze ko abayoboke b'ishyaka UDPS bamaganye amasezerano yashyiriweho umukono i Genève kuko "basanga ari we [Tshisekedi] ukwiye kuba umukandida ku mwanya wa perezida".
Amakuru avuga ko Bwana Fayulu azahatana mu matora ya perezida nk'umukuru w'urugaga rushya rw'amashyaka atavuga rumwe n'ubutegetsi rwiswe Lamuka, bishatse kuvuga "kanguka" mu rurimi rw'Ilingala.
Isimburana ku butegetsi rikozwe mu mahoro
Emmanuel Ramazani Shadary w'imyaka 57 y'amavuko, ni we mukandida-perezida w'urugaga rw'amashyaka ari ku butegetsi muri Kongo
Byitezwe ko azaba ahanganye na Emmanuel Ramazani Shadary, umukandida w'urugaga rw'amashyaka ari ku butegetsi muri Kongo wahoze ari minisitiri w'ubutegetsi bw'igihugu.
Aya matora ya perezida ateganyijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka, ni ingenzi ku gihugu nka Kongo cyahoze gikolonizwa n'Ububiligi kitarigera kigira isimburana ku butegetsi rikozwe mu mahoro kuva cyabona ubwigenge mu mwaka wa 1960.
Bwana Tshisekedi, ufite urugo mu Bubiligi, ntabwo arasubira muri Kongo.
|
amakuru-35912202 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-35912202 | Fidel Castro yanenze uruzinduko rwa Obama | Fidel Castro yagize icyo avuga bwa mbere ku ruzinduko Perezida Barack Obama aherutsemo muri Cuba. | Bwana Fidel Castro
Fidel Castro - wahaye ubutegetsi mwenenyina Raul hashize imyaka 10 - yavuze ko Cuba idakeneye impano ihawe na bampatse ibihugu.
Ibyo Castro yabitangaje mu ibarurwa yanditse mu kinyamakuru cya leta, Granna.
Fidel Castro, ufite imyaka 89, aherutse kujya ahagaragara mu mwaka ushize.
Mu gusubiza igitekerezo cya Obama ko igihe kigeze cyo guhana ikiganza cy'ubucuti maze amakimbirane ya kera akibagirana, Fidel Castro yibukije abanya Cuba igitero cy'ahitwa Bay of Pigs muri 1961.
Yavuze ko amagambo ya Obama y'ubwiyunge ntawayizera maze aburira abanya Cuba ko ashobora gutuma umutima ubarya.
|
amakuru-55270463 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55270463 | Ikigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda gitegeka abanyamakuru kurondera impusha nshasha | Ikigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda categetse abamenyeshamakuru bose, baba abo mu gihugu canke mvamakungu, gusubira kwiyandikisha gushasha kugira ngo basabe uburenganzira bwo gusubira gukora (accreditation), mu kiringo c'iminsi ndwi gusa. | Umukuru w'ikigo Uganda's Media Council Paulo Ekochu, yatangaje iyi ngingo nijoro ku wa kane mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Kampala.
Avuga ko abo bose batazoba bafise izi mpapuro nshasha batazosubira kwemererwa gukora.
Iyi ngingo ije inyuma y'imisi mike iki kigo gihagaritse kwemerera abamenyeshamakuru b'abanyamahanga hafi bose bashaka kwinjira mu gihugu gukurikirana ibikorwa vy'amatora bitegekanijwe mu kwa mbere kubera hariko hategurwa amategeko mashasha.
Muri iri tegeko rishasha, abamenyeshamakuru bigenga hamwe n'abamenyeshamakuru mpuzamakungu bashaka gukurikirana amatora bategerezwa gusaba impapuro zidasanzwe zitangwa n'iki kigo kijewe ibinyamakuru.
Izi mpapuro zizotegerezwa kwerekana akarere bashaka gukoreramwo canke ibisata bashaka gukoreramwo.
Abashaka gusubiriza amakarata abaranga basanzwe bafise bategerezwa kwerekana bitandatu mu bikorwa baranguye mu kiringo c'umwaka umwe uheze.
Hari haciye indwi zitatu gusa inzego zijejwe umutekano zirukanye abamenyeshamakuru bakomoka muri Canada, zibagiriza ko batari bafise impapuro zibemerera gukorera mu gihugu, mu gihe ariko bari baronkejwe uruhusha n'iki kigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda.
|
amakuru-46138164 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46138164 | Abagabo 10 bapfungiwe Unguja bazira kuja 'mu bugeni bw'abakundana basangiye igitsina' | Igipolisi ca Zanzibar muri Tanzania cahagaritse abagabo 10 bagirizwa kuja mu bugeni bw'abakundana basangiye igitsina. | Abagabo 10 bapfungiwe Unguja bazira kuja 'mu bugeni bw'abakundana basangiye igitsina'
Umupolisi mukuru yabwiye BBC ko abo bantu bahagaritswe ku musi wa gatandatu mw'ijoro i Pongwe Beach.
Bose ko ari cumi bapfungiwe i gituro c'igipolisi ca Chakwa mw'izinga rya Unguja, izinga rinini muyagize Zanzibar, kandi bakaba bataragirizwa icaha na kimwe.
Igipolisi ngo cahawe inkuru yerekeye ubwo bugeni n'abanyagihu.
Abandi bagabo batandatu barirutse barasiga igipolisi igihe caza kubafata ahariko harabera ubwo bugeni, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International.
Icegera c'uwurongoye iryo shirahamwe mu karere k'ubuseruko bwa Afrika, Seif Magango yavuze ko 2bisiga ubwenge kubona kwicarana n'umuntu gusa bishobora kukuviramwo kwagirizwa icaha."
Yongeyeko ko atinya ko abo bagabo boba bategetswe kugirwako ibipimo vyo kigo aca anasaba igipolisi kubarekura "ubwo nyene".
Ivyo vyabaye inyuma y'indwi imwe gusa, Paul Makonda arongoye umugwa mukuru w'ubutunzi wa Dar Es Salaam, asinze umugwi ugenzura ukongera ugatuza abakundana basangiye igitsina.
Reta ya Tanzania, ibicishije mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire yaritandukanije n'iyo ngingo ivuga ko "Makonda yashikirije gusa ivyiyumviro vyiwe", atari politike ya reta.
|
amakuru-48659790 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48659790 | Abana bo muri Afurika y'Epfo mu rugendo berekeza mu Misiri mu ndege bikoreye | Indege yakozwe n'ingimbi n'abangavu bo muri Afurika y'Epfo iri gukora urugendo rwo kuva mu mujyi wa Cape Town muri iki gihugu yerekeza i Cairo mu murwa mukuru wa Misiri - ndetse yamaze guhagarara bwa mbere muri Namibia mu rugendo rwayo nta kibazo igize. | Megan (iburyo) ni umwe mu bapilote, akaba ari kumwe na Agnes (ibumoso) uri mu ndege nk'umwe mu itsinda ry'abafasha
Bavuga ko bizabafata ibyumweru bitandatu mu kurangiza urwo rugendo rwa kilometero 12000 rwerekeza mu Misiri.
Iyo ndege y'ibyicaro bine yo mu bwoko bwa Sling 4 yateranyijwe n'itsinda ry'abanyeshuri 20 bakomoka mu miryango y'amikoro atandukanye.
Megan Werner w'imyaka 17 y'amavuko ari na we mupilote w'iyi ndege, yagize ati: "Intego y'iki gikorwa ni ukwereka Afurika ko buri kintu cyose gishoboka iyo ugishyizeho umutima".
Abo bana bakoze iyo ndege mu gihe cy'ibyumweru bitatu, bagendeye ku bikoresho byakorewe muri Afurika y'Epfo n'uruganda rukora indege zo muri ubwo bwoko.
Ibyo bikoresho byazanwe hamwe n'ibice bito by'indege bibarirwa mu bihumbi byagombaga guteranywa.
Agnes Seemela w'imyaka 15 y'amavuko ati: "Iyo ndebye iyi ndege, numva nishimye cyane, sinshobora kwiyumvisha ibyo twakoze. Mba numva ari nk'umwana wanjye. Ndayikunda cyane".
Avuga ku rugendo rwabo rwa mbere bava mu mujyi wa Johannesburg berekeza i Cape Town, mbere yo gutangira urugendo nyirizina rwerekeza i Cairo, Agnes yagize ati: "Iguruka neza cyane ndetse uba ubona neza ibice bitandukanye by'aho tunyura.
Umunyeshuri Agnes Keamogetswe Seemela w'imyaka 15 y'amavuko yicaye m ndege we na bagenzi be bo muri Afurika y'Epfo bakoze
Akomeza agira ati: "Bwa mbere, abaturanyi baguye mu kantu - ntabwo babyiyumvishije ubwo nababwiraga ko nafashije mu gukora indege tuzagendamo tuva i Cape Town twerekeza i Cairo".
"Ariko ubu baranyishimiye cyane".
Aba banyeshuri b'ingimbi n'abangavu ubwo bateranyaga iyo ndege yo mu bwoko bwa Sling 4 - igikorwa gifata amasaha 3000 abantu bakuze
Megan ni we watangije umushinga wo gukora iyo ndege, ndetse abandi bo muri iryo tsinda bajonjowe mu bakandida barenga 1000 bari babisabye.
Megan ni umwe muri batandatu muri iryo tsinda babonye uruhushya rwo gutwara indege.
Uko ari batandatu, bazagenda bakuranwa gutwara iyo ndege - iriho amakarita y'Afurika ku mababa yayo yombi ndetse n'ibirango by'abaterankunga.
Megan yagize ati: " Kubona uruhushya rwo gutwara indege bingana no kubona impamyabumenyi. Kubigeraho mu gihe nari mfite n'ibizamini byo hagati mu mwaka nagombaga gukora, ntabwo byari byoroshye".
Mu kwezi kwa cumi umwaka ushize, Megan ni bwo yakoze ibizamini bisoza amasomo, akaba yarabyiteguraga ari nako akora imyiteguro y'uru rugendo rw'indege.
Barateganya guhagarara mu Rwanda basubira iwabo
Papa we, Des Werner, ni umupilote utwara indege zisanzwe z'abagenzi. Avuga ko ubusanzwe bifata amasaha 3000 abantu bakuze guteranya indege yo mu bwoko bwa Sling 4.
Yagize ati: "[Ayo masaha] Uyagabanyije n'abana 20 niyo mpamvu ushobora kubikora mu byumweru bitatu. Moteri n'ibyuma by'imbere mu ndege byakozwe n'impuguke, ariko ibindi byose bijyanye no gukora indege byakozwe n'abana".
Ikarita y'urugendo rwabo
Mu gusubira muri Afurika y'Epfo basoje urugendo rw'i Cairo, aba banyeshuri bavuga ko bazanyura mu yindi nzira, bagahagarara muri Uganda, mu Rwanda, Zambiya na Botswana.
Indi ndege yo muri ubu bwoko bwa Sling 4 itwawe n'abapilote b'impuguke, izaherekeza abo bana mu rugendo rwabo.
Aba bana bavuga ko bateganya kugenda baganiriza urundi rubyiruko rw'aho bazagenda banyura mu kurukangurira gushirika ubute.
Megan yagize ati: "Ni ibintu byiza cyane kubona ukuntu abantu bishimiye igikorwa cyacu. Byanteye gusesa urumeza".
|
56091772 | https://www.bbc.com/gahuza/56091772 | RDC: HCR irahagaritswe umutima n'ubugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi mu buseruko | Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko mu mwaka uheze hishwe abantu bashika ibihumbi bibiri mu ntara ya Ituri hamwe no muri Kivu zompi muri Republika ya Demokrasi ya Congo- RDC,nico gitigiri ca mbere kinini mu myaka izo ntara zimaze zivugwawo intambara. | Mu ntara z'ubuseruko bwa Congo hari imigwi yitwaje ibigwanisho myinshi
Ubwicanyi n'ukunyuruza n'uwu mwaka birabandanya muri Kivu ya ruguru, ubwa vuba abantu nibura cumi bakaba barishwe mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira ku wakabiri. Abateye bakekwa ko ari abagwanyi ba ADF.
Mu kigwati ca Kelembo mu ntara ya Kivu ya ruguru, abo bantu barateye bitwaje imbugita, imipanga n'amasipiri(amapiki). Bahejeje kwica abantu baca barasahura ama boutique yabo.
Uwo mugwi nyene warishe abantu 13 wongera uraturira isengero mu ntara ya Ituri ku wamungu.
HCR ivuga ko abantu bagwa hagati y'impande zigwana muri iyo ntureka idahera.
Akenshi bagirizwa gukorana n'ingabo za reta ya Congo canke n'iyindi migwi.
ONU ivuga ko ibikorwa vyo kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri ino munsi vyagize ico bishikako gusumba muri kahise.
Ariko kubera ata bushobozi buhari bwo gucunga ahaba habohowe, inyeshamba ntiziteba kugaruka-zitoza amafaranga zitera n'akajagari.
|
amakuru-57132781 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57132781 | Israel - Gaza: Hamas yoba ifise inguvu zingana gute zo guhangana na Israel? | N'aho impande zompi zipfisha abantu, ibintu bikononekara mu ndyane zigenda ziba ndanse hagati y'imirwi y'abarwanyi b'abanyapalestina mu karere ka Gaza ku ruhande rumwe, hamwe n'igisirikare ca Israel ku rundi ruhande, iracari intambara hagati y'abatanganya inguvu. | Hamas n'iyindi mihari y'abarwanyi b'abanyapalestina muri Gaza bafise ubwoko butandukanye bwa misire
Israel niyo ifise inguvu nyinshi cane, mu gihe indege zayo z'intambara, za drone zikoreshwa mu ntambara hamwe n'inguvu zayo mu bijanye n'igendereza, biyiha ubushobozi bwose bwo gutera ahantu hose ishatse kandi igihe ishakiye muri Gaza.
Ibandanya ivuga ko itera mu bibanza bizwi vya gisirikare gusa, ariko bivanye n'uko abantu baba muri Gaza ari benshi, usanga ibirindiro vya Hamas n'abarwanyi b'idini rya Islam vyegereye hafi cane y'uturere tubamwo abantu, mbere vyinyegeje mu banyagihugu, ku buryo ibitero ivyo ari vyo vyose vyama bihitana abanyagihugu basanzwe.
Hagati aho, Hamas n'abarwanyi ba Islam, n'aho batanganya ubushobozi na Israel, nabo bafise ibirwanisho bibaha ubushobozi bwo gutera Israel. Baramaze kugerageza uburyo butari buke bw'intambara.
Mu misi iheze, Israel yarakoroye indege ya drone ishobora kuba yari iy'intambara, yariko igerageza kwinjira muri Israel ivuye muri Gaza.
Umuvugizi wa gisirikare wa Israel yavuze ko "ingabo zidasanzwe za Hamas" zagerageje kwinjira muri Israel ziciye mu mwobo wava mu karere k'ubumanuko bwa Gaza. Gusa, vyabonetse ko igisirikare ca Israel cari camaze kugabishwa, uyu muvugizi akavuga ko vyatumye iyi nzira yo mu kuzimu isambuka.
Israel ivuga ko za roketi ziharurwa mu bihumbi zatewe ziva muri Gaza kuva ku wa mbere mw'ijoro
Ariko ikirwanisho nyamukuru mu Banyapalestina ni ubwoko butandukanye bwa misire bafise zishobora gutera aho ari ho hose haba ku butaka canke mu mazi. Zimwe muri izi, zizwi ko zinjijwe muri Gaza mu kinyegero zicishijwe mu myobo iva mu karere ka Misiri, Sinai.
Hagati aho, vyinshi mu birwanisho vya Hamas n'abarwanyi ba Islam babihabwa n'ubushobozi bukomeye kandi budasanzwe bwo kwihingurira ibirwanisho bo nyene hagati muri Gaza.
Abahinga ba Israel n'abandi b'abanyamahanga bemeza ko Irani yafashije cane Gaza mu buryo bw'ubuhinga bujanye n'uguhingura ibi birwanisho. Nico gituma ibirindiro nyamukuru vyabangamiwe n'ibitero vy'indege za Israel vyari ububiko hamwe n'ibibanza bihingurirwamwo bino birwanisho.
Igisirikare ca Israel kimaze gukora ibitero vy'indege bitari bike mu kwihora Gaza ku bitero vyayo vya rokete
Kumenya ibitigiri nyezina vya misire Hamas intunze ni ibintu bidashoboka.
Ni ibihumbi n'ibihumbi vy'ibirwanisho vy'ubwoko butandukanye. Ariko ikigaragara ni uko igisirikare ca Israel coba gifise ibitigiri ngereranyo vy'ibi birwanisho ariko idashaka kwerekana. Ikintu conyene uyu muvugizi ashobora kuvuga, ni uko bemera ko Hamas ishobora kubandanya yihagazeko mu kiringo kitari gito.
Abanyapalestina bakoresha misire z'ubwoko butandukanye kandi zifise inguvu, zishobora kurasa kure kandi zishobora kwonona ibintu vyinshi.
Biragoye kumenya amazina yazo, ariko Hamas ifise ubwoko bwinshi butandukanye bwa misire zirasa hafi, nk'izizwi nka Qassam (zishobora gushika ku birometero cumi) hamwe na Quds 101 (zishobora gushika ku birometero 16km); izi zigashigikirwa z'izo mu bwoko bwa Grad (zishobora gushika ku birometewro 55); hamwe na Sejil 55 (nazo nyene zishobora gushika ku birometero 55km). Izi kumbure nizo zirwiriye cane mu birwanisho vya Hamas ariko kandi hatibagiwe na za mortiers nazo zica ziza zizunganira.
Hagati aho, Hamas irafise ubwoko butari buke bwa misire zishika kure, nk'izizwi nka M-75 (zishobora gushika ku birometero 75); Fajr (zishobora gushika ku birometero 100); R-160 (zishobora gushika ku birometero 120); hamwe n'izindi zizwi nka M-302 zishobora gushika ku birometero 200.
Ibi vyose rero vyerekana ko Hamas ifise ibirwanisho bishobora gushika i Jerusalem na Tel Aviv, kandi zikabangamira akarere kose gahana urubibe na Gaza gasanzwe kabamwo abanyagihugu benshi ba Israel kandi karimwo inyubakwa zikomeye z'igihugu.
Ibirwanisho vyo gukingira ikirere bizwi nka Iron Dome vyasamburiye mu kirere za rokete zitari nke zitarashika hasi
Uyu muhari w'abanyapalestina usanzwe urongoye akarere ka Gaza uragaragara ko ufise ibihumbi n'ibihumbi vya misire zishobora gushika ku ntera zitandukanye ku buryo ishobora kurasa mu bice bitandukanye vya Israel.
Hagati aho, iyi mishamirano iriko irerekana aho ubushobozi bwa Hamas bugera.
igisirikare ca Israel kivuga ko muri misire zirenga 1000 zatewe mu misi itatu ya mbere, 200 muri zo zitashobore kurengana akarere ka Gaza ko nyene ubwako, kumbure ibi bikerena ko ibirwanisho bo nyene bihinguriye bitaba bifise ubushobozi nyabwo.
Kivuga ko 90% za misire zose zashoboye gushika muri Israel zasamburiwe mu kirere n'ibirwanisho vyo gukingira ikirere bizwi nka Dôme de fer (Iron Dome).
|
amakuru-48077545 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48077545 | Akanama gahuriwemo n'igisirikare n'abatavuga rumwe na leta muri Sudani kakoze inama bwa mbere | Akanama gahuriwemo n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Sudani ndetse n'abahagarariye igisirikare kiyoboye iki gihugu muri iki gihe, kari mu nama ya mbere kuri uyu wa gatandatu, mu biganiro bigamije kwiga uko leta igizwe n'abasivile yo mu bihe biri imbere izaba iteye ndetse n'inshingano zayo. | Abaturage bari gusaba ko habaho amavugurura muri Sudani nyuma y'imyaka hafi 30 y'ubutegetsi bwa gisirikare
Amatsinda y'ingenzi atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Sudani yagennye amazina 12 y'abantu bo kujya mu kanama kayoboye iki gihugu by'inzabacyuho hamwe n'abahagarariye igisirikare.
Barimo abazwi cyane nka Omar el-Digier, umukuru w'ishyaka rya Sudanese Congress Party na Mariam Al Sadiq, umukobwa w'uwahoze ari minisitiri w'intebe Sadiq Al-Mahdi.
Ishyirahamwe rikomeye ry'abakozi bo muri iki gihugu, ry'ingenzi mu bateguye imyigaragambyo, rihagarariwe na Mohamed Nagy al-Assam.
Ingingo y'ingenzi mu ziganirwaho ni igihe inzibacyuho yagombye kumara mbere yuko amatora aba - hari ukutavuga rumwe ku kuba yagombye kumara imyaka ibiri cyangwa imyaka ine.
Iri shyirahamwe ry'abakozi bo muri iki gihugu rivuga ko hacyenewe igihe kirekire kurushaho cyo kubaka inzego z'ubutegetsi nyuma y'imyaka hafi 30 y'ubutegetsi bwa Omar al-Bashir wahiritswe n'igisirikare ku itariki ya 11 y'uku kwezi kwa kane nyuma y'imyigaragambyo.
Ariko igisirikare cyo ntigikozwa icyo gitekerezo.
Hari n'ibibazo birikwibazwa ku ngano y'uruhare igisirikare gikwiye kugira mu kanama ko ku rwego rwo hejuru kagamije ubusugire bw'igihugu, ndetse niba abasivile bahabwa ubushobozi bwo kugenzura inzego z'umutekano.
|
amakuru-40384700 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40384700 | Abatanzaniya biyamirije Magufuli ku kubuza abigeme bavyaye kwiga | Abatanzaniya benshi biyamirije amajambo Prezida John Magufuli yashikirije avuga ko abakobwa biga bavyaye badakwiye kwemeregwa gusubira mw'ishuli. | John Magufuli yavuze ko abanyeshuli b'abakobwa bavyaye batokurikira neza mw'ishuli
Hari urwandiko rwacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rusaba Prezida kuvuguruza ivyo yashikirije.
Bwana Magufuli yagabishije abigeme biga mu gikorane ku munsi wa mbere ati: "Umaze gutwara inda, biba biheze."
Itegeko ryo mu 2002 rivuga ko abakobwa batwaye inda baca birukanwa.
Niburiburi abigeme 8000 b'abatanzaniya baraheba ishuli kubera ugutwara inda nkuko Human Rights Watch ivuga
Iryo tegeko rivuga ko abo bigeme birukanwa mw'ishuli ku "vyaha bishingiye ku muco" hamwe "n'ukwubaka".
|
amakuru-40991997 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40991997 | Igitero ku barwanyi ba ISIS i Tal Afar muri Irake catanguye | Igisirikare ca Irake hamwe n'imigwi igifasha bagavye igitero gikomeye mu muji wa Tal Afar uri mu buraruko, ku birindiro vy'abarwanyi b'umugwi wiyita "Leta ya Islam". | Abasirikare barwanira ku butaka binjira Tal Afar baciye mu nzira nyinshi
Uwo muji ni umwe mu bibanza bike "Leta ya Islam" igifisemwo ibirindiro bikomeye mu gihugu ca Irake.
Aho yatangaza intango y'ico gitero, umushikiranganji wa mbere wa Irake, Haider al-Abadi yavuze ko abarwanyi bategerezwa guhitamwo hagati yo kwishikana no gupfa.
Vyibazwako uwo mugwi ufise abarwanyi bashika ku bihumbi bibiri muri uwo muji.
Leta ya Islam yabwiwe guhitamwo kwishikana canke gupfa
Bari bamaze iminsi bagabwako ibitero vy'indege, ubu naho abasirikare barwanira ku butakaba bakaba bariko baraza baciye mu mpandi nyinshi.
Benshi mu banyagihugu b'i Tal Afar baramaze guhunga, ariko vyibazwa ko abashika ku bihumbi mirongo ine boba ariho bakiri.
|
51386938 | https://www.bbc.com/gahuza/51386938 | Rwanda: Abareganwa n’umunyamakuru Phocas Ndayizera bose bahakanye ibyaha bari bemeye | Yves Bucyana/BBC Gahuzamiryango - i Nyanza
Mu rugereko rwihariye rw'urukiko rukuru ruburanisha ibyaha by'iterabwoba n'ibyambukiranya imipaka, itsinda ry'abareganwa n'umunyamakuru Phocas Ndayizera uyu munsi bahakanye ibyaha baregwa mu gihe mu rukiko rw'ibanze no mu bugenzacyaha babyemeraga. | Umunyamakuru Phocas Ndayizera(ufite icupa ry'amazi) na Karangwa Eliaquim inzobere mu ikoranabuhanga
Aba bagabo 13 bararegwa ibyaha by'iterabwoba bikubiye mu mugambi wo gukoresha ibiturika bagasenya inyubako za Leta mu rwego rwo kwerekana ko igihugu kitarimo umutekano.
Mu iburanisha riheruka mu kwezi gushize, humviswe Phocas Ndayizera umunyamakuru wigenga, wahakanye ibi byaha avuga ko yari yabyemeye mbere kubera iyicarubozo yakorewe mu bugenzacyaha.
Uyu munsi Karangwa Eliaquim, umuhanga mu ikoranabuhanga, niwe wahawe umwanya mbere, ashinjwa gukoresha ubuhanga bwe mu gutegura intambi ziturika zizakoreshwa muri uwo mugambi.
Ibyo biturika ubushinjacyaha buvuga byafatanywe Ndayizera, byagaragajwe ubwo yerekanwaga ko afunze, hari hashize hafi ibyumweru bibiri aburiwe irengero.
Karangwa yahakanye ibi byaha yari yemeye mbere, avuga ko yabyemeye kubera ko yari ahantu atazi, apfutswe igitambaro mu maso.
Yabwiye urukiko ko mu rwego rw'ubugenzacyaha(RIB ) bamusabye gushinja Phocas Ndayizera ko atunze ibisasu n'ibindi biturika, kandi ko namushinja we azarekurwa.
Ubushinjacyaha buvuga ko uyu mugambi abaregwa bateguraga wari ukuriwe na Cassien Ntamuhanga, uyu araburanishwa muri uru rubanza nk'uwatorotse ubutabera.
Karangwa yavuze ko mu ikoranabuhanga, yakoze imishinga ibiri yo kurinda abantu n'ibyabo akayereka leta akanayiherwa ibihembo bibiri ku rwego rw'igihugu n'urw'akarere k'Afurika y'iburasirazuba.
Avuga ko umushinga yariho akorana na Phocas Ndayizera ari uwo gukora imashini yuhira ikanakora ifumbire, ku kazi bahawe n'umunyakenya wabishyuye $600 ku $1500 bari bumbikanye y'ibanze.
Karangwa yahakanye ko ayo madorari yayohererejwe na Ntamuhanga nk'uko yari yabyemereye ubugenzacyaha.
Yabwiye urukiko ko yabyemeye azi neza ko afite ibimenyetso azereka urukiko by'uwayamwoherereje.
Ku murongo wa mbere iburyo hari Phocas Ndayizera na Karangwa iruhande rwe, aha ni mu rukiko rwa Nyanza mu mwaka ushize
Uwunganira Karangwa yabwiye urukiko ko nta kimenyetso na kimwe ubushinjacyaha bufite cyerekana umugambi w'umukiriya we na Ndayizera wo kugirira nabi ubutegetsi.
Avuga ko nta n'amasezerano agaragara yaba yarabayeho hagati y'umukiriya we na Cassien Ntamuhanga.
Mu bandi bireguye Niyihoze Patrick niwe wenyine wabwiye urukiko ko yavuganaga na Ntamuhanga Cassien kuko amuzi nka mwarimu we mu mashuri abanza.
Avuga ko nyuma y'uko Ntamuhanga ahunze yamuhamagaye akamusaba gushaka urundi rubyiruko rushaka akazi.
Niyihoze avuga ko Ntamuhanga yamuhuje n'umugabo wo muri Uganda bagombaga guhurira i Nyagatare
Mu rugendo ajyayo ngo nibwo yafashwe na RIB, bamubwira ko bari bamujyanye mu barwanyi b'umutwe wa RNC.
Gusa Niyihoze yavuze ko we yagiye nk'ushaka akazi atari azi ako kazi.
Uru rubanza rukazakomeza ku matariki 8 na 9 z'ukwezi kwa kane.
|
amakuru-36865327 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-36865327 | Ubwaku bw'inkoko burakinga malaria | Woba uzi akandi kamaro k'inkoko uretse guta amagi, kuyirya canke kuguha umwavu? | Ubushakashatsi bwerekana ko ubwaku bw'inkoko bwirukana imibu itera malaria
Woba utinya kwandura ingwara ya malaria?
Ni waba koko ubitinya, noguhanura kworora inkoko!
Ubushakashatsi bwerekana ko ubwaku bw'inkoko bushobora kukurinda kwandura ingwara ya malaria.
Abashakashatsi bo mu gihugu ca Ethiopia bafashanije n'abo mu gihugu ca Suede, baherutse gutora ko imibu ifise imigera itera malaria ikora uko ishoboye mu kwigira kure ahari ubworozi bw'inkoko.
Mw'igerageza rimwe mu yandi yakozwe, bafashe inkoko ikomeye bayishira iruhande y'umuntu yipfutse umusegetera.
Mw'igerageza rimwe mu yandi yakozwe, bafashe inkoko ikomeye bayishira iruhande y'umuntu yipfutse umusegetera.
Ariko ntibiramenyekana ikintu gituma ubwako bw'inkoko bwirukana imibu.
Mu mwaka uheze, abantu 400.000 baritavye Imana bazize ingwara ya malaria ku mugabane wa Afrika, nk'uko biri mu cegeranyo ca Onu.
N'aho igitigiri c'abapfa n'abandura ingwara ya malaria kibandanya kumanuka, abahinga babandanya kugira ubushakashatsi bwo kurondera ingene iyo ngwara boyituza ubutakigaruka.
Ubwo bushakashatsi bwanditswe mu kinyamakuru "Malaria" buvuga ko umubu winukiriza umuntu imbere yo kumurya.
Mwigerageza rigira kabiri, abahinga bariko baragerageza ubwaku bw'inkoko mu gukora urucanco rwo kwikingira iyo mibu itera malaria.
Habtie Tekie wo kuri kaminuza ya Addis Abeba, mu gihugu ca Ethiopia, avuga ko uwo mugambi ubandanya kandi ko bishoboka ko igeragezwa ry'urwo rucanco ruba vuba.
Imbere yo kurya umuntu, imibu itera malaria ibanza kumwinukiriza
Abashakashatsi bo muri kaminuza y'uburimyi yo mu gihugu ca Suede, baragize uruhara muri ubwo bushakashatsi.
Vyaragaragaye ko igitigiri c'imibu cagabanutse cane ku bice vyinshi kw'ijana, ahantu hose hari ibihimba vy'inkoko, yaba ari amoya canke ibindi bice vy'ayo.
Abahinga bavuga ko, bikenewe ko ubushakashatsi bubandanya bwo kurondera ingene imibu yotuzwa, kuko gushika ubu hari ibimenyetso vyerekana ko malaria itumva imiti iriho ubu.
|
amakuru-46403840 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46403840 | Mu Bufaransa integuro y'itegeko rihasha abahohotera abana | Abatunganije iyo nteguro bakanayimenyekanisha, bavuga ko hafi abavyeyi 9 kuri 10 bagihana abana mu kubakubita.. | Iyo nteguro y'itegeko rihasha "guhana umwana umukubita ukanamumaramaza" rifise intumbero y'uko ubutegetsi bw'umuvyeyi budafatira ku ngimba.
Ubu iyo nteguro igiye mu nama nkenguzamateka.
Integuro y'itegeko nk'iyi yari yarigeze naho ataho yashitse, ariko ivyo bihano ku bana vyarakuwe ho mu mashure.
Abashingamateka b'aba faransa 51 nibo batoye bemeza integuro y'iryo tegeko, umwe ararihakana.
Ayo matora yabaye inyuma y'uguharira kwamaze amasaha menshi mw'ijoro.
Umushingamateka Maud Petit, niwe yatanze iyo nteguro y'ibwirizwa.
Yavuze ko intumbero y'iryo bwirizwa ihagaze ku nyigisho.
Uwo mushingamateka Maud yasiguye ko igikuru ari ugushigikira ikibano kigahindura ingene kibona ico kibazo.
Nk'uko bikorwa n'ayandi ma leta ya Bulaya, u Bufaransa burahana ihohotera ry'abana.
Ariko ubu, u Bufaransa buha burekurira abavyeyi guha indero abana babo kuva ku rugero rwo hasi.
Ku bigenga indero yo hasi, n'uguhana ihohotera ry'abana, vyarekewe sentare ngo zifate ingingo.
Abamenyeshamakuru bavuga mwen'izo ngingo zifatirwa muri sentare ku bibazo vyo mu kibano, zikunze gutera izindi mpari.
Ku ndwi iheze, abantu bane bo mu muryango umwe barahagaritswe.
Vyabaye inyuma y'uko agahungu k'imyaka icenda gakubiswe gushika aho kitaba Imana, mu gisagara ca Mulhouse kiri mu buseruko bw'u Bufaransa.
Inkuru zitangwa n'igipolisi zivuga ko uwo mwana yakubiswe inkoni y'umukubuzo, kuko yanse gukora udukorwa two kw'ishure.
Iyo nteguro y'itegeko hamwe yokwemezwa n'inama nkenguza mateka, U Bufaransa buzoba bubaye igihugu ca 55 mu guhasha ibihano bifatiye kw'ikubagura ry'abana.
|
amakuru-53763442 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53763442 | Coronavirus: Ko 'urukingo ruri hafi', ni gute isi izakingira abantu miliyari zirindwi? | Ku isi hari amatsinda menshi ari kugerageza gukora urukingo rwabasha gukingira umubiri Covid-19. | Uducupa tw'ibirahure twifashishwa mu buvuzi
Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza Boris Johnson avuga ko urukingo rwayo ari "ikintu kiri gushakishwa cyane kurusha ibindi muri ibi bihe byacu".
Ariko uretse siyansi n'ikoranabuhanga ryo kurushakisha, abantu baranibaza uko miliyari zirindwi z'abatuye isi zizarubona.
Mu Bwongereza, uyu muhate uri gukorerwa cyane cyane muri Harwell Science Campus, mu kigo cyahoze ari icy'ingabo zirwanira mu kirere kiri ahitwa Oxfordshire.
Amatsinda y'Abashinwa, Abongereza, Abanyamerika, avuga ko bari mu kugerageza ku bantu urukingo bamaze kubona, igice gishyira icya nyuma.
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin we aherutse kwemeza ko urukingo barubonye, nubwo kugeza ubu rutaremezwa n'ishami ry'umuryango w'abibumbye rishinzwe ubuzima ku isi.
Matthew Duchars wo mu kigo gishya cy'Ubwongereza cyo gukora inkingo 'Vaccines' Manufacturing and Innovation Centre' (VMIC) avuga ko igihe ubundi gikoreshwa mu gukora urukingo ubu bakigabanyijemo kabiri.
Ati: "Mu gihe twateganyaga ko uru rukingo rwaba rutunganye mu mpera za 2022, ubu twizeye ko ruzaba ruhari mu 2021".
'Ni nko guteka umutsima'
Bwana Duchars nta kiruhuko cy'impeshyi azajyamo, akazi ni kenshi mu ntego yo kugera kuri uru rukingo vuba, ahora avugana n'abashakashatsi bari muri uyu murimo.
Ati: "Ni igihe gikomeye cyane atari ku gihugu cyacu gusa ahubwo no ku isi yose, kubasha gukora ubu bwoko bw'inkingo zizewe kandi vuba.
"Ni ugukoresha uburyo bumwe - ni nko guteka umutsima (cake/gateau)mu rugo. ushobora kumara amasaha uwutegura ariko ubu tugomba gutegura miliyoni 70 zayo kandi yose ikaba itunganye, urebye ntibyoroshye".
Ibyo ni agace gatoya.
Kubaka ikigo cy'Ubwongereza cyo gukora inkingo (VMIC) byarihutishijwe cyane
Kaminuza ya Oxford ubu yamaze gutegura laboratoire zidahoraho, aho izatuburira urukingo rwayo, na mbere y'uko igerageza ryarwo riri gukorwa ku isi bamenya ibivuyemo.
Birumvikana neza ko abari kurushaka ubu nibarugeraho bizakenera ko bakora ingano (dose) igera kuri za miliyari, kurugeza ku bantu no kurubatera ku isi hose.
Ishyirahamwe mpuzamahanga ry'inkingo - Gavi - riri gusaba ibihugu gutangira ubu byitegura kurugeza ku bantu.
Ariko ntibyoroshye ko ibihugu byose bikorana, kuko ibihugu bikize byo byatangiye kuvugana na za kompanyi ziri hafi kugera ku rukingo, ngo niruboneka bizahite bibona uruhagije.
Kurenga inyungu bwite
Seth Berkley, ukuriye ishyirahamwe Gavi, avuga ko imwe mu mbogamizi ikomeye afite ari "ibihugu bishyize imbere inyungu zabyo cyane ku rukingo".
Ati: "Ntekereza ko ibihugu byose bikwiye gutekereza mu buryo bw'isi yose, cyane cyane kuko aricyo kintu gikwiriye".
Bwana Berkley yongeraho ati: "Niba mu bihugu muturanye hari virusi nyinshi, nawe ntuzasubira mu bucuruzi cyangwa mu ngendo z'abantu uko bisanzwe. Ni ingenzi cyane rero kumva ko tudatekanye, igihe n'abandi bose badatekanye".
Igerageza ry'urukingo rwa kaminuza ya Oxford muri South Africa
Uretse uko urukingo ruzagera no ku bihugu biri mu nzira y'amajyambere, Bwana Berkley agomba no gutekereza ku gukwirakwiza urukingo, harimo nko kwibaza niba ku isi hari uducupa twabugenewe duhagije two kurutwaramo.
Mu gihe gishize havuzwe ibibazo mu gukora ibikoresho byo mu buvuzi bikoze mu kirahure.
Bwana Berkley ati: "Nabyo biduteye impungenge, byatumye dusaba ko hakorwa uducupa tujyamo 'dose' miliyari ebyiri, uwo ni umubare wa 'dose' twizeye ko uzaba warabonetse mu mpera za 2021."
Niba utwo ducupa dukozwe mu kirahure ari ikibazo gikomeye, ubwo n'ibyuma bikonjesha (fridges/frigo) byabugenewe nabyo ni ikibazo, kuko inkingo nyinshi zibikwa mu bukonje.
Rugomba guhora rukonje
Prof Toby Peters, inzobere mu byo gutwara ibintu bikonje muri kaminuza ya Birmingham, ari gufasha amashyirahamwe nka Gavi gutekereza uko bakongera ibyuma bikonjesha mu bihugu biri mu nzira y'amajyambere.
Agira ati: "Ntabwo ari frigo y'urukingo gusa, ni n'ibindi byinshi; ibikoresho birutwara bigenda mu ndege, imodoka zirutwara mu bubiko, na za moto cyangwa abarujyana aho rutererwa abantu. Ibyo byose ni ibintu bigomba gukorwa mu buryo buzira amakemwa".
Utundi ducupa twinshi cyane nk'utu turacyenewe cyane - ndetse na za frigo zo kutubikamo
Prof Peters avuga ko amaze igihe avugana na kompanyi nini zikora ibiribwa n'ibinyobwa ngo arebe niba zatiza ibikoresho byazo bikonjesha bigafasha muri uyu mushinga munini cyane.
Kugira ngo uru rukingo rutangwe mu buryo bushoboka, ibihugu bizakenera gutegura abihutirwa bagomba kurubona mbere y'abandi.
Ni bande barufata mbere?
Dr Charlie Weller, ukuriye gahunda y'inkingo mu kigo cy'Ubwongereza Wellcome Trust, avuga ko bigiye kuba ngombwa ko ibihugu byibaza ibi ibibazo.
Ati: "Ni inde ukeneye uru rukingo? Ni irihe tsinda ry'abantu rigeramiwe cyane? Ni bande barucyeneye cyane kurusha abandi? Kuko icyo tubona neza ni uko ikiciro cya mbere cyo gukingira kizaba iyanga, bizasaba rero guhitamo abaruterwa mbere".
Yewe no gutera urukingo nk'uko bisanzwe bizaba bigoye.
Urugero nk'Ubwongereza, buri kureba uburyo ahantu hasanzwe hifashishwa nk'ibiro by'amatora nk'ahantu hafatirwa uru rukingo. Ibi bishobora kugora ibihugu bisanzwe bikennye.
Dr Weller avuga ko bizaba ari ingenzi ko ibihugu biba bisanganywe urwego rw'ubuzima rukomeye, rufite abakozi bafite ubuhanga mu gukingira ikiciro cy'abantu runaka.
Abahanga muri siyansi bizeye neza ko hari urukingo rugiye kuboneka. Ariko benshi muri bo bavuga ko barajwe ishinga n'ibikeneye gukorwa niruboneka kugira ngo rugere kuri miliyari z'abatuye isi.
|
amakuru-38236133 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38236133 | Umuhuza w'abarundi Benjamin Mkapa yitezwe i Bujumbura | Umuhuza mu biganiro vy'abarundi bibera hanze Benjamin William Mkapa aritezwe mu Burundi kuri uyu wa gatatu. | Prezida Pierre Nkurunziza ari kumwe n'umuhuza w'abarundi prezida Benjamin Mkapa
Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania bitegekanijwe ko azobonana n'abarongoye igihugu, abanyepolitike, n'abaserukira ibihugu vyabo.
Aje gutegura iyindi nama y'ibiganiro binbera hanze . Iya nyuma yaheruka yabereye i Arusha muri Tanzania. Gushika ubu hagumye impari ku kibazo c'abotumirwa muri ivyo biganiro.
Leta y'Uburundi ivuga ko hari abo badashobora kwicarana kuko baronderwa n'ubutungane ku ruhara bagize mu migumuko no mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.
Bamwe muri abo bari muri CNARED , urunani rushingiye hanze y'igihugu rurimwo bamwe mu ndongizi z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.
Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD uvuga ko ibiganiro bibera hanze bikwiye gutahukanwa mu Burundi bikunganira i vyo mu gihugu hagati bigeze ku ntambwe yanyuma. Ivyo navyo hari ababinegura bavuga ko bihuza abiyumva mu butegetsi bwa leta gusa.
Intumwa z'abarundi zitavye ibiganiro vy'abarundi i Arusha muri Tanzania itariki 21 z'ukwezi kwa gatanu mu 2016
Benjamin Mkapa yagenywe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya africa y'uberuko mu mpera za 2015 kugira yunganganire umukuru wa Uganda Kaguta Museveni mu guhuza abarundi ku bibazo vyandurutse ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.
|
36254955 | https://www.bbc.com/gahuza/36254955 | Ubufaransa buraburanisha Abanyarwanda 2 | Tito Barahira na Octavien Ngenzi bompi bagirizwa jenoside n'ibindi vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, vyakorewe abatutsi bagera ku 2000 bari bahungiye mw'isengero ya Kabarondo. | Amwe mu mafoto y'abahitanywe na jenocide aboneka mu rwibutso rwa Kigali
Abo bagabo bompi barahakana ivyaha baregwa.
Tito Barahira, yafatiwe i Toulouse aho yari asanzwe aba mu 2013, nayo Octavien Ngenzi yafatiwe mw'izinga rya Mayottes mu 2010.
Uru rubaye urubanza rugira kabiri Ubufaransa bugiye kuburanisha mw'ido n'ido muri sentare idasanzwe yo mu Bufaransa ku caha ca jenoside yakorewe mu Rwanda.
Abo bagabo bompi bari basanzwe barakatiwe gupfungwa burundu batahari na sentare yo mu Rwanda.
|
amakuru-39514436 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-39514436 | Prezida mushasha wa Somalia yiteguye kugwanya Al-Shabab | Umukuru w'igihugu mushasha wa Somalia Mohamed Abdullahi Farmajo yavuze ko agiye kugwanya umurwi Islamu al-Shabab, ingingo ikomeye afashe mu mezi ane amaze ku butegetsi. | Prezida mushasha wa Somalia azwi cane kw'izina rya Farmajo, bisigura iforomaji mu gitaliyano
Yavuze ko atanze ikigongwe ku kiringo c'iminsi 60, kugira ngo abagwanyi bishikane, munyuma bahabwe ikarishabwenge, akazi, abandi baje mu mashule.
Amenyesheje ivyo inyuma y'igitero c'umwihevyi iruhande y'inyubakwa ya leta ku mugwa mukuru Mogadishio, cahitanye abantu indwi, hamwe n'ibimaze iminsi bijanye no kunyuruza abakozi bo mu mashirahamwe y'abagiraneza.
"Ibitero vy'iterabwoba vyarabaye ndanse kandi inteko z'igihugu za Somalia ziri magabo, ngo zigwanye abatuma haba umutekano muke n'iterabwoba", niko yavuze.
Yavuze ko yahinduye bamwe mu bakozi bo hejuru mu gisata c'iperereza n'ic'igipolisi, kugira ngo igihugu citegurire guhangana n'abo bagwanyi.
|
amakuru-42545598 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42545598 | Uganda: Museveni yemeje itegeko rikura ivy'imyaka ku ba Perezida | Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yashize umukono ku tegeko rihanaguza ikibazo c'imyaka kuri uwo wese yoba arondera kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu. | Iryo tegeko rishobora gutuma Museveni arongora igihugu gushika mu 2031
Mw'ijambo yashikirije yipfuriza umwaka mushasha, yarashimiye abashingamateka 300 b'umugambwe uri ku butegetsi "National Resistance Movement" (NRM) abagereranya n'incungu z'igihugu, mu kuba batumye iryo tegeko ryemezwa.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bo bavuga ko abo bashingamateka bakunda inda, ko batazi ingaruka y'ingingo bashigikiye.
Iryo tegeko umukuru w'igihugu yashizeko umukono, rigiye gutangazwa ku mugaragaro ribone gutangura gushigwa mu ngiro.
Hagataho hari imigwi itandukanye yiteguye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, ngwihagarikishe iryo tegeko.
|
amakuru-47716918 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47716918 | Ubutaliyani bwemereye ubwenegihugu Ramy Shehata, umwana w'umuhungu waburijemo igitero ku modoka | Matteo Salvini, minisitiri w'intebe wungirije w'Ubutaliyani, yavuze ko umwana w'umuhungu w'umunyeshuri warokoye bagenzi be mu gitero bivugwa ko cyari cyagabwe n'umushoferi w'imodoka ya bisi yari atwaye irimo abo banyeshuri azahabwa ubwenegihugu bw'Ubutaliyani. | Ramy w'imyaka 13 y'amavuko, yashimiwe guhamagara polisi atabaza, bituma nta bantu bicwa
Ramy Shehata w'imyaka 13 y'amavuko, yatabaje yifashishije telefone ye igendanwa yari yahishe ubwo uwo mushoferi yari amaze kwaka bagenzi be telefone zabo.
We na bagenzi be 50 bashoboye gusohorwa na polisi muri iyo modoka mbere yuko ikongezwa hafi y'umujyi wa Milan.
Ibiro ntaramakuru Ansa by'Ubutaliyani bitangaza ko Bwana Salvini yavuze ko uwo muhungu akwiye gushimirwa kubera ibikorwa bye by'ubutwari.
Yagize ati: "Ni byo Ramy ahabwe ubwenegihugu kuko ni nkaho ari umuhungu wanjye kandi yagaragaje ko asobanukiwe indangagaciro z'iki gihugu".
Matteo Salvini, minisitiri w'intebe wungirije w'Ubutaliyani, yemeye ko Ramy Shehata ahabwa ubwenegihugu bw'Ubutaliyani
Amakuru avuga ko Ramy ufite se wimukiye mu Butaliyani mu mwaka wa 2001 akomotse mu Misiri, yavukiye mu Butaliyani ariko akaba atarigeze na rimwe ahabwa ibyangombwa by'iki gihugu.
Bijyanye n'amategeko y'Ubutaliyani, abana bavutse ku babyeyi b'abimukira ntabwo baba bemerewe guhabwa ubwenegihugu bw'Ubutaliyani mbere yuko buzuza imyaka 18 y'amavuko.
Mu cyumweru gishize ni bwo abategetsi babwiye Ramy ko azahabwa ubwenegihugu bw'Ubutaliyani, ariko amakuru avuga ko Bwana Salvini, umukuru w'ishyaka rirwanya abimukira, yari akigononwa ku kuba harengwa ku byo amategeko asanzwe ateganya hanyuma Ramy agahabwa ubwo bwenegihugu.
Bwana Salvini yari yavuze ko hagikenewe kugenzurwa uburyo Khaled Shehata, se wa Ramy, yageze mu Butaliyani mbere yuko hafatwa umwanzuro.
Ariko nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru Il Fatto Quotidiano cyo mu Butaliyani, ku munsi w'ejo ku wa kabiri Bwana Salvini yumvikanye nk'uwahinduye aho yari ahagaze, avuga ko amategeko ajyanye n'abimukira "ashobora kurengwaho" kubera "ibikorwa by'ubutyoza cyangwa umwete".
|
amakuru-48687573 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48687573 | Inzovu yakomerekejwe 'yishe abantu babiri' muri Liberia | Inzovu yakomerekejwe yahise irubira mu cyaro cyo mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Liberia, yica umugabo w'imyaka 58 y'amavuko n'umuhungu we, nkuko byatangajwe na radio yo muri iki gihugu. | Inzovu ni inyamaswa zifite ibyago byo gushiraho muri Liberia, ariko barushimusi baracyazihiga mu bice byitaruye (ifoto yo mu bubiko)
Bigaragara ko iyo nzovu yari yarashwe na barushimusi mu mashyamba y'inzitane yo mu karere ka Gbarpolu, ubwo yagendaga muri ayo mashyamba, ihura n'umugabo ihita imwica ako kanya.
Umuhungu w'uwo mugabo, wari wagiye gushakisha se nyuma yo kuburirwa irengero, na we yaje gupfubirana n'iyo nzovu na we iramwica.
Ubusanzwe inzovu si inyamaswa y'inyamahane, gusa ishobora gusagarira icyo ibonye cyose mu gihe yahungabanyijwe.
Ikinyamakuru Live Science kivuga ko inzovu nkuru, mu ziba muri Afurika, ishobora kugira uburebure buri hagati ya metero 2,5 na metero 4, n'uburemere buri hagati ya toni 2,5 na toni 4.
|
amakuru-56331291 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56331291 | Tyler Perry: Umuherwe w'Umunyamerika wahaye Meghan na Harry icumbi 'ku buntu' | Mu kiganiro bagiranye na Oprah Winfrey, Harry n'umugore we Meghan bavuze ko - nyuma yo guhagarikirwa ubufasha n'umuryango w'ibwami - hari umuherwe w'Umunyamerika Tyler Perry wabahaye inzu yo kubamo n'umutekano wabo i California mu mwaka ushize. | Harry na Meghan bagiranye ikiganiro na Oprah Winfrey
Tyler Perry ntabwo aratangaza ku mugaragaro icyatumye afasha Meghan na Harry.
Tyler Perry ni inde? Ni gute yabaye umuherwe?
Ni umugabo w'imyaka 51 uzwi cyane mu gukora za filimi, kuba umunyarwenya, umukinnyi wa cinema n'umwanditsi wazo.
Filimi ze n'ibiganiro kuri televiziyo byamuhaye izina rikomeye muri Amerika, cyane cyane mu birabura b'Abanyamerika.
Mu 2015, yubatse studio zo gutunganyirizamo film ku buso bwa hegitari 134 i Atlanta muri Georgia, afasha uwo mujyi guhinduka ahantu ho kujya gutunganyiriza filimi.
Umwaka ushize, ikinyamakuru Forbes cyatangaje ko yageze ku rutonde rw'abantu batunze za miliyari z'amadorari.
Mu mezi macye ashize yavuzweho cyane ubwo yatangazaga ko ageze "mu bihe bigoye", atangaza ko yatandukanye n'umukunzi we Gelila Bekele, bari bamaranye igihe kirekire, banafitanye umwana we umwe.
Yanditse kuri Instagram ati: "Ku myaka 51, nta mukunzi ndibaza uko ejo hanjye hazaba hameze. Uko byamera kose ngiye kugendana n'Imana, mbe umubyeyi mwiza bishoboka, mpagarare nemye..."
Yongeraho ati: "Muri iyi si irimo umubabaro mwinshi, gerageza kumera neza!"
Ni gute yafashije Harry na Meghan?
Prince Harry na Meghan Markle mu ntangiriro y'umwaka ushize batangaje ko baretse imirimo yose n'amazina y'ibwami mu Bwongereza, ndetse bava mu ngoro y'umuryango w'ibwami bimukira muri Canada.
Bavuga ko babitewe n'uko bafatwaga n'abandi bamwe mu bagize uwo muryango ndetse n'uko bimwe mu bitangazamakuru byo mu Bwongereza byabibasiraga.
Tyler Perry yabahaye aho kuba - bivugwa ko ari ku buntu - muri imwe mu nzu ze z'igitangaza muri Hollywood ndetse yakoresheje abashinzwe umutekano be ubwo aba bombi bavaga muri Canada, nk'uko Harry na Meghan babitangaje mu kiganiro bagiranye na Oprah.
Aba bombi, bavuga ko bafashe icyemezo cyo kuva muri Canada kuko inzu bari batuyemo kuri kimwe mu birwa byo muri Vancouver mu burengerazuba bwa Canada, yari imaze kumenywa n'abantu benshi.
Muri icyo kiganiro Meghan yagize ati: "Nta yindi gahunda twari dufite. Twari dukeneye inzu, na we [Tyler Perry] aduha n'umutekano we, rero byaduhaye ahantu ho guhumekera ngo turebe ikindi dukora."
Tyler Perry ntabwo aratangaza ku mugaragaro icyatumye afasha Meghan na Harry
Harry yagize ati: "Ikibazo gikomeye twagize muri Canada, mu nzu y'undi muntu, nabwiwe ntunguwe ko umutekano bagiye kuwutuvanaho.
"Rero ako kanya byarangaragariye ndavuga nti; uzi n'ikindi, imipaka ishobora gufungwa, umutekano wacu ugiye kuvanwaho, ni inde uzi igihe 'lockdown' izamara', isi yose izi aho turi, si byiza, ntihatekanye, twari ducyeneye kuhava."
Harry na Meghan bavuga ko nyuma bafashe icyemezo cyo gutura muri California, bagura inzu ahitwa Montecito.
|
amakuru-45319742 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45319742 | Ishyaka rya Jean-Pierre Bemba rigiye kujuririra icyemezo cyo kumukura ku rutonde rw'abakandida-perezida | Nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru AFP, ishyaka rya Jean-Pierre Bemba wahoze ari umukuru w'inyeshamba akaba na Visi-Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, ku wa gatandatu ryatangaje ko rizajuririra icyemezo cy'akanama k'amatora cyo ku mukuru ku rutonde rw'abakandida-perezida. | Jean-Pierre Bemba ubwo yagiranaga ikiganiro n'abanyamakuru mu kwezi kwa karindwi ari i Buruseli mu Bubiligi, mbere yo gusubira muri Kongo
Ni amatora ateganyijwe ku itariki ya 23 y'ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka.
Ku wa gatanu nijoro, akanama k'amatora kakuye Bwana Bemba kuri urwo rutonde gashingiye ku kuba "yarakatiwe n'urukiko mpuzamahanga mpanabyaha" mu kwezi kwa gatatu muri uyu mwaka wa 2018 ku cyaha cyo guha ruswa abatangabuhamya.
Icyo gihe urukiko rwamukatiye gufungwa umwaka umwe ndetse acibwa n'amande y'ibihumbi 300 by'ama-euro.
Ariko uru rukiko rufite icyicaro i La Haye mu Buholandi, rwisubiyeho ku mwanzuro waryo wari wahamije Bwana Bemba ibyaha by'intambara, nuko asubira mu murwa mukuru wa Kongo, Kinshasa, mu kwezi kwa munani amaze kugirwa umwere.
Kubera icyo cyemezo cyo ku wa gatanu nijoro cy'akanama k'amatora ka Kongo, abashyigikiye Bwana Bemba babwiye ibiro ntaramakuru AFP ko bazifatanya n'uyu muyobozi wabo bagatanga ikirego cy'ubujurire mu rukiko rushinzwe kubungabunga ubusugire bw'itegeko-nshinga, bitarenze ku wa kabiri w'iki cyumweru.
Eve Bazaiba, umunyamabanga mukuru w'ishyaka, yagize ati:
"Tuzakoresha uburyo bw'amategeko bwose dufite turwane kuri kandidatire ya Jean-Pierre Bemba mu matora ya perezida."
Ku wa gatandatu mu gitondo, abapolisi bahosha imyigaragambyo - ubundi baboneka gacye mu mihanda - bari bagabwe hafi y'ibiro bikuru bya radiyo na televiziyo bya Kongo i Kinshasa, agace Bwana Bemba akizwimo cyane.
Koloneli Pierrot-Rombaut Mwanamputu, umuvugizi wa polisi ya Kongo, yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko ari "igikorwa kigamije kubuza [urugomo], igikorwa cyo gukumira."
Mbere yuko akanama k'amatora ka Kongo gatangaza urutonde rwa nyuma ry'abakandida-perezida, amatsinda y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yari yashinje leta ya Perezida Joseph Kabila gushaka "kuburizamo" abakandida benshi batavuga rumwe na leta.
Mu itangazo ayo matsinda yasohoye ryashyizweho umukono na Bwana Bemba ndetse na Moïse Katumbi na Félix Tshisekedi, bashishikarije Bwana Kabila gushyira ubwisanzure mu gikorwa cy'amatora ndetse "akareka amategeko aha akanama k'amatora."
Izindi kandidatire z'abakandida batanu zanzwe
Hamwe na Bwana Bemba, abandi bakandida-perezida batanu - mu bakandida-perezida 25 bose hamwe - bangiwe n'akanama k'amatora ka Kongo kuziyamamaza mu matora yimirije.
Batatu muri bo bahoze ari ba Minisitiri w'intebe muri leta ya Bwana Kabila. Abo ni Samy Badibanga, Adolphe Muzito na Antoine Gizenga.
|
amakuru-47212722 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47212722 | Escobares, igisagara ca mbere gikenye mu gihugu ca Amerika ca mbere gitunze kw'isi | Igisagara ca Escobares kiri iyo catawe mu ntara ya Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nico ca mbere gikenye mu gihugu ca Amerika n'aho ari co gihugu ca mbere gitunze cane kw'isi. | Ibice 62.4% vy'abanyagihugu ba Escobares mu ntara ya Texas, baba munsi y'umurongo w'ubukene, nkuko biri muri rusansuma yakozwe
Ico gisagara kiri ku nkengera z'uruzi Rio Grande - urubibe rutandukanya igihugu ca Mexique na Amerika - nticigeze gishigwa ku rutonde rw'ibisagara bikenye muri Amerika kubera ko gifise abanyagihugu bake ( 2512), kubera kandi ko gifatwa nka gito cane bigatuma kidaharugwa iyo hageze rusansuma.
Ariko iyo umuntu aravye ibisagara vya Amerika bifise nimiburiburi abanyagihugu 1000, Escobares ifise ibice 62,4 % vy'abanyagihugu bari munsi y'umurongo w'ubukene ku matohoza yakozwe n'ikigo kijejwe rusansuma, Census Bureau.
"Hari igihe tubura ico dufungura, ariko Imana iranfasha incuti zikantumira gufungura, ariko sindabikunda," ni ibivugwa na Debora Hernández, umunyagihugu wo muri Amerika, yavutse yongera akurira mu gace katabamwo abungere (cowboys), katabamwo ibitungwa bisanzwe bifasha abanyagihugu kwikenura.
Nta congereza avuga kandi ntazi no gusoma.
Débora Hernández, umunyamerikakazi yavukiye i Escobares avuga ati: "Hari igihe tubura ico dufungura,"
"Nari mfise abana indwi, batandatu barapfuye. Ndacafise Berenice, ku bw'Imana muganga yaramurokoye."
None abana bawe bishwe n'iki?
Avuga yitonze asa n'uwutanyuzwe yishuye ati: "Sinzi, sinigeze mbwigwa icabishe, nta n'inkaratasi bampaye, nibaza ko bishwe n'abaganga."
Ntavyo azi. Mu vyukuri ntazi ingene vyagenze. Bashobora kuba bishwe n'ingwara ituruka ku koko, canke ugusamara kwiwe. Ntavyo azi kandi ashobora no kutazigera abimenya kuberako atabitegera.
Igihe yarakiri muto, yarajanywe kw'ishuli ry'abana bafise ingorane, araheza amashuli y'intango, ariko avuga ko ata kintu kinini yize.
Benshi mu banyagihugu baba i Escobares bafise amamuko yo mu gihugu ca Espagne
Mu bisanzwe Débora ntazi neza ingene ivyo kw'isi bizunguruka.
Abana n'umugabo adafise akazi kuva mu kwezi kwa cumi, hamwe n'umukobwa wiwe w'imyaka itatu, Berenice.
Inzu babamwo irava iyo imvura iguye, indani ubona ibintu bidapanze neza, ariko akizera ko hazogira umunsi ibintu bigahinduka.
"Dutegerezwa kuva muri bino ... ahandi ho ntituzoronka ico dufungura."
Uretse ivyashara bikoregwa kw'ibarabara rikuru rya 83 (rifatanya Laredo na Harlingen, mu kiyaya ca Rio Grande), nta kandi kazi gashobora kuboneka i Escobares.
Biba ngombwa ko abanyagihugu baja kurondera akazi mu bindi bisagara.
Uwitwa Homero Rosales agira ati: "Kuri twe dufise inkaratasi, tuja kurondera akazi mu buraruko."
Abanyagihugu benshi nka Homero Rosales baja gukorera hanze
Abandanya ati: "Ikibi nuko uca uta umuryango ukwezi, abiri canke atatu, ariko bitegerezwa kumera ukwo, dutegerezwa kugenda ... ahandi ho ntitwofungura.
Homero afise abana bane, agakora mu gisagara ca Pecos, ku masaha icenda uvuye i Escobares, aho bubaka ibigega vy'ibitoro mu burengero bwa Texas.
"Nta wukija kw'ishuli, umuhungu wanje w'imfura turakorana kubera ko ataho yokora hano."
Ikarata yerekana aho igisagara ca Escobares kiri
Abataja gukora mu bigega vy'ibitoro canke ngo baronke akazi mu bisagara biri hafi, babeshejweho n'uburyo bwa leta kugira ngo baronke ico bafungura.
Abandi bakora amezi make, munyuma bagahabwa amahera avuye mu bwishingizi bafashe. Abandi nta nico babivugako.
Umwumwe wese agerageza kwigwanako, mu gace usanga ata n'uburyo bwo kwunguruza abantu buhari, ibitaro n'ubundi buzi bwa ngombwa, ku birometero ibihumbi uvuye Wall Street kandi mukoresha idarapo rimwe.
Muri Amerika hari imanga nini hagati y'abakene n'abatunze, ibitigiri bitangwa na leta bikavuga ko ibice 12.3% arivyo bigizwe n'abantu bakenye bashika ku miliyoni 40.
Ibice 12.3% vy'abanyagihugu ba Amerika bashika imiliyoni 40 baba munsi y'umurongo w'ubukene
Mu kiganiro umushakashatsi Rakesh Kochhar yagiranye na BBC yavuze ati: "Abantu benshi bakenye bagwiriranye mu bumanuko bw'igihugu."
Ama leta akenye kurusha ayandi ni Mississippi, Louisiana na New Mexico, mu gihe, "abantu bafise amamuko yo muri Espagne hamwe n'abirabure aribo benshi bari mu bakenye," nkuko vyabandanijwe bivugwa na Kochhar.
"Ubu turafise imodoka ya kizimyamwoto"
Mu myaka 13 irangiye igisagara ca Escobares nticabaho.
Mu 2005 niho hashingwa itegeko ko kibaye igisagara, mu gihe imbere yaho abantu bo muri Escobares ata karere na kamwe bakukira ku bijanye n'intwaro.
Wovuze ko "ari ubutaka butagira nyenebwo".
Ariko kuva igihe abantu bahaba bumviye ko igisagara ca Roma kibanyi kiriko kirondera kwiyomekako Escobares, ibintu vyaciye bihinduka.
Igihe babonye ko ataco bazunguka muri uwo mugambi w'abo babanyi, baciye bahagurukira ico kibazo.
Escobares cabaye igisagara mu 2005, abanyagihugu babo bagiye hamwe bagasaba ukwikukira ku bijanye n'intwaro
"Kubera iki tutogira igisagara cacu?", ukwo nikwo bibaza.
Ivyo nivyo bahavuye bakora. Barashushanije ku rukaratasi imbibe z'ico gisagara, barondera kumenya ingene igisagara gitangura.
Baridogeye abo babanyi, munyuma batunganya amatora yo kurondera umukuru w'igisagara ca Escobares: Noel Escobar aba ariwe atogwa.
"Bitewe nuko twaronse igisagara, ubu turafise ikamyo ya kizimyamwoto, abapolisi batanu n'ikamyo imwe iseha umucafu," nkuko bishikirizwa n'umukuru w'igisagara.
Noel Escobar niwe mukuru w'igisagara wa mbere w'igisagara ca Escobares
"Twararonse amahera duhawe n'ubutegetsi bw'igihugu cose hamwe n'ideni ngo dukore amabarabara n'imiserege."
"Twaronse ivyo vyose ku nguvu zacu," niko uwo mugabo w'imyaka 83 bita "El Mayor" avuga.
Mu gisagara ca Escobares havugwa ururimi rw'iki Espagnol, abantu baho bakunze gufungura indya zitwa tacos, bagakunda umuzika witwa ranchera.
Wokwibaza ko ari agace ka Mexique kari muri Amerika, aho urubibe rutandukanya ivyo bihugu bibiri ari uruzi, Rio Grande.
Escobares iri ku nkengera y'urwo ruzi.
Rio Grande ni uruzi rugabura Mexique na Amerika
Ku nkengera z'urwo ruzi uhabona imbwa nyinshi, kajugujugu iguma ica mu kirere n'imodoka y'abapolisi igenzura akarere.
Mu kirere hari icuma kirereka bita "radar", gikurikirana ibiba vyose.
"Murabona hano mpagaze, niho abimukira hamwe n'abinjiza ibiyovyabwenge baca," nkuko Ruperto Escobar avuga.
"Rimwe na rimwe urumva urwamo rw'amasasu mw'ijoro."
"Iyo amazi agabanutse, abantu bajabuka batambuka."
Itongo rya Ruperto Escobar rigarukira ku ruzi Rio Grande
Ku bantu batarashika aho hantu, bomenya ko ubwaguke bw'urwo ruzi ari imetero 20 gusa.
Ku bijanye n'umugambi wa Perezida Trump, Ruperto agira ati: "Nico gituma nanje nshima ko hokwubakwa uruhome, naho tutavuga rumwe na benshi mu baba hano."
Ibice 98% vy'abanyagihugu baba muri Escobares n'abafise amamuko yo muri Espagne hamwe na Mexique.
Ubiravye Escobares ntisa naho ari igisagara ca mbere gikenye muri Amerika.
Nta bantu batwawe n'ibiyovyabwenge nk'abo usanga mu mabarabara ya Los Angeles, canke ngo ubone abakenye kubera ikumigwa nk'abo usanga i Detroit na Baltimore.
Ariko iyo winjiye mu mabarabara buhoro buhoro urabona inzu bita - "trailer- houses" ushobora kwunguruza ugatwara aho wipfuza.
Umukozi Raúl Renovato w'imyaka 31 yaje ava mu gihugu ca Mexique afise imyaka 6, aba muri imwe mw'izo nzu hamwe n'umupfasoni wiwe n'abana biwe bane.
Agira ati: "Ino si ya Amerika nahora ndota." "Ariko uwipfuza gutera imbere, aratera imbere."
Raúl Renovato yavuze ati: "Ino siyo Amerika narota."
Raúl akora mw'ishirahamwe riseha umucafu mu gisagara ca Roma, akaba afise umugambi wo kwugurura akazu gato k'uburiro, komuha amahera iruhande y'umushahara.
Agira ati: "Ndanezerezwa n'akazi nkora, nta manyanga karimwo."
Ako kazi niko katumye agura inzu abamwo yashizemwo n'ivyuma vyo gushusha no gukanyisha inzu.
Uburongozi bwa Escobares hamwe n'ibiro vy'igipolisi biri mu nyubakwa yunguruzwa bikenewe "office-trailer", kuberako izimbutse mu kuba yubatswe n'ibikoresho bibayabaye bitazimvye.
Inzu zimugwa ziragwiriye cane mu gisagara ca Escobares
Iruhande y'ikamyo yo kuzimya umuriro, iyo gutwara umucafu, ikindi ubona i Escobares ni ibiro bijejwe iterambere hamwe n'inyubakwa y'amakoraniro.
Umukuru w'igisagara avuga ko hagikenewe vyinshi muri ako gace.
Avuga ati: "Dukeneye ko hazi ishirahamwe rikomeye kugira ngo turonke akazi."
"Nipfuza kubona Escobares irimwo ivyashara vyinshi, ubuzi, ikibuga co kuruhukiramwo, ibarabara rikuru hamwe n'ubuzi abanyagihugu baba bakeneye."
"Uku nikwo mbona kazoza."
|
amakuru-37087556 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-37087556 | Umugore wibye uruhinja akarurera nk'umwana we yakatiwe imyaka 10 | Urukiko rwo muri Afurika y'epfo rwakatiye umugore wibye uruhinja rukivuka maze amara imyaka 20 arurera nk'umukobwa we, gufungwa imyaka 10. | Celeste Nurse, nyina wa Zephyny
Uwo mugore ufite imyaka 51, yemeye ibyaha by'ubriganya no gushimuta.
Urwo ruhinja, Zephany Nurse, rwakuwe aho rwari rujyamye ku gitanda iruhande rwa nyina mu ivuriro rya Cape Town.
Mu mwaka wa 2015, nibwo batangiye gukeka ko Zephany Nurse afitanye isano n'umukobwa w'inshuti ye basaga cyane biganaga mu ishuri rimwe.
Ibipimo byo kwa muganga bigargaza isano hagati y'abantu-DNA- byagaragaje ko abo bakobwa ari abavandimwe.
Umucamanza, yabwiye uwo mugore ko yabeshye urukiko kandi atagaragaje ko yicuza.
|
43670372 | https://www.bbc.com/gahuza/43670372 | Imyigaragamvyo yasubiriye i Gaza, 2 bahasize ubuzima | Abajejwe ivy'amagara i Gaza bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abandu babiri bakomeretsa abandi benshi mu myiyerekano y'Abanyepalestine ku rubibe na Isiraheli yasubiriye. | Isiraheli ivuga ko Hamas ihimiriza abantu kugaba ibitero
Igisirikare ca Isiraheli cavuze ko carashe abandi bari begereye ibirindiro vyaco bikingiye urubibe.
Abasirikare kandi bakoresheje ivyuka biryana mu maso ku migwi y'abantu bari bakoraniye mu bibanza bitanu.
Abanyepalestine basaba ko impunzi hamwe n'abazikomokako bemererwa gusubira ku butaka bw'abasokuruza babo ubu bufiswe na Isiraheli.
Ariko umuvugizi wa Isiraheli yagirije abarwanyi b'umugwi Hamas kuba bahimiriza abantu i Gaza ngo batere urubibe banice Abanyaisiraheli.
|
48045467 | https://www.bbc.com/gahuza/48045467 | Igisirikare ca Kongo, FARDC, kiregwa "kwiba inka" Masisi | Mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru ingabo za Republika ya Demokrasi ya Kongo zitana ba mwana n'aborozi b'inka baba hafi ya parike ya Virunga.
| Abo borozi bavugako abasirikare babatwaye inka zirenga igihumbi, basanze baragiye muri iyo parike, haheze indwi zibiri.
Ariko abasirikare baravuga ko zari inka z'abarwanyi b'umutwe wa FDLR bafashe bari mu gikorwa co guhiga abo barwanyi.
Abayobozi b'abo banyagihugu baravuga ko ico kibazo bagishikirije ubuyobozi bwa gisirikare bukuru bwa leta ya Kongo ariko ko ataco biratanga.
BBC yavuganye n'uwahoze ari umushingamateka ku rwego rw'igihugu, Dunia Barakani Faustin, atangura atubwira ingene vyagenze kugira batware izo nka, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.
|
imikino-40977955 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-40977955 | CHAN 2018: Nigeria na Algeria ziracyafite akazi gakomeye | Amakipe ya Nigeria na Algeria ni amwe mu yagifite akazi gakomeye ko gutsinda imikino yayo yo kwishyura, nyuma yo gutsindwa mu mikino ibanza yo kwitabira igikombe cya CHAN kizabera muri Kenya mu mwaka wa 2018. | Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo imaze gutwara igikombe cya CHAN inshuro ebyiri - mu mwaka wa 2009 na 2016
Benin yatsinze Nigeria 1-0 mu mukino ubanza wabereye mu murwa mukuru wa Benin, Cotonou, kuri penaliti yinjijwe na kapiteni Seibou Mama mu minota ya nyuma y'umukino.
Umukino wo kwishyura uteganyijwe ku wa gatandatu i Kano muri Nigeria.
Kuri uyu wa gatanu, Algeria irakina na Libya - umukino urabera muri Tunisia - aho iza kuba igerageza kwisubiraho nyuma yo gutungurwa na Libya mu mukino ubanza, wabereye muri Algeria warangiye Libya itsinze Algeria 2-1.
Uyu mukino wo kwishyura urabera i Sfax muri Tunisia kubera ibibazo by'umutekano mucye bikomeje muri Libya.
Irushanwa rya CHAN rihuza amakipe y'umupira w'amaguru yo ku mugabane w'Afurika agizwe n'abakinnyi bakina muri shampiyona zo kuri uyu mugabane.
|
amakuru-44506114 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44506114 | Tanzania igiye guheba amakori kuri vyankenerwa vy'abari mu butinyanka | Urubuga rwa Citizen ruvuga ko Tanzania igira ije mu mugwi w'ibihugu vya Kenya n'izinga rya Maurice mu gukuraho amakori ku dutambara dukenerwa n'abapfasoni bari mu butinyanka. | Onu ivuga ko umwigeme umwe kw'icumi asiba ishure ari mu butinyanka muri Afrika
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Tanzania Philip Mpango yashize ahabona ivyo kuri uyu wa gatanu, nka bimwe bigiye guhinduka ku mahera reta itegekanya gukoresha.
Vyizewe ivanwaho ry'ibice 18% vy'amakori yahora ava kuri ivyo bikoresho vya nkenerwa vy'abapfasoni bari mu butinyanka bizotuma bashobora kubironka na cane cane abigeme.
Akaruhuko k'umusi umwe kubari mu butinyanka kakweze impari muri Zambia
Imihango y'umukobwa itangira ryari?
Icegeranyo c'igisata ca Onu kijejwe inyigisho kivuga ko umukobwa umwe kw'icumi asiba ishure musi y'ubugaragwa bwa Sahara igihe aba ari mu butinyanka.
Bivugwa ko bamwe mu bakobwa batakaza ibice 20 % mu kwiga kubera ivyo, bigashobora no kubatuma baheba ishure burundu.
|
42646355 | https://www.bbc.com/gahuza/42646355 | Igihugu ca Iran mu biganiro na EU | Ibihugu bine vya Buraya vyashize umukono ku masezerano y'ibigwanisho ruhanyanganda na Iran biri mu biganiro n'umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu i Bruxelles vyo kuraba ingene ayo masezerano yokingigwa. | Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya Federica Mogherini ari kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran Mohammad Javad Zarif
Vyitezwe ko Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n'Ubudagi hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, babwira Mohammad Javad Zarif ko bagishigikiye ayo masezerano hanyuma bamuhamagarire kwemera ko amakungu agenzura ishirwa mu ngiro ryayo.
Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe imigenderanire Sigmar Gabriel yavuze ayo masezerano akenewe cane ku neza y'umutekano w'ishirahamwe rya Buraya (EU).
Federica Mogherini muri Iran
Ivyo biganiro bibaye imbere y'umusi umwe ngo prezida Trump amenyeshe nimba yasubijeho ibihano ku gitoro ca Iran vyari vyavanyweho inyuma y'ayo masezerano.
Zarif kandi ashobora kubazwa ibiraba imyiyerekano y'abiyamiriza reta iherutse kuba muri Iran.
|
42852353 | https://www.bbc.com/gahuza/42852353 | Federer yatsinze ubwa gatandatu Australian Open | Umukinyi rurangiranwa wa Tennis Roger Federer yatsinze ubwa gatandatu ihiganwa Australian Open, ubwa mirongo ibiri ihiganwa Grand Slam ku ma seti atanu ahiganwa na Marin Cilic. | Roger Federer abaye umukinyi wa Tennis wa kane atsinze amahiganwa arenga 20 akina ari umwe
Uwo munya Suisse yatsinze kuri 6-2 6-7 (5-7) 6-3 3-6 6-1.
Federer w'imyaka 36, abaye umukinyi wa kane inyuma ya Margaret Court, Serena Williams na Steffi Graf, atsinze incuro zirenga 20 akina wenyene.
"Ni indoto yavuyemwo ukuri hanyuma imigani igoye gutegera irabandanya," niko Federer yavuze.
|
amakuru-47974675 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47974675 | Igitangazamakuru cya leta ya Koreya ya ruguru kivuga ko yagerageje intwaro nshya | Koreya ya ruguru ivuga ko yagerageje "intwaro nshya" ifite "umutwe uriho igisasu gikomeye", igerageza rya mbere kuva haba ibiganiro hagati ya Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe z'Amerika na Kim Jong-un, umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, muri uyu mwaka. | Kim Jong-un ubwo yari yitabiriye imyitozo y'ingabo za Koreya ya ruguru zirwanira mu kirere, ku itariki ya 16 y'uku kwezi kwa kane
Byarangiye nta masezerano ashyizweho umukono.
Igitangazamakuru cya leta ya Koreya ya ruguru nta makuru menshi arenzeho cyatangaje, ariko abasesenguzi bavuga ko bidasa nkaho ari gahunda yo gusubira mu igerageza ry'ibisasu bya misile byoherezwa mu ntera ndende bibonwa nk'ibibangamiye Amerika.
Igerageza rindi nk'iri ryabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe k'umwaka ushize wa 2018, ryabonywe nk'iryari rigamije kotsa igitutu Amerika.
Nkuko byatangajwe n'igitangazamakuru KCNA cya leta ya Koreya ya ruguru, iryo gerageza ry'iyo "ntwaro nshya" ryayobowe na Bwana Kim ubwe.
KCNA yatangaje ko "ryakozwe mu buryo butandukanye bwo kurasa ahantu hatandukanye", ibyo abasesenguzi bemeza ko bishatse kuvuga ko iyo ntwaro ishobora kurasirwa ku butaka, mu nyanja cyangwa mu kirere.
Bwana Kim yavuze ko iyo ntwaro "isobanuye ikintu gikomeye cyane mu kongera ubushobozi bwo kurwana bw'igisirikare" cya Koreya ya ruguru.
Iyo nkuru y'igitangazamakuru cya leta ya Koreya ya ruguru nta yandi makuru menshi arenzeho yatanze, rero ntibizwi niba ubu bwari ubwoko bushya bw'ibisasu bya misile. Ariko benshi mu bakurikiranira hafi ibya Koreya ya ruguru bemera ko bishoboka ko ari intwaro irasa mu ntera ngufi.
Inama ya Bwana Kim (ibumoso) na Bwana Trump (iburyo) yabereye muri Vietnam mu kwezi kwa kabiri k'uyu mwaka yarangiye ntacyo igezeho
Kuva abategetsi bombi bahura mu nama yabo iheruka, hamaze guterwa intambwe nto mu biganiro bijyanye nuko Koreya ruguru yareka burundu gahunda yo gucura ibitwaro kirimbuzi bya nikleyeri, mbere yuko Amerika iyikuriraho ibihano yayifatiye.
Mu kwezi kwa kabiri k'uyu mwaka wa 2019, Bwana Trump na Bwana Kim bahuriye mu nama yabo ya kabiri i Hanoi mu murwa mukuru wa Vietnam baganira ku kuba Koreya ya ruguru yareka icura ry'ibitwaro kirimbuzi bya nikleyeri, ariko ibyo biganiro birapfuba babivamo bitarangiye.
Mu cyumweru gishize, Bwana Kim yavuze ko Bwana Trump agomba "kwitwara neza" niba ashaka ko ibiganiro na Koreya ya ruguru bikomeza.
Ankit Panda, umusesenguzi kuri Koreya ya ruguru, avuga ko itangazwa ry'iyo "ntwaro nshya" rije rikurikira imyitozo ihuriwemwo n'igisirikare cy'Amerika n'icya Koreya y'epfo, akavuga ko bigaragara nko "kwihimura".
|
amakuru-44369268 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44369268 | Umupasitori yishwe n'ingona ariko arabatiza muri Ethiopia | Umupasitori w'umuporoti yariko arabatiza abakirisu bashasha hafi y'ikiyaga mu bumanuko bwa Ethiopia yishwe n'ingona, niko igipolisi hamwe n'abanyagihugu babwiye BBC yo mu ki Amharic. | Ingona zikunze kuba mu nzuzi canke mu biyaga
Abantu bashika 80 nibo bariko barabatizwa igihe Pasitori Docho Eshete yicwa n'iyo ngona ku wa Mungu mu gitondo, mu kiyaga co mu gisagara ca Arba Minch, muri komine ya Merkeb Tabya.
"Yabatije umuntu wa mbere munyuma aja kuwa kabiri. Mu mwanya muto, ingona isimba iva mu kiyaga ica ifata pasitori, nawe asunikira hirya umuntu yariko arabatiza," niko umuntu aba muri ako karere vyabereyemwo yabwiye BBC.
Abanyagihugu hamwe n'abarovyi bagize uko bashoboye ngo batabare pasitori Docho ariko barananigwa, niko umupolisi Eiwnetu Kanko yavuze.
"Bashoboye kuronka ikiziga ciwe gusa...Ntibashoboye kumutabara," niko Eiwnetu yabandanije avuga.
Abantu baba iruhande y'ico kiyaga bavuga ko ibikorwa vy'uburovyi bikogwa cane vyatumye ingona zibura ico zifungura, zigaca ziguma zirondera ico zocisha ku munwa ku nkengera z'ico kiyaga.
|
44974172 | https://www.bbc.com/gahuza/44974172 | Ng'izi insiguro z'ubutunzi n'ubutindi biranga Kongo | Iki cegeranyo cerekana uko Republika iharanira Demokarasi ya Kongo ishobora kuba ari igihugu ca mbere kw'isi gifise ubutunzi bwinshi. | Amashamba, imisozi, ibiyaya, inzuzi n'agataka ka Kongo muri rusangi vyuzuye ubutunzi
Uwujejwe uruganda rwo kumenyesha amakuru muri BBC Africa Fergal Keane, yerekana ko amakuba ico gihugu kirimwo ashingiye no kuri kahise.
Abisigura afatiye ku bunyonyezi buri mu barongozi bakurikiranye, bahitanye imiliyoni z'abantu kandi bakabiraramangana.
Ibi ni bimwe mu bigize icegeranyo ciwe :
Ubutuzi bwabaye inkwezi y'amarere
Amahanga yamye abafasha kwisamburirako
Amajana nt'abuza amarira
Amakosa yoba ari ayande?
|
amakuru-47945866 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47945866 | Igisirikare ca Sudani casabwe gusubiza ubutegetsi abasivire mu minsi 15 | Inama nkuru y'umutekano n'amahoro mu muryango w'Ubumwe bw'Ibihugu vya Afrika, AU, yategetse akarwi k'abasirikare kafashe ubutegetsi mu gihugu ca Sudani kuba kasubije ubutegetsi abasivire mu minsi itarenze 15, atari uko Sudani ikurwe muri uwo muryango. | Igisirikare cakuye ku butegetsi Omar al-Bashir mu ndwi iheze inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi
Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'umubonano wabereye i Addis Abeba ku mugwa mukuru wa Ethiopia, iyo nama yamenyesheje ko "ubutegetsi mfatakibanza burongowe n'igisirikare bwoba butandukanye cane n'ivyipfuzo vy'abanyagihugu ba Sudani".
Nico gituma yasavye ako karwi k'abasirikare ko "kaja ku ruhande kagasubiza ubutegetsi mfatakibanza abanyepolitike b'abasivire", mu kiringo kitarenze iminsi 15.
Iyo nama yamenyesheje ko mu gihe bitogenda uko, Sudani yoshobora gufatirwa ibihano vy'ukudasubira kugira uruhara mu bikorwa vy'Umuryango w'Ubumwe bw'Ibihugu vya Afrika gushika ako karwi gasubije ubutegetsi nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwashingiro ry'ico gihugu.
Mu ndwi iheze, igisirikare carakuye ku butegetsi Omar al-Bashir inyuma y'imyiyerekano yo kumwiyamiriza yatanguye mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018, inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi.
Ahmed Awad Ibn Ouf yahoze ari umushikiranganji w'ukwivuna abansi, niwe yatangaje ko arongoye inama nkuru ya gisirikare yari yafashe ubutegetsi, mu nyuma aza gutanga imihoho inyuma y'umunsi umwe gusa kubera imyiyerekano yabandanije, aho abayirongoye basaba ko ubutegetsi busubizwa abasivire.
Liyetena Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan niwe yagenywe ngo amusubirire, ariko ntivyahumurije abari mu myiyerekano gushika ubu ibandanya, aho abayirimwo basaba ko ubutegetsi buja mu minwe y'abasivire.
|
amakuru-41125333 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41125333 | Wayne Rooney akurikiranwa ku kugendesha imodoka yanyoye | Umukinyi w'imbere wa Everton, Wayne Rooney, yakurikiranywe n'igipolisi mu kuba yagendesheje imodoka yanyoye, nkuko igipolisi ca Cheshire cabishikirije. | Rooney yagirijwe kurenza umurindi utegekanywa n'amategeko yo mw'ibarabara
Rooney yafashwe inyuma ya 02:00 BST inyuma yaho abapolisi bahagarikiye imodoka yo mu bwoko bwa VW Beetle kw'ibarabara Altrincham Road, ahitwa Wilmslow.
Igipolisi ca Cheshire cavuze ko Rooney, w'imyaka 31, yagirijwe kugendesha imodoka akarenza umurindi urekuriwe.
Uwo mukinyi yahora arongora abandi bakinyi mu mugwi w'igihugu w'Ubwongereza, yarekuwe yigomboje amahera, asabwa kurenguka muri sentare "Stockport Magistrates' Court" mu mpera za kuno kwezi.
Rooney aheruka gusezerera umugwi w'igihugu mu kwezi guheze, niwe amaze kwinjiriza ibitsindo vyinshi umugwi w'Ubwongereza.
Yasubiye mu mugwi yatanguriyemwo wa Everton rino ci, amaze imyaka 13 muri Manchester United.
|
amakuru-40132386 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40132386 | Umuganga yakoresha intanga ziwe mu gufasha abashaka abana | Sentare yo mu gihugu ca Hollande yasavye ko hakogwa ibipimo vya DNA ku bikoresho vy'umuganga yapfuye, inyuma yaho umugwi w'abana bashingishirije urubanza bamwitwarira. | Bamwe mu bemeye ko bavyagwako abo bana bavuganye n'itangazamakuru
Abo bana bibaza ko Jan Karbaat ariwe se wabo vyukuri (père biologique), ko yakoresheje intanga (spermes) ziwe mu buryo bwo kurondera abana bwa "In Vitro Fertilization" (IVF), aho gukoresha intanga z'abagabo ba nyina bari bipfuje ko boba ba se.
Imiryango yashingishije urwo rubanza yanezerewe yumvise rusomwe.
Karbaat, yapfuye mu kwezi kwa kane afise imyaka 89, yikekwa ko yavyaye muri mwen'ubwo buryo abana batandatu.
Uwunganira umuryango w'uwo muganga yavuze ko ata vyemezo bihari kuri ivyo birego.
|
imikino-41386009 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-41386009 | TP Mazembe yanyagiye Al Hilal Al Obayed ibitego 5-0 | Mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma rw'igikombe ca CAF TP Mazembe yatsinze Al Hilal Al Obayed ibitego 5-0. | Umukinyi wa TP Mazembe
Mu rukino rukurikira rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, TP Mazembe izohura na FUS Rabat.
Mu rundi rukino, Club African yatsinze MC Alger ibitego 2-0, ica ija mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, aho izohura na Supersport Utd.
Mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo, Etoile Du Sahel yatsinze Al Ahil Tripoli ibitego 2-0.
|
56070638 | https://www.bbc.com/gahuza/56070638 | Burundi - Miriyaridi 7 ziranyuruzwa buri mwaka mu matagisi y'amasoko ya Bujumbura | Umushikiranganji w'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi mu Burundi agabisha abatoza amakori (taxes) mu masoko y'igisagara ca Bujumbura ko bagiye gufatirwa ingingo hamwe bobandanya kuba intambamyi mu kwinjiza mu kigega c'igisigara amafaranga yose ategegerezwa gutozwa mu masoko. | Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca
Ingingo ya mbere ija imaze gufatwa. Inyuma y'inama bagirishijwe mu gisagara ca Bujumbura na General Gervais Ndirakobuca, hafashwe ingingo yo guhagarika abari bajejwe gutoza amakori n'ama taxe mu masoko y'igisagara ca Bujumbura.
General Ndirakobuca yavuze ko ubushikiranganji bwo nyene bwitoreje ayo mafaranga buca burenzako miriyoni 121 ku ndwi, ''kandi aba commaissaires b'amasoko ntibigeze batworohereza''.
Ati: "Mwonsigurira gute ko amafaranga atozwa muri mairie mu ndwi imwe, turavye n'inzitizi twahuye nazo, ubushikiranganji buriko buratoza burenzako miriyoni 121?
Ntimwumva ko igihugu capfuye?"
Yavuze ko ashobora no gushika miriyoni 150 ku ndwi, bisiguye ku mwaka ko arenga miriyaridi ndwi (ashika miliyoni $3.5).
Mu ma komine yo hagati mu gihugu ho , umushikiranganji Ndirakubuca yavuze ko basanze muri rusangi reta itakaza miriyaridi 40 ku mwaka.
Yabwiye ibitavye iyo nama harimwo abajejwe gutoza amakori mu masoko y'igisagara ca Bujumbura ati:
"Inyuma y'iyi nama, uwusubira kuvyivangamwo, ibimushikira ntagire ngo n'ubushikiranganji…..ntavuge ngo reta mvyeyi itwara abantu ku Musaga'', imvugo iciye hirya yo kubagabisha ko bazofatwa, bagapfungwa-ku Musaga niho hari ibohero rikuru rya Mpimba.
Reta y'Uburundi isanzwe ishigikira imirimo y'amakomine ku mafaranga angana na miriyaridi 63 ku mwaka. Umushikiranganji Ndirakobuca avuga ko hamwe ama komine yokwinjiza amafaranga yose ategerezwa kuboneka, ayo reta itanga yoheza agakora ibindi.
Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw'isi birangwamwo ibiturire cane, hakurikijwe icegeranyo c'uwu mwaka ca Transparency International, ikigo gikurikirana ibijanye n'ibiturire mu bihugu vyose vyo kw'isi.
|
amakuru-47239770 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47239770 | Muhammadu Buhari, umukuru w’igihugu ca Nigeria arondera gusubira kwitoza | Mu gihe umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari arondera gusubira kwitoza, ategerezwa kwibagira icatumye atorwa mu myaka ine iheze - kwibagira akahise. | Muri ico gihe, yaserukira iciswe "umukubuzo mushasha", ikimenyetso c'umugambwe wiwe ariko ntiyari bwigere atorwa n'aho yari yabigerageje incuro zitatu.
Ukuntu yari azwi - nk'umuntu yari agumye kandi atarya igiturire - vyari bishingiye ku ntwaro yiwe ya gisirikare y'amezi 20 mu myaka ya 1980.
Yiyamamaje nk'umukandida yavutse ubwa kabiri ngo aharanire intwaro rusangi, yiyemeza kurandurana n'imizi igiturire, ateze imbere ubutunzi yongere arwanye intagondwa z'aba islamu bo muri Boko Haram.
Abanyagihugu bari baruhishijwe n'igiturire, umutekano muke hamwe n'ubutunzi bw'igihugu bwari bugeze ahatemba, barumvise akamo yabateye bamuhunda amajwi, gutyo aba abaye uwa mbere ashoboye gutsinda umukuru w'igihugu ari ku butegetsi.
Intsinzi ya Buhari mu mwaka wa 2015, ntikwari ukwemeza imigambi yiwe gusa, kwari kandi ukwikurako politike yari ihasanzwe.
Aya matora y'ubu nayo rero azoba ari nk'urubanza kuri politike y'intwaro yiwe. Ubu ntazoshobora kwemerera abanyagihugu ko azosezera akahise kandi agafisemwo uruhara.
Umwihwezo w'ubutegetsi bwiwe n'uruvangatirane.
Abarwanya Buhari bavuga ko amateka yatumye aronka amajwi mu myaka ine iheze - nk'umuntu yari agumye kandi agoye - vyagiye kuboneka nk'uko ataco vyamaze.
Yagirizwa ko atwaza umukazo kandi asa n'uwudafata ingingo iyo bikenewe.
Vyamufashe ikiringo c'amezi atangatu kugira ngo ashinge Leta gushika aho bamutazira "Baba-Go-Slow" (Dawe genda bukebuke).
Icegera ca Prezida Buhari, Yemi Osinbajo (iburyo), ashobora gutuma bizigirwa
Abashigikiye Buhari bobo bavuga ko yakoze ivyo yiyemeje mu gihe yiyamamaza, nk'ukugwanya igiturire n'ukugwanya Boko Haram.
Ariko ntibiborohera kwerekana ibindi yoba yarakoze mu bindi bisata, nk'ukunagura ubutunzi.
Ubutunzi bwarasubiye inyuma ku ntwaro yiwe, bitumwe n'ikoroka ry'igiciro c'igitoro kw'isoko mpuzamakungu.
Vyagiye kwunyurwa n'uko yanse ko ifaranga rya Nigeria, Naira, rikororwa agaciro, bituma habura amafaranga y'agaciro mu gihugu mu mwaka wa mbere w'intwaro yiwe.
Amashirahamwe yategerezwa kwinjiza ibidandazwa n'ibikoresho vyabaye ngombwa ko arondera amadolari ku biciro vyo mu kinyegero kugira ngo bakwepe ibiciro vyashinzwe na Leta.
Ubushomeri kandi bwarongerekanye ku biharuro biteye ubwoba mu gihugu aho banyagihugu bashika bibiri vya bitatu babayeho mu bukene budasanzwe.
Ingaruka yavyo, abanya Nigeria benshi babona ko intwaro ya mbere ya Buhari yaranzwe n'ibibazo vy'ubutunzi bwasubiye inyuma n'ubuzima bwazimye.
Amahirwe yo gusubira gutorwa azovana n'ingene abanya Nigeria ubwabo bazokwumva ko ingorane barimwo aribo bo nyene baziteye.
Prezida Buhari asanzwe yizewe n'abanya Nigeria bo mu buraruko bw'igihugu
Ku rundi ruhande, Perezida Buhari yaragwije imiigambi mu bijanye n'uburimyi hamwe n'amabarabara, arongera aratuma igitoro ciyongera mu bumanuko.
Arashobora kwishimira kandi ko yasubije itoto ubutunzi bw'igihugu, n'aho iduzwa ry'igiciro c'igitoro cagize uruhara.
Intwaro ya Buhari kandi yaranzwe n'ibibazo vy'amagara make yiwe.
Kuva mu mwaka wa 2017, Prezida baramubuze akatari gake kubera yagiye kwivuza hanze.
Ku myaka 76, yaranse kumenyesha indwara arwaye iy'ari yo, akikekwa ko yarondeye uwo basa yomusubirira mu gihe c'imisi mikuru, ivyo navyo akaba yagumye abibeshuza.
Intwaro yiwe ikaba ihagaze cane ku gice c'uburaruko bw'igihugu, kizwi kw'izina rya "talakawa" mu rurimi rw'igi haoussa.
Mu matora aheruka, akamo kiwe karitabiriwe n'abari biyonkoye ku mugambwe watwara ico gihe, People's Democratic Party (PDP).
Muri iki gihe, afise icizere ku cegera ciwe, Yemi Osinbajo, umu pasitori azwi cane mu bumanuko bw 'igihugu burwiriyemwo abakristu.
Umuntu yashoboye gusubiza ku murongo igihugu
Mu vyo yakoze vyamuhesheje iteka, Perezida Buhari yovuga ko yashoboye kugarukana umutekano mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.
Yarahagarikiye ubwiwe igisirikare mu gihe cisubiza uturere twari twifatiwe n'intagondwa za Boko Haram zarwanya Leta kugira ngo zishinge intwaro ishingiye kw'idini rya kiislamu.
Abigeme batari bake bari mu murwi w'abashika 300 banyurujwe na Boko Haram barasubijwe mu miryango yabo.
Ariko, abigeme benshi biswe Chibok Girls gushika ubu ntibazi irengero ryabo, kandi igitero giheruka c'umuhari wa Boko Haram carerekanye ko hakiri agahaze mu vy'umutekano.
Bamwe mu bigeme ba Chibok bari banyurujwe na Boko Haram barasubijwe mu miryango yabo
Kubw'umwanditsi Andrew Walker yanditse igitabo kuri Boko Haram, uwo mugwi w'iterabwoba umenyereye gukoresha ibihe vy'agahengwe kugira ngo usubire wiyubake.
Avuga ko Buhari yashoboye gutwara mu gihe ata bitero vyari bikaze, ico gihe naco kikaba kiriko kirarangira.
Umuntu w'intungane
Ibibazo vy'umutekano ntibiri mu buraruko bushira ubuseruko gusa.
Intara ya Zamfara isanzwe yugarijwe n'ubukene, mu buraruko bushira uburengero, yahuye n'ibibazo vy'ukunyuruza n'ukwica abantu vyakorwa n'abasuma b'inka, ababandi hamwe n'imirwi y'inkozi z'ikibi.
Umutekano muke waribonekeje kandi mu bindi bice vy'igihugu vyari mu ndyane z'amoko n'amadini.
Abajejwe umutekano bararungitswe mu burere bwo hagati mu gihugu inyuma y'imishamirano yavuyemwo ubwicanyi hagati y'abarimyi n'aborozi bo mu bwoko bw'aba Peul.
Aho ni mu gihe, umuhari uharanira ubwigenge bwa Biafra wari umaze igihe utavugwa wasubiriye kwikangura.
Inyuma y'imyaka ine Buhari ari ku butegetsi, Bwana Walker avuga ko abanya Nigeria benshi bibaza nimba koko ubwitonzi bwiwe aribwo bwo nyene bwoshobora kubungabunga ubusugire bwa Nigeria.
Hagati aho, vyaragaragaye ko Buhari aterekwa igiturire mu myaka ine yose amaze ku butegetsi, imbonekarimwe mu bandi bategetsi ba Nigeria.
Ariko, aragirizwa ko yamye ahohotera abatavuga rumwe n'intwaro yiwe abicishije mu kubagira ko amatohoza y'ibiturire.
Ihagarikwa ry'umukuru wa sentare nkuru y'igihugu Onnoghen ryatumye abantu bihereza amabarabara
Mu kwezi kwa mbere 2019, Bwana Buhari yarabogoje umukuru wa Sentare nkuru y'igihugu, Walter Onnoghen, kubera yanse kumenyesha umutungo wiwe imbere y'ugutangura amabanga yiwe mu 2017.
Umwanya iyo ngingo yafatiweko warateye uruhagarara kuko yafashwe hasigaye indwi nkeya ngo habe amatora.
Nk'umuntu yari ajejwe amategeko ku rwego rwo hejuru, umucamanza Onnoghen yari kugira uruhara rukomeye mu gutatura amatati yokwaduka mu gihe c'amatora.
Ariko bwana Buhari yamiriye kure amakenga yashikirijwe n'abakurikirana amatora mvamakungu hamwe n'abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi, bashikiriza ko iryo bogozwa ryari rifitaniye isano n'amatora.
Eka n'abo mu mugambwe wiwe witwa All Progressives Congress (APC) barerekanye ko batizeye ubutegetsi bwa Buhari.
Mu 2018, umugambwe APC warahuye n'ibibazo vy'abategetsi bo hejuru muri uwo mugambwe bawiyonkoyeko, mbere n'abashingamateka batari bake bafata ingingo y'ukwigira mu mugambwe PDP.
Mu 2016, umutambukanyi wiwe, Aisha Buhari, yabwiye igisata ca BBC Hausa ko akarwi kari ku rushi kaboheye amaboko imugongo intwaro y'umucance wiwe mu kugena abategerezwa kugenwa n'umukuru w'igihugu.
Aisha Buhari yaranenze intwaro y'umucance wiwe
Ukwo guhangarwa n'abamwegereye cane ntivyari bimenyerewe kandi n'ibintu bidahesha iteka umukuru w'igihugu yari yiyemeje kugwanya ka mwana wa mama.
Mu kwishura ivyo birego, Bwana Buhari yavuze ko umutambukanyi wiwe « ari uwo mu gikoni », ivyo navyo bikaba ataco vyafasha mu kweza izina ryiwe mu makungu.
Abasirikare n'ikimoko
Bwana Buhari yavutse mu mwaka wa 1942 mu muryango munini w'aba Islamu mu ntara ya Katsina iri mu buraruko bw'igihugu.
Mu kiganiro n'abamenyshamakuru mu 2012, agereranya ubuto bwiwe nk'uwashibuwe n'indogobwa vyagizwe na se wiwe hamwe na mwenewabo.
Ahejeje amashure, yinjiye mw'ishure rya gisirikare, hanyuma aja mu gisirikare ca Nigeria inyuma y'uko ico gihugu cikuyeko Ubwongereza.
Yabandanirije ivyigwa vyiwe vy'intwazangabo mu gihugu c'Ubwongereza.
Inyuma y'imyaka itari mike, yashimiye ishure na kahise kiwe mu gisirikare ko ari vyo vyamutumye agira indero (discipline), akavuga ko izo nzego zamwigishije gukunda ibikorwa.
Yabandanije atera intambwe mu gisirikare mu gihe cifatira ubutegetsi mu minwe kibicishije mu guhirika ubutegetsi (coups d'etat) kw'urutavanako.
Kw'ipete rya koloneli, yayarakunzwe cane inyuma y'aho yirukaniye abasirikare b'igihugu ca Tchad bari bigaruriye amazinga ari mu kiyaga Tchad yegukira Nigeria.
Mu mpera z'imyaka ya 1970, yaronkejwe amabanga y'ukorongora akarere k'uburaruko bushira ubuseruko.
Ico caciye kimugira umushikiranganji ajejwe ibitoro ku ntwaro ya Olusegun Obasanjo, umukuru w'intwaro ya gisirikare yagiye gusubira kurongora igihugu inyuma y'imyaka cumi n'iyindi atowe n'abanyagihugu, ari nayo nzira Buhari yaje gufata.
Jenerali Buhari yamaze amezi 20 ari umukuru w'igihugu mu ntwaro ya gisirikare mu myaka ya 1980
Mu mwaka wa 1983, yabaye umukuru w'igihugu abogoje intwaro ya Shehu Shagari yari yitorewe n'abanyagihugu.
Mu nyuma Bwana Buhari yavuze ko ata ruhara yagize mw'iryo hirikwa ry'ubutegetsi, akavuga ko ryagizwe n'akarwi katashimye kwibonekeza, ivyo bikaba bitigeze vyemerwa.
Intwaro yiwe yibukirwa ku bikorwa vy'ukurwanya igiturire n'ubugaba, be no kw'ihonyanga ry'agateka ka zina muntu.
Abantu amajana n'amajana, harimwo abanyepolitike, abadandaza, abamenyeshamakuru barapfunzwe hisunzwe amategeko mpanavyaha.
Intwaro yiwe kandi yarapfunze umucuraranzi rurangiranwa yanegura ubutegetsi, Fela Kuti, kumarementanya yagiriwe ku vyerekeye ikoreshwa ry'amahera y'agaciro.
Ku mabarabara, abanya Nigeria bategetswe gutonda imirongo barindiriye amamodokari abunguruza, bacungerewe n'abasirikare bitwaje ibimoko, mu gihe abakozi ba leta bacerewe bamaramazwa mu maso y'abantu mu kubategeka gusimbasimba nk'igikere.
Intwaro yiwe mu kubuza ibidandazwa vyinjira mu gihugu yatumye abantu batakaza ubuzi, amaduka nayo arugarwa, hatanguzwa n'ifaranga rishasha mu ntumbero yo kurwanya igiturire.
Ibiciro vyaraduze, ubuzima burazimba.
Inyuma y'amezi 20, Bwana Buhari yakuwe ku butegetsi n'irindi hirikwa ryakozwe n'umukuru w'ingabo, jenerali Ibrahim Babangida.
N'aho yavuze ko yahindutse umuntu yubahiriza intwaro rusangi inyuma y'imyaka, Bwana Buhari aguma yemeza ko ihirikwa ry'ubutegetsi ryo mu mwaka wa 1983 ryari rikenewe kuko ngo abari batowe bari bataye igihugu mu manga.
Bwana Buhari yubatse urwiwe incuro zibiri : ubwa mbere yubakanye na Safinatu Yusuf, mu nyuma yubakana na Aisha Halilu, akaba afise abana 10.
|
amakuru-55625326 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55625326 | Muganga arasubiza ibibazo byanyu kuri Coronavirus | Iki ni igice cya mbere cy'ikiganiro cyihariye kuri Coronavirus aho muganga asubiza ibibazo mwabajije kuri Facebook
| Uyu munsi Dogiteri Leonard Nduwayo arasubiza ibyabajijwe na Daniel Uwimana.
Yabajije niba coronavirus ishobora kwandurira mu muyaga duhumeka, nukuvuga umuntu uyirwaye ata kintu yakozeho?
Iki kiganiro muzajya mucyumva muri wambere n'uwagatatu.
|
amakuru-37186687 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-37186687 | Turkia iragabisha kwinjira muri Syria | Turkia yagabishije ko ifise uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ca Syria, mu gihe abagwanyi b’aba kurde batova mu buseruko bw’uruzi Euphrate mu kiringo c’indwi imwe. | Turkia ivuga ko abagwanyi b'aba kurde bp muri Syria (YPG) bafitaniye isano n'aba PKK bo muri Turkia
Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Fikri Isik, yavuze ivyo mu gihe ibimodoka vyinshi bitamenwa vya Turkia bivugwa ko vyajabutse muri Syria.
Ku musi wa gatatu, Turkia yaragize ibitero ifashijwe na Amerika muri ico gihugu.
Urunani rw’aba Kurdes ruzwi kw’izina rya SDF rwaratujije abagwanyi ba IS mu gisagara ca Manbij mu burengero w’uruzi Euphrate.
Abagwanyi b’aba kurde, YPG, barasohoye itangazo bavuga ko abagwanyi babo baza baramaze kuva I Manbij nasubira mu birindiro vyabo.
|
amakuru-39906923 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-39906923 | Boko Haram yerekanye abo yita 'abayihisemwo' | Umutwe wa Boko Haram muri Nigeria, wasohoye amasanamu ya video yerekana umukobwa avugwa ko ari mu bari barafatiwe kw'ishure rya Chibok, avuga ko adashaka gusubira iwabo. | Video yerekanywe na Boko Haram yerekana umukobwa 'avuga ko adashaka kuvanayo' afise inkoho
Mw'ijwi ryumvikana mu rurimi rw'igi Hausa, umukobwa yerekanywe muri Video ya Boko Haram, yavuze ko adashaka gusubira iwabo kubera abavyeyi biwe banse kuba aba Isilamu.
Umwe mu bajejwe umutekano yaguye mugitero c' i Maiduguri
Mu yindi video igira kabiri, batanu mu bayoboke ba Boko Haram bivugwa ko baherutse kuguzwa n'abakobwa ba Chibok 82 mu ndwi iheze, bakangisha ko bashobora kugaba ibitero mu muji wa Abuja.
Hagat'aho igipolisi ca Nigeria kimenyesha ko abantu batatu bakekwa ko boba ari abiyahuzi batumwe na Boko Haram, biturikieije hafi ya Kaminuza ya Maiduguri mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu, bakomeretsa uwujejwe umutekano, uwundi arakomereka
|
amakuru-46617925 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46617925 | Abakandida mu matora yimirije bariko bagura amajwi muri RD Congo | Mu gihe amatora y'umukuru w'igihugu yitezwe ku munsi wa Mungu muri Repubulika y'Intwaro ya Congo (RD Congo), ikibazo co kugura amajwi kiridogegwa. | Emmanuel Ramazani Shadary umukandida ashigikiwe na Perezida Joseph Kabila
Abantu baharugwa mu mirongo bari barindiriye inyuma y'inyubakwa y'umukenyezi wa mbere w'igihugu i Goma, babwiye abanyamakuru ko barindiriye guhabwa amahera inyuma yaho bamwe mu bashigikiye umukandida Emmanuel Ramazani Shadary bayaronkeye ku munsi wa mbere.
Abanyagihugu bagiye mu myiyamamazo yiwe mu mpera z'indwi bavuze ko baronse amadolari 30 ($30) umwumwe hamwe n'igitenge c'agaciro.
Bivugwa ko abakandida bose bariko baratanga amahera mu gihe bitabujijwe n'amategeko ya RD Congo, ariko abiyamamaza bagwanya ibiturire bavuga ko abazotora bari bakwiye kwisunga imigambi y'abanyepolitike, ntibahendwe n'ivyo babapfumbatisha.
Abitoreza kuba umukuru w'igihugu ca Kongo
|
amakuru-56939584 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56939584 | Amwe mu mafoto yaranze Africa muri iki cyumweru: Tariki 23-29/4/2021 | Amwe mu mafoto yaranze Afurika muri iki cyumweru n'afitanye isano n'Afurika.
| Abanya-Ethiopia b'abakristu b'aba Orthodoxe bizihije icyumweru cya mashami muri Israel...
Uwo munsi mukuru wibukwaho ibivugwa muri Bibiliya by'iyinjira rya Yezu/Yesu Kristu/Kristo muri Yeruzalemu...
Aba bakristu basoreza umutambagiro wabo kuri Kiliziya irimo imva yubatswe mu rutare, ahahoze ari umujyi wa Yeruzalemu ya kera.
Ku munsi wakurikiyeho, uku kwezi kuzwi nka 'supermoon' kubera ukuntu kuba kwegereye isi cyane bigatuma kugaragara ari kunini kandi gufite urumuri rwinshi, kwari mu kirere cy'umujyi wa Johannesburg muri Afurika y'epfo.
Imbuto (cyangwa ivyamwa mu Kirundi) zo mu Misiri akenshi ziribwa mu gihe cy'igisibo gitagatifu cya Ramadan, zirimo kugurishwa kuri aya meza yo mu isoko ryo mu gace ka West Bank.
Ku wa mbere, imfungwa zibarirwa mu bihumbi zo mu Burundi zahawe imbabazi na perezida, aha itorero ry'imfungwa rirasusurutsa abitabiriye uwo muhango.
Ku wa gatandatu, abasirikare bari ku irondo mu murwa mukuru Antananarivo wa Madagascar, ahashyizweho guma mu rugo mu mpera y'icyumweru mu kugabanya ikwirakwira ry'ubwandu bwa coronavirus.
Kuri uwo munsi kandi, abasiganwa mu isiganwa ry'imodoka rya African Rally Championship mu karere ka Nakuru muri Kenya, bahanganye no kunyura mu kidendezi cy'amazi mu muhanda.
No ku wa gatanu, abantu babarirwa mu bihumbi bitabiriye umuhango wo gushyingura uwari Perezida wa Tchad Idriss Déby Itno, wiciwe ku rugamba n'inyeshymba.
Aya mafoto yose akoreshwa bitangiwe uruhushya.
|
amakuru-55918346 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55918346 | Dar es Salaam: Kwinonora imitsi birabujijwe ku misi yo gusenga | Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, Lazaro Mambosasa avuga ko kuva ubu, kizira ko abantu bagira imyiyerekano canke kwinonora imitsi ku misi hategekanijwe amasengesho, ko igipolisi kitazotanga impusha kuri iyo misi. | Mambosasa avuga ko kugira imyiyerekano ku misi yo gusenga bituma abasenga bacererwa gushika ahabera amasengesho.
"Ku misi yo gusenga, ntituzemera abaca muri izo nzira mu kubima uruhusha, nta mugwi n'umwe urekuriwe guca muri ivyo bibanza, abaja gusenga i Dar Es Salaam bagenda n'imodoka, rero urekuriye abagira imyimeneyerezo mu mabarabara canke abagira imyiyerekano iyo ari yo yose, bituma amabarabara yugarwa, kandi amasengesho ajana n'umwanya."
Yongeyeko ko imisi yo gusenga ari ku wa gatanu, ku wa gatandatu no ku wa mungu.
Muri iyi myaka ya vuba, abantu benshi basigaye binonora imitsi mu mabarabara mu gisagara ca Dar Es Salaam.
Ukwinonora imitsi bitegurwa n'amashirahamwe atandukanye ariko rimwe na rimwe bafise ihangiro ryo gufasha abantu bafise ingorane bari mu turere dutandukanye.
Uko kwinonora imitsi kenshi kuba mu mpera z'iyinga kugira haboneke abantu benshi bavyitaba kuko baba bari mu karuhuko.
|
110411_gbagboarrest | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru/2011/04/110411_gbagboarrest | Laurent Gbagbo yatawe muri yombi | Uwari umukuru w'igihugu cya Cote d'ivoir bwana Laurent GBAGBO, wari warahakanye kurekura ubutegetsi ngo abwegurire uwo bari bahanganye Allasane Ouatara, uyumunsi yatawe muri yombi. | Laurent Gbagbo
Uhagarariye umuryango w'abibumbye muri Cote d'ivoir nawe yaje kwemeza iyo nkuru.
Ati nejejwe no kubamenyeshako uwari umukuru w'igihugu cya Cote d'ivoir Laurent Gbagbo yatawe muri yombi, ameze neza arakomeye ndetse azashyikirizwa ubutabera.
Minisitiri w'ingabo w'ubufaransa yatangaje ko yafashwe n'ingabo zishigikiye Allassane Ouatara zibifashijwemo n'izumuryango w'abibumbye ndetse n'ubufaransa.
Mugitondo cy'uyumunsi izo ngabo zose zerekeje kungoro y'umukuru w'igihugu aho zamukuye mugice cyo munsi y'ubutaka yaramazemo igihe.
Yahise ajyanwa kucyicaro cy'umuryango waBibimbye kuri Hotel du Golf mumugi wa Abidjan aho acingiwe umutekano hamwe n'umugorewe ndetse n'umuhungu we.
Uhagarariye umuryango w'abibumbye muri Cote d'ivoir yatangaje ko Bagbo ameze neza ko atagiriwe nabi ndetse ngo ko ashobora gushyikirizwa ubutegetsi.
|
amakuru-51766494 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51766494 | Coronavirus: Cameroon yatangaje umurwayi wa mbere | Minisitiri w'ubuzima muri Cameroun amaze gutangaza umuntu wa mbere wanduye coronavirus muri icyo gihugu. | Ibaye igihugu cya kane cyo munsi y'ubutayu bwa Sahara gitangaje umuntu wa mbere wanduye coronavirus
Dr Manaouda Malachie, Minisitiri w'ubuzima wa Cameroun, yavuze ko uwo murwayi ari Umufaransa w'umugabo w'imyaka 58 y'amavuko wageze mu murwa mukuru Yaoundé ku itariki ya 24 y'ukwezi gushize kwa kabiri.
Ubu yashyizwe ahantu ha wenyine ku bitaro bikuru bya Yaoundé.
Cameroun ibaye igihugu cya kane cyo munsi y'ubutayu bwa Sahara gitangaje umuntu wa mbere wanduye coronavirus, nyuma ya Nigeria, Sénégal na Afurika y'epfo.
|
amakuru-39588921 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-39588921 | Ubugeni bw'umukristu n'umu Islamu mu Misiri | Ibitero vyo ku masengero y'aba "coptes" muri ino ndwi mu Misiri, vyerekanye ingene inkehwa z'abakristu babangamiwe ariko ntikibuza ko hari abarengera ayo macakubiri, bakanubakana nko mu bwoko bw'aba Nubi. | Sally yahuye ubwa mbere n'umuhungu bagiye kubana Akram mu myaka indwi iheze
Mu bwoko bw'aba Nubi buri mu gace ka Nile yo mu buraruko, abakristu babanye neza n'aba Islamu.
Umumenyeshamakuru wa BBC Nicola Kelly yarakurikiranye ubugeni bw'umu Islamu n'umukristu bwakozwe buriko buragoroba.
Umugabo yamubwiye ati: "Tubaye abantu ba mbere bakoze ubugeni batisunze idini. Biragoye na cane cane ku bavyeyi banje."
Hari haheze imyaka indwi, abo bantu ukwo ari babiri babujijwe kuza barabonana, babitegetswe n'abavyeyi babo.
"Twumvikanye gukora ubukwe mw'ijoro, kugira ngo ntiduteze iceyi imiryango yacu," niko Akram yavuze.
|
amakuru-37229117 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-37229117 | Trump aragendera Mexique | Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains mu gihugu ca Amerika, Donald Trump, yemeye ubutumire bwo gutemberera prezida Enrique Pena Nieto w’igihugu ca Mexique ku musi wa gatatu. | Trump yavuze ko abimukira bo muri Mexique ari inkozi z'ikibi kandi bafata abapfasoni ku nguvu
Ibiro vy’umukuru w’igihugu bivuga ko imigambi y’uko haba ibiganiro hagati y’abo bagabo babiri iriko irahera gutegurwa.
Iyo nama iza kuba umwanya muto imbere y’uko Trump ashikiriza ijambo ryerekeye abimukira badakurikije amategeko.
Mu myiyamamazo yiwe, Trump yavuze ko abanye Mexique binjira muri Amerika ari ‘inkozi z’ikibi’ kandi ‘bafata abapfasoni ku nguvu’.
Prezida wa Mexique, Pena Nieto
Yiyemeje kwubaka uruhome rubuza abimukira gusubira kwinjira muri ico gihugu.
Umva amwe mu majambo ya Trump kuri Mexique
Prezida Pena Nieto yaranatumiye n’uwundi yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande w’abademocrates, umupfasoni Hillary Clinton.
|
amakuru-37524941 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-37524941 | ONU yifuza gutohoza ku mabi yakozwe kuva 2015 | Umugwi wa ONU ugiye mu Burundi mu kiringo c'umwaka ngutohoze umenye abari inyuma y'amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane kwo mu mwaka w'i 2015 | Inama y'abari mu muryango wa ONU
Ivyo vyasabwe n'uwurongoye umuryango w'ibihugu vya Buraya muri kino gihe, umukuru w'igihugu ca Slovakia.
Uwo mugwi uzihweza kw'amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane kw'umwaka wi 2015 ko akwiye gushirwa mu vyaha mpuzamakungu.
Ico gihe Prezida Petero Nkurunziza yarahejeje kumenyesha kwagiye kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku kiringo kigira gatatu, bituma haduka ubwicanyi.
Uwuserukira u Burundi yiyamirije iyo ngingo asigura ko ishingiye ku binyoma.
(Icegeranyo ca ONU giheruka gusohoka kivuga ko hari imvugo ishingiye ku moko yakoreshejwe bituma haba amakenga ko hokwaduka ubwicanyi bw'ihonyabwoko hagati y'abarundi bo mu bwoko bw'abahutu ari nabo benshi be n'abo mu bwoko bw'abatutsi).
|
imikino-55074409 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-55074409 | Diego Maradona: Rurangiranwa mu mupira w'amaguru apfuye ku myaka 60 | Rurangiranwa mu mupira w'amaguru Diego Maradona yaryamiye ukuboko kw'abagabo ku myaka 60. | Maradona yari umwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bakomeye isi imaze kubona
Uyu yahoze ari rutahizamu wo hagati wa Argentine akanaba umumenyereza, yarabazwe ubwonko kandi bigenda neza, igihe yagira ikibumbe c'amaraso mu bwonko mu ntango za kuno kwezi kwa cumi na rimwe.
Vyaciye bitangazwa ko azovurwa ku kibazo yari afise co kwihebera inzoga.
Maradona yari umwe mu bakinyi bakomeye isi imaze kubona, akaba yarabaye kapitene wa Argentine igihe yatwara igikombe co mu 1986, akina ku buryo buteye igomwe kandi bucibukwa n'ubu.
Mu rwandiko rwashizwe ku mbuga hwaniro, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Argentine ryavuze ko "tubabajwe cane n'urupfu rwa rurangiranwa wacu", ryongerako riti: "Uzokwama mu mitima yacu."
Maradona yakiniye Barcelona na Napoli mu gukinira amakipe kwiwe, atwara ibikombe vya Serie A mu Butariyano.
Yinjije ibitsindo 34 mu nkino 91 za Argentine, ayiserukira mi bikombe vy'isi bine.
Maradona yaranakoze akazi ko kumenyereza amakipe y'umupira w'amaguru
Maradona yashikanye igihugu ciwe mu rukino rwa nyuma mu gikombe c'isi co mu Butaliyano mu 1990, igihe batsindwa n'Ubudage bw'Uburengero, imbere y'uko asubira kuba kapitene mu gikombe c'isi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1994, ariko aza gusubizwa muhira kubera gufata imiti yongera inguvu.
Mu muce wa kabiri w'ugukina kwiwe, Maradona vyaramugoye kwihanganira ikiyovyabwenge ca cocaine aranahagarikwa gukina amezi 15 nyuma yo gusanganwa mu maraso ico kiyovyabwenge mu 1991.
Yagiye mu bukukuruke mu mupira w'amaguru mu 1997, ku munsi yakwiza imyaka 37 y'amavuko, mu kiringo ca kabiri akinira ikipe ikomeye yo muri Argentine, Boca Juniors.
Uyu yahoze ari rutahizamu wo hagati wa Argentine akanaba umumenyereza yarabazwe ubwonko kandi bigenda neza
Nyuma yo kumenyereza igihe gito amakipe abiri muri Argentine igihe yari agikina, Maradona yagenywe kuba umumenyereza w'ikipe y'igihugu mu 2008 aca ava muri ako kazi nyuma y'gikombe c'isi co mu 2010, igihe ikipe yiwe yatsindwa n'Ubudage mu ca kane c'ihiganwa.
Mu nyuma yaje kumenyereza amakipe muri United Arab Emirates na Mexique, anamenyereza Gimnasia y Esgrima, ikipe ikomeye cane muri Argentine, gushika ku gihe c'urupfu rwiwe.
|
amakuru-43181211 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-43181211 | Amerika ngo igiye yakomeza ibihano kuri Korea ya Ruguru | Amerika yateguriye Korea ya Ruguru ibihano bishasha vyinshi, Prezida Donald Trump avuga ko itari bwigere ibona. | Trump avuga ko ibihano yashize kuri Korea ya Ruguru bitari bwaboneke
Izo ngingo zifata amato arenga 50 hamwe n'amashirahamwe atwara abantu n'ibintu mu mazi yo muri Korea ya Ruguru, ariko kandi n'Ubushinwa na Taiwan.
Korea ya Ruguru isanzwe yarafatiwe ibihano n'amakungu kubera umugambi wayo wa "nucléaire" n'ukugerageza ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile".
Ico gihugu carabandanije kugerageza ibigwanisho mu mwaka uheze, birimwo ivyo mu bwoko bwa "nucléaire" hamwe n'ama "missiles" ashobora gushika ku butaka bwa Amerika.
Amerika ivuga kw'ivyo bihano bishasha bizotuma ubutunzi bwa Korea ya Ruguru bumanuka, mu gihe ivyayizanira amahera bizoba vyahagaze, ikongera ikabura ibitoro ku mugambi wayo wa "nucléaire".
Ubushikiranganji bw'ikigega ca leta ku rutonde bwasohoye havugwamwo umuntu umwe hamwe n'amashirahamwe 27.
Amashirahamwe 16 yo gutwara imizigo ari muri Korea ya Ruguru ariko atanu yanditswe muri Hong Kong, abiri nayo mu Bushinwa, abiri muri Taiwan, rimwe niryo muri Panama, rindi rimwe muri Singapour.
Amato 28 niyo ari kuri urwo rutonde, menshi akaba ari ayo muri Korea ya Ruguru, abiri akaba arayo muri Panama, bumwe n'ubwo muri Comores, ubundi n'ubwo muri Tanzaniya.
Avugira mu nama n'abamenyeshamakuru, Prezida Trump yagabishije ko hashobora kuba ingaruka mbi igihe bino bihano bishasha ataco vyoba bivyaye.
"Bino bihano ni vyabura ico bivyara, tuzoja ku mugambi wa kabiri kandi uzoba ukomeye cane kandi ntuzoshimisha isi," niko yavuze.
"Ni igihugu ataco citaho. Ni twashobora kwumvikana bizoba ari vyiza cane, bidashobotse naho, hari ikizoba."
Ntiyavuze ingene uwo mugambi wa kabiri uteguye.
|
47785771 | https://www.bbc.com/gahuza/47785771 | OMS imenyesha ko ikiza ca Ebola 'kiriko gikwiragira ku muvuduko munini cane utari bwabeho muri Kongo' | Itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo amajambo y'umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS, avuga ko ikiza ca Ebola mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo kiriko gikwiragira ku muvuduko munini cane utaribwabeho kuva cadutse, haraciye amezi umunani. | Abaganga batwaye umurwayi yari amaze kwemezwa ko atarwaye Ebola, ku kigo kivurirwamwo Ebola i Butembo mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze wa 2018
Christian Lindmeier avuga ko abantu 72 ari bo banduye iyo ndwara mu ndwi iheze, igitigiri kinini gusumba ico mu ndwi yaheruka cangana na 57.
Bwana Lindmeier yabwiye Reuters ati: "Abantu bariko barandura iyo ndwara mu gihe badafise uburyo bwo gushika aho bashobora gufashwa".
Iki kiza co muri iki gihe - ku ncuro ya 10 mu mateka ya Kongo - kimaze guhitana abantu barenga 600, kikaba kimaze kwandukira abandi barenga 1000.
Hari icigwa giherutse gutangazwa kuri iyo ndwara cerekana ko ica kane c'abanyagihugu baba mu bisagara vya Beni na Butembo vyatewe n'ikiza ca Ebola muri ico gihugu batemera ko indwara ibaho, mu gihe abandi nabo bacinuba abaganga.
|
amakuru-42817884 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42817884 | Syria ntishaka abasirikare ba Amerika ku butaka bwayo | Ubutegetsi bwa Syria bwavuze ko ingingo ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yo kugumiza ingabo zabo mu gihugu ca Syria ku kiringo kitamenyeshejwe ari igikorwa c'agasomborotso | Syria ivuga ko kuguma kw'abasirikare ba Amerika ku butaka bwayo ari agasomborotso
Abanyamerika bavuga ko iyo ngingo yasohowe mu ndwi iheze ifise intumbero yo kurwanya umugwi wiyita Leta ya Islam, canke IS.
Ariko icegera c'umushikiranganji wa Syria ajejwe imigenderanire n'amakungu, Faisal Mekdad, yabwiye BBC ko ari ikosa rikomeye cane.
Amajambo ya bwana Mekdad asohowe mu gihe himirije ibiganiro bishasha vya ONU bitangura uno munsi i Vienne.
Ibiganiro vyaheruka nta kintu kiboneka vyashitseko, leta n'imigambwe bitavuga rumwe bakaba bitezwe gusubira guhura amaso mu yandi.
|
imikino-39924307 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-39924307 | Jean Michel Seri yatsindiye igihembo cyitiriwe Marc-Vivien Foe | Umukinnyi Jean Michel Seri ukomoka muri Côte d'Ivoire akaba akina hagati mu ikipe ya Nice, yatowe nk'umukinnyi w'Umunyafurika witwaye neza cyane kurusha abandi muri shampiyona y'umupira w'amaguru mu Bufaransa izwi nka Ligue 1, ahita ashyikirizwa igihembo cyitiriwe Marc-Vivien Foe. | Jean Michael Seri abaye umukinnyi wa kabiri ukomoka muri Côte d'Ivoire utsindiye igihembo cyitiriwe Marc-Vivien Foe
Jean Michel Seri y'imyaka makumyabiri n'itanu y'amavuko yatsindiye icyo gihembo nyuma yo kuza imbere ya Ryad Boudebouz ukomoka muri Algeria akaba akinira ikipe ya Montpellier, na Benjamin Moukandjo ukinira ikipe ya Lorient, akaba umukinnyi ukomoka muri Cameroon ndetse wari na kapiteni w'ikipe y'igihugu ya Cameroon iherutse gutwara igikombe cy'Afurika cy'ibihugu mu mupira w'amaguru.
Iki gihembo gitangwa buri mwaka mu rwego rwo kwibuka umukinnyi Foe wakomokaga muri Cameroon wapfuye ari mu kibuga mu mwaka wa 2003.
Jean Michel Seri abaye umukinnyi wa kabiri ukomoka mu gihugu cya Côte d'Ivoire utsindiye iki gihembo nyuma ya Gervinho wagitsindiye kabiri yikurikiranya mu mwaka wa 2010 n'uwa 2011.
Jean Michel Seri, umaze guhamagarwa inshuro 13 mu ikipe y'igihugu ya Côte d'Ivoire izwi nka Les Éléphants, yabaye umukinnyi w'ingenzi mu ikipe ya Nice muri uyu mwaka w'imikino. Yayitsindiye ibitego 6, atanga n'imipira 9 ku bakinnyi bagenzi be, byose byafashije Nice kurangiza shampiyona iri ku mwanya wa gatatu.
Seri yatangiye gukina umupira w'amaguru mu ikipe y'ikigugu y'iwabo ya ASEC Mimosas, nuko akomereza mu gihugu cya Portugal mu makipe ya FC Porto na Paços de Ferreira.
Yageze mu ikipe ya Nice mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka wa 2005 nuko ayikinira mu mikino yose 38 ya shampiyona mu mwaka we wa mbere w'imikino, ayitsindira ibitego 3. Icyo gihe ikipe ya Nice yarangije shampiyona iri ku mwanya wa kane.
Yatangiye gukinira ikipe y'igihugu cye cya Côte d'Ivoire mu mikino mpuzamahanga ubwo yakinaga n'ikipe y'igihugu ya Sierra Leone mu kwezi kwa cyenda mu mwaka wa 2005.
Yanakiniye igihugu cye mu gikombe cy'Afurika cy'ibihugu giheruka cyabereye mu gihugu cya Gabon ubwo ikipe ya Côte d'Ivoire, yarisanganywe icyo gikombe, yasezerewe nabi cyane itarenze icyiciro cy'amajonjora.
Umukinnyi Sofiane Boufal ukomoka muri Maroc, watsindiye igihembo cyitiriwe Marc-Vivien Foe umwaka ushize, yakiniraga ikipe ya Lille mbere yuko yerekeza mu ikipe ya Southampton muri shampiyona y'icyiciro cya mbere mu mupira w'amaguru mu Bwongereza.
Urutonde rw'abandi bakinnyi batsindiye iki gihembo cyitiriwe Marc-Vivien Foe:
2016: Sofiane Boufal (Moroc/Lille)
2015: Andre Ayew (Ghana/Marseille)
2014: Vincent Enyeama (Nigeria/Lille)
2013: Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon/Saint-Étienne)
2012: Younès Belhanda (Moroc/Montpellier)
2011: Gervinho (Côte d'Ivoire/Lille)
2010: Gervinho (Côte d'Ivoire/Lille)
2009: Marouane Chamakh (Moroc/Bordeaux)
|
amakuru-44388503 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44388503 | Abatama babiri bishwe barashwe na Al-Shabab muri Somalia | Abatama babiri bishwe barashwe n'intagondwa za Al-Shabab mu duce dutandukanye tw'umugwa mukuru Mogadishu, mu gihugu ca Somalia. | Abagwanyi b'umugwi Al-Shabab
Haraheze igihe abanya Somalia bafise umwitwarariko munini ku gitigiri ciyongera c'abantu Al-Shabab ihiga umwumwe, munyuma ikica.
Muri bino bitero bibiri vya nyuma co kimwe no mu bindi vyinshi vyo mu ndwi za vuba, ubwo bwicanyi bukogwa ku murango izuba riva, nta mupolisi canke umusirikare agerageza kubuhagarika.
Mu kugerageza gutera ubwoba abanyagihugu, Al Shabab yarafashe amashusho ya video, iyasanzaje ku mbuga hwaniro.
Ku munsi wa kabiri abanyepolitike batatu hamwe n'abasirikare batandatu babacunze barishwe, baguye mu mutego wa Al-Shabab mu buraruko bwa Mogadishu.
|
amakuru-55734922 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55734922 | Ibibazo byanyu kuri coronavirus birasubizwa na muganga | Nk'uko bisanzwe, mu rukurikirane rw'ibiganiro byihariye byibanda kuri coronavirus, kuri uyu wa gatatu turabatumikira ku bibazo mwibaza kuri iki cyorezo.
| Uwitwa Irad, yatwandikiye yibaza ati ni gute icyorezo gifata abasaza, urugero nka Trump n'abandi, bagakira kikabasiga, ariko abandi basore ndetse n'abana bafite abarinzi b'umubiri bakwiye kikabahitana?
Prudent Nsengiyumva yaganiriye na Dr Leonard Nduwayo, umuganga uzobereye mu ndwara zandukira akorera mu Bufaransa.
Ushobora kumva icyo kiganiro aho hejuru.
|
amakuru-54851936 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54851936 | Imvo n'Imvano ku bitekerezo ku ho demokarasi igeze mu Burundi no mu Rwanda | Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 7 z'ukwezi kwa 11 mu 2020. Uyu munsi turaha umwanya abatanze ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho ku itariki 19 na 26 z'ukwezi kwa 9, ikiganiro cyavugaga ku munsi mpuzamahanga wahariwe demokarasi ku isi, muri icyo kiganiro tukaba twaribanze aho demokarasi igeze mu Rwanda no mu Burundi.
| Uwo munsi wibukwa ku itariki 15 z'ukwezi kwa 9, wahuriranye n'icyegeranyo cyakozwe n'ikigo The Economist Intelligence Unit gitangaza raporo yitwa Democracy Index, ni igipimo cy'uko domokarasi mu mahame yayo atandukanye ihagaze ku manota 10 mu bihugu 167 ku isi.
Kuri 'Democracy Index' yo mu 2019 yatangajwe muri uyu mwaka, u Rwanda ruri ku mwanya wa 129 n'amanota 3/10, u Burundi ku wa 154 n'amanota 2/10.
Icyo gihe abatumire bacu bari Léonard Nyangoma, umukuru w'umugambwe CNDD akaba ari mu buhungiro mu gihugu cy'Ubufaransa; Léonard Nyangoma yashinze CNDD avuye muri FRODEBU, ishyaka ryatsinze amatora mu Burundi mu buryo buciye muri demokarasi mu mwaka wa 1993, umukuru w'igihugu wa mbere watowe icyo gihe Melchior Ndadaye akaza kwicwa hashize amezi 3 agiye ku butegetsi.
Twari kumwe kandi na Victoire Ingabire, umukuru w'ishyaka DALFA ritaremerwa n'amategeko mu Rwanda; Victoire Ingabire yashinze DALFA avuye muri FDU-Inkingi, ishyaka ryamwohereje mu mwaka wa 2010 ngo aze kurihagararira mu matora y'umukuru w'igihugu, naryo rikaba n'ubu ritaremerwa n'amategeko mu Rwanda.
Undi twari kumwe ni Aimé Pascal Nduwimana, umukuru w'ishyirahamwe MAC (Ministère Africain de Compassion), iri shyirahamwe rimaze imyaka 15 ricungera amatora yo mu Burundi, muri aya matora aheruka kuba mu Burundi, baje ku mwanya wa kabiri mu kugira abarorerezi benshi muri ayo matora. Aimé Pascal Nduwimana ari mu Burundi.
Twari kumwe kandi na Théogène Munyangeyo, umuvugizi wa FORUM y'amashyaka mu Rwanda, bita ihuriro nyunguranabitekerezo ry'amashyaka ya politike. Théogène Munyangeyo ari mu Rwanda.
Twari kumwe ndetse na Joseph Sebarenzi, umusesenguzi mu byo gutatura amatate. Joseph Sebarenzi yabaye umukuru w'inteko nshingamateka mu Rwanda, ubu akaba ari mu buhungiro muri Amerika.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.
|
amakuru-50295067 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50295067 | Abahanganye na Ebola muri Kongo barenga 300 baramaze guterwa | Leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo ivuga ko kuva mu ntango z'uno mwaka abakozi bahanganye n'ikiza ca Ebola barenga amajana atatu bamaze kugabwako ibitero mu buseruko bw'igihugu. | Abarwanya Ebola 6 baramaze kwicwa abandi 70 barakomereka
Icegeranyo c'ubushikiranganji bujejwe amagara kivuga ko batandatu bamaze kwicwa abandi mirongo indwi barakomereka.
Ico cegeranyo congerako yuko ivyo bitero bibangamira utwigoro two kubuza uwo mugera ngo ntukwiragire.
Mu mpera z'indwi yaraye iheze umunyamakuru wa radiyo okapi yariciwe iwe muhira.
Yishwe nyuma gatoyi yo gushikiriza ikiganiro co guhimiriza abantu ku kwirinda Ebola kuri radio.
Kuva ico kiza caduka mu kwezi kwa munani mu mwaka uheze, kiramaze guhitana abantu ibihumbi bibiri n'ijana na mirongo umunani.
|
amakuru-46952552 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46952552 | Muri Uganda kugenyerwa kw'abagore kwariyongereye mu karere k'ubuseruko | Abajejwe intwaro mu buseruko bwa Uganda bavuga yuko hiyongereye ibikorwa vyo kugenyerwa kw'abagore, vyogereranywa no gusiramura ku bagabo. | Benshi mu bagenyerwa n'abagore bubatse banenwa kuko batabigiriwe bakiri bato
Ico gikorwa ni icerekeye gukeba ibice bimwe bimwe vy'igihimba c'irondoka c'umukobwa nk'umugenzo.
Igipolisi mu ntara ya Sebei carongereje utwigoro two kubuza uwo mugenzo wabujijwe n'amategeko kuva mu 2010.
Benshi mu bakobwa bagenyerwa bivugwa ko ari abagore bubatse bari mu myaka ya za mirongo ibiri na mirongo itatu, banenwa mu kibano kuko batabikorewe bakiri bato.
Abayobozi hamwe n'abaharanira agateka ka muntu bavuga ko imihango yo kugenyerwa kw'abo bagore ubu ibera ku mugaragaro.
Ngo bigirwa nk'umugenzo aho usanga abagore n'abagabo bose baba bitavye.
|
amakuru-42514615 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42514615 | Tanzaniya igabisha kwugara amasengero | Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwagabishije ko bushobora kwugara amasengero avanga ivy'idini na politike, inyuma yaho umuvugabutumwa aneguriye Prezida John Magufuli mu nsiguro yashikirije kuri Noweli. | Prezida John Magufuli wa Tanzaniya
Uwo muvugabutumwa, Zachary Kakobe, yavuze ko igihugu kiriko kiraja buhoro buhoro mu ntwaro y'umugambwe umwe.
Umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu gihugu hagati yavuze ko isengero ry'idini iryariryo ryose rizoba ririko rirasesengura ibintu bijanye na politike, rizoca ryakwa uruhusha rwo gukorera mu gihugu.
Abidogera ubutegetsi bavuga ko hari ingeso iriko iraduga yo kutihanganiranira muri Tanzaniya, aho ibinyamakuru bitari bike vyugawe, abantu bagahamwa bazizwa ngo batutse umukuru w'igihugu ku mbuga hwaniro.
|
140523_icc_katanga | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru/2014/05/140523_icc_katanga | ICC yakatiye Katanga | Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha rw'i La Haye rwakatiye Germain Katanga igifungo cy'imyaka 12 kubera ibyaha by'intambara. | Germain Katanga amaze imyaka 6 afungiye mu Buholandi
Bwana Katanga, wahoze ari umuyobozi w'inyeshyamba muri Repubulika Iharanira demokarasi ya Congo, amaze imyaka 6 muri gereza, igihe kizagabanywa muri iki gifungo cye.
Mu kwezi kwa 3, Germain Katanga yahamijwe no kuba yaragize uruhare mu bwicanyi bw'abaturage babarirwa mu magana muri Ituri, mu agace gafite ubukungu bwa zahabu nyinshi mu majyaruguru y'uburasirazuba bwa Congo imyaka 10 ishize.
Umucamanza yavuze ko inyeshyamba zateye abaturage, zibaca ibice by'umubiri mbere yo kubica mu mugambi wo kurimbura umurenge wose.
|
amakuru-40117832 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40117832 | Solheim: Amasezerano y'i Paris ku hindagurika ry'ibihe azogumaho | Umukuru w'umugambi w'amakungu ujejwe ibidukikije, Eric Solheim avuga ko amasezerano yo guhindura ingendo y'ibihugu ata co azoba, kubera Amerika isokoye muri ayo masezerano yashiriweko umukono i Paris. | Bivugwa ko umwotsi mwinshi uva mu mahinguriro wonona ibidukikije
Eric Solheim yabwiye BBC Ubushinwa n'Uburaya ubu bifatanye mu nda n'Ubuhinde mu gukora akazi gakomeye, ku buryo ingaruka zivuye ku ngingo iyo ari yo yose yofatwa na prezida Donald Trump, ata co zizoshikako gusumvwa uko vyari vyifashe igihe ayo masezerano yashirwako umukono mu mwaka wa 2015.
Prezida Trump arikura mu masezerano y'i Paris?
Prezida Trump wa Amerika yavuze ko azoshikiriza ingingo yiwe kuri ayo masezerano y'i Paris kuri uyu wa kane.
Ubushinwa n'ubumwe bwa buraya bariteguye gusohora itangazo bari kumwe ryo gushigikira amasezerano y'i Paris.
|
49907321 | https://www.bbc.com/gahuza/49907321?ocid=socialflow_facebook | Rwanda: 25 baregwa kugirira nabi ubutegetsi bavuga ko bafashijwe n'u Burundi na Uganda | Jean Claude Mwambutsa/BBC Gahuzamiryango i Kigali
Iyi nkuru yavuguruwe saa 15h ku isaha ya Kigali
Abantu 25 baregwa gukorana n'ishyaka RNC ritavugarumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda bagejejwe mu rukiko rwa gisirikare i Kigali aho barezwe ibyaha bine. | Abaregwa imbere y'inteko y'abacamanza ya gisirikare i Kigali
Mu gusoma imyirondoro yabo mu rukiko bavuze ko harimo Abarundi, Abanya-Uganda n'Abanyarwanda.
Mu Banyarwanda higanjemo abakomoka mu karere ka Gisagara.
Ubushinjacyaha bwavuze ko aba ari bamwe mu bafashwe mu mirwano iheruka kubera muri Kivu y'Amajyepfo muri Congo Kinshasa, ingabo za Congo zikabashyikiriza u Rwanda.
Muri aba baregwa umuto afite imyaka 18 naho umukuru ni Habib Mudasiru w'imyaka 54 nk'uko umunyamakuru wa BBC uri mu rukiko abivuga.
Bose barezwe ibyaha bine; kwinjira mu mitwe y'abagizi ba nabi, ubugambanyi bugamije kugirira nabi ubutegetsi, umubano n'ibindi bihugu ugamije gushoza intambara mu gihugu. Barezwe kandi icyaha cyo kurema umutwe w'abagizi ba nabi.
Habib Mudasiru yahoze mu gisirikare cy'u Rwanda ku ipeti rya Majoro, mu kwa gatandatu ifoto yakwiriye ku mbuga nkoranyambaga imugaragaraza yarasiwe mu mirwano.
Habib Mudasiru wahoze mu ngabo z'u Rwanda, uyu munsi yagaragaye mu rukiko afite igikomere
Ubushinjacyaha bwavuze ko yarashwe igihe ingabo za Congo zarwanaga n'imitwe yitwaje intwaro muri Kivu y'Amajyepfo.
Bwavuze ko yafashwe akoherezwa mu Rwanda nyuma yo gukomerekera mu mirwano.
Ubushinjacyaha buvuga ko Mudasiru ibye bihera muri Uganda aho yari acungiwe umutekano nyuma yo kwemrerwa ubuhunzi.
Ubushinjacyaha buvuga kandi ko we n'abandi bantu 14 baje kuva muri Uganda bashishikajwe n'intumwa za kayumba Nyamwasa bakajya muri Congo bacye mu Burundi na Tanzania.
Abaregwa bose baje kuburana ifungwa n'ifungurwa ry'agateganyo mu rukiko rwa gisirikare, gusa nta numwe ufite umwunganiye.
Bemeye ko ibihugu by'amahanga byabafashaga ari u Burundi na Uganda.
Aba baregwa kuba mu mutwe w'ingabo w'ishyaka rya RNC ritavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda rikorera mu mahanga.
Basubiza ku cyaha 'cy'umubano n'ibindi bihugu ugamije gushoza intambara mu gihugu' bavuze ko Uganda yabafashije kugera ku mupaka w'u Burundi baciye muri Tanzania.
Ko ubutegetsi bw'u Burundi bwabacumbikiye, bukabaha imbunda n'amasasu mbere yo kubajyana ku mupaka wa Congo.
Abaregwa bicaye mu rukiko
Hashize igihe hari ubushyamirane bwa politiki hagati y'u Rwanda na Uganda hamwe n'u Rwanda n'u Burundi.
U Rwanda rushinja ibi bihugu gufasha abarwanya ubutegetsi, Uganda yahakanye ibyo u Rwanda ruyishinja ko ifasha abo mu mutwe wa RNC.
Ubutegetsi bw'u Rwanda bushinja ishyaka RNC - ririmo Gen Kayumba Nyamwasa wahoze ari umugaba mukuru w'ingabo z'u Rwanda - kuba ari umutwe w'iterabwoba.
Iri shyaka ryo rivuga ko atari umutwe w'iterabwoba ahubwo ari ishyaka riharanira impinduka mu Rwanda.
Abaregwa ntibarahabwa umwanya wo kuvuga ku byo baregwa mu rukiko, iburanisha rirakomeje....
|
amakuru-55715471 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55715471 | Kuki ibigo bihingura ubutare bw'ubumara vya Iran bishobora guterwa? | Irangira ry'ubutegetsi bwa Trump ryatumye abanya Irani bumva agahengwe, ariko babandanya kwiyubara. | Irani yarakoresheje amafaranga menshi cane mu guhingura za misire kugira ikingire ikirere cayo
Hari bamwe mu Kigobe c'Abarabu bari bafise ubwoba ko muri ibi bihe vya nyuma vy'ubutegetsi bwiwe, Donald Trump yashobora guta ishavu kuri Irani agakora ibitero vy'indege kuri ibi bigo bivugwa ko bifise intumbero ya gisivire.
Amakuru yava i Washington yavuga ko iyi yari imwe mu nzira Perezida Trump yategura, bikaba vyagiye gusubirwamwo n'abahanuzi biwe.
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'igihugu aherutse gutorwa yarerekanye neza ko yipfuza ko Amerika isubira mu masezerano ya 2015 ajanye n'umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara.
Ibi bisigura ko ashobora gukuraho ibihano Amerika yafatiye Irani, kandi akarekura n'amafaranga y'imfashanyo mu gihe iki gihugu cokwemera gushira mu ngiro ivyo ciyemeje.
None ubu Irani yoshira agati mu ryinyo ko itagisubira guterwa?
Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe kwivuna abansi avuga ko ari ngombwa ko Isirayeli yitegurira inzira ya gisirikare
Mw'ijambo rimwe, oya. Igihugu ca Isirayeli kibandanya gifise amakenga menshi, atari gusa kuri uwu mugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara, ariko ku mugambi wayo wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda ugizwe na za misire zirasa kure.
Ku wa kane w'indwi iheze, umushikiranganji wa Isirayeli wo kwivuna abansi Benny Gantz yabibiwemwo avuga ati: "Ni ngombwa ko Isirayeli yitegurira inzira ya gisirikare. Bisaba uburyo bwinshi ariko ndiko ndakora kugira ngo ibi bibe".
Isirayeli, isanzwe ibona Irani nk'umwansi rutura, ibona ko mu gihe iki gihugu kigendera ku mategeko ya Isilamu coronka ibombe y'ubumara, ubuzima bwayo bwoba bubangamiwe, ikaba yasavye amakungu guhagarika uyu mugambi imbere y'uko amazi arenga inkombe.
Irani ibandanya ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ari uwo amahoro, ariko ingingo yayo iheruka gufata yo kwongereza ubutare bwa uranium - kmwe mu biteye kubiri n'amasezerano ya 2015 - yatumye amakungu amera magabo.
Mu 1981, Isirayeli yariketse ko umukuru w'igihugu ca Iraki w'ico gihe, Saddam Hussein, yariko arategura ingene yohingura ibirwanisho vy'ubumara.
Mu gitero ciswe Operation Babylon, yafashe ingingo yo kwicungera itaraterwa, maze ikora igitero ku kigo gihingura ubutare bw'ubumara cari ahitwa Osirak, yifashishije indege zayo za F15 na F16, maze irasambura ico kigo.
Haciye imyaka 26, ni ukuvuga mu 2007, yakoze uko nyene muri Syria, mu gitero ciswe, Operation Outside the Box, maze isambura ikigo c'uguhingura ubutare bwa plutonium cakorera mu kinyegero hafi y'akarere ka Deir al-Zour kari mu bugaragwa.
Iragoye gushikira
Ariko Irani iragoye cane gushikira, uravye aho iherereye uvuye muri Isirayeli, ahaherereye ivyo bigo, n'ingene icungereye ikirere cayo.
Abatari bake baribaza nimba Isirayeli ishobora gukora igitero c'indege kikagenda neza idafashijwe na Amerika - ikintu ubutegetsi bwa Biden butipfuza gukora.
Amasanamu y'ikigendajuru asa n'ayerekana ibikorwa biheruka vyo kwubaka ikigo c'uguhingura ubutare bw'ubumara ca Natanz kiri mu bumanuko bwa Irani
Mu gihe kuva kera isanzwe izi neza ko ibigo vyayo bishobora guterwa na Amerika, Isirayeli canke mbere n'ibihugu bimwe bimwe vyo mu Kigobe c'Abarabu, Irani yakoresheje amafaranga menshi cane maze yubaka ibigo bimwe kure cane mu kuzimu, musi y'imisozi yayo.
Umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara, n'ubwo uboneka ko ari uwa gisivire, urafatanye cane n'ibikorwa vya gisirikare.
Muvy'ukuri, Abanya Irani bamaze igihe kinini bitegurira igitero ku buryo ubu biboneka neza ko ibigo vyayo biri mu kuzimu bigenda bitoroha gushikirwa.
N'aho ibintu bimeze uku, ibigo vya Irani bihingura ubutare bw'ubumara biboneka ko umwanya n'umwanya bishobora guterwa ku mpande zitatu.
Ubwa mbere, ibitero ku bigo bihingura ubutare bw'ubumara
Mark Fitzpatrick umushakashatsi ku kigo mpuzamakungu kijejwe ubuhinga (International Institute for Strategic Studies, IISS) akaba n'umuhinga mu bijanye no gukurikirana ibirwanisho, avuga ati: "Si ukuvuga ko ibigo vya Irani bidashobora gushikirwa".
Asigura ko kimwe kiri ahitwa Natanz gishobora gushikirwa n'amabombe ashika mu kuzimu.
Ariko Irani ni igihugu kinini kandi ibigo vyayo bihingura ubu butare bikwiragiye irya n'ino kandi mu kuzimu.
Mu 2012, abahinga bavuze ko ikigo gihingura uranium kiri ahitwa Fordo, kikaba kiri ku metero 80 uja mu kuzimu hagati mu musozi, gishobora kudashikirwa, mbere n'ibibombe vya Amerika bishika mu kuzimu ngo ntaco vyokigira, gusa ibikorwa vyo kwonona vyovyo ntivyokwanka.
Mu ntango z'uku kwezi, Irani yarasubiye gutangura ibikorwa vyo kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 20% ku kigo kiri mu kuzimu ca Fordo
Ariko gusa, kugira ngo ibi bigo bishikirwe, vyosaba urukurikirane rw'ibitero vy'indege zoshika hagati mu kirere ca Irani, ariko bikaba ngombwa ko zitabonwa n'abacungereye ibirere, canke naho zikabasumvya inguvu.
Irani yarashize amafaranga menshi mu guhingura za misire zigezweho, harimwo na Bavar-373, misire yakorewe muri ico gihugu, isubiyemwo misire y'Uburusiya S-300 ishobora guhiga no gukorora indege iri ku birometero 300.
Gutera abantu bakomeye muri uwo mugambi
Ibi ni ibintu bimaze igihe bikorwa.
Ikigo Mossad ca Isirayeli kijejwe igendereza carashoboye gushiraho umurwi wa ba maneko bakomeye hagati muri Irani.
Ni umurwi ukomeye ku buryo nk'igihe wa muhinga wa gisirikare yari akomeye Jenerali Mohsen Fakhrizadeh yariko aratembera kandi acungerewe i Teheran ku wa 27 z'ukwa cumi na rimwe, abamuteye bari bazi neza inzira yari gufata n'umwanya yari kuyifatirako.
Mohsen Fakhrizadeh yari azwi nka "Sekuruza w'umugambi w'uguhingura ubutare bw'ubumara wa Irani"
Hari amakuru atandukanye ku kungene yatewe kuri uwo musi.
Irani ivuga ko yatewe hakoreshejwe inkoho ya rutura yari itezwe ku modoka hifashishijwe telecommande ikoreshwa n'ikigendajuru (satellite).
Abandi bavuga ko cakozwe n'akarwi ka Mossad kagizwe n'abantu batari bake kandi baronkejwe ubuhinga bwo kurwego rwo hejuru n'ubu batarashobora gufatwa.
Uko vyagenze kwose, Fakhrizadeh - yari asanzwe azwi nka "sekuruza w'umugambi w'uguhingura ubutare bw'ubumara wa Irani", umuntu yafatwa na Amerika ko ari we mutwe w'ibikorwa vyose vy'uguhindura ibirwanisho vy'ubumara - yaragandaguwe.
Isirayeli ntirashobora gutangaza icese uwakoze ico gitero.
Imbere y'aho, hagati ya 2010 na 2012, abahinga bane bakuru bakuru ba Irani mu mugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara, bariciwe muri Irani nyene, bamwe bakaba bishwe n'ibibombe bitezwe ku modokari.
N'aho nyene, Isirayeli ntiyigeze yemeza canke ngo ihakane uruhara yoba yarabigizemwo.
Ariko gusa, ubu bwicanyi bwerekana ko n'aho inzego zijejwe umutekano za Irani zicungereye bikomeye igihugu, abicanyi bashobora guhikira neza abo bipfuza, ibi bigasubiza inyuma ubuhinga bwa Irani mu bijanye n'ubuhinga bwo guhingura ubu butare bw'ubumara.
Ibitero kuri mudasobwa
Hari ntambara yinyegeje ibandanya muri mudasobwa, ku ruhande rumwe hakaba hari Irani, ku rundi ruhande hakaba hari Amerika, Isirayeli na Arabia Sawudite.
Mu 2010, umugera wo ku rwego rwo hejuru wataziriwe Stuxnet warinjijwe mu mpisho mu nyabwonko zigenzura ikigo ca Irani gihingura ubutare bwa uranium kiri i Natanz.
Ingaruka zabaye akaga, ibikono vyayo ntivyashobora gukurikiranwa, ivyatumye umugambi usubira inyuma imyaka myinshi.
Iran ivuga ko umuriro wadutse ku kigo ca Natanz mu kw'indwi kwa 2020 wari umugambi "w'ubwononyi"
Iki gitero ca mudasobwa caravuzwe cane ko cakozwe na Isirayeli, n'aho abahinga ba Amerika na Isirayeli bazwi ko bafatanije mu guhingura uwu mugera wa Stuxnet.
Ubwo nyene Irani yaciye yihora, maze nayo yinjiza umugera wo ku rwego rwo hejuru wataziriwe Shamoon mu nyabwonko z'ikompanyi yimbura igitoro, Saudi Aramco ya Arabia Sawudite. Inyabwonko 30.000 zikaba zarononekaye, ivyagize ingaruka mbi ku mwimbu w'igitoro wa Arabia Sawudite.
Hari n'ibindi bitero vyinshi vyakurikiye.
Ibitero bizokwama vyitezwe kuri Irani
Amasezerano ya 2015 yari afise intumbero yo guhagarika ibikorwa vya Irani vyo guhingura ubutare bw'ubumara kugira ibihugu vy'abakeba ntibihave bifata inzira y'ibitero vya gisirikare.
Reta ya Irani ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ari uw'amahoro
Ariko Isirayeli na Arabia Sawudite vyagumanye amakenga kuri aya masezerano kubera vyabona ko yorohereza Irani kandi ko ari ayo igihe gito.
Ibi bihugu bibona ko aya masezerano ataco yakoze kugira ngo ihagarike umugambi wa Irani wo guhingura za misire zirasa kure.
Uno musi, ntivyishimiye umugambi w'ubutegetsi bwa Biden wo gusubiza Amerika muri ayo masezerano kiretse ashoboye gutorera umuti aya makenga ibi bihugu bifise.
Nta muntu n'umwe yipfuza gusubira kubona iyindi ntambara mu kigobe c'Abarabu. Eka mbere n'igitero ca misire cakozwe mu 2019 ku kigo c'igitoro ca Arabia Sawudite, igitero cagirijwe Irani n'incuti zayo, cagiye uko nyene.
Hagati aho, mu gihe cose hazoba hari amakenga ko Irani iriko ikorera mu mpisho kugira ironke ubushobozi bwo guhingura ibirwanisho vy'ubumara, izokwama yitezwe guterwa kugira ngo bazibire amazi atararenga inkombe.
|
140109_yaya_caf_player | https://www.bbc.com/gahuza/imikino/2014/01/140109_yaya_caf_player | Yaya Toure, umukinyi wa CAF wa 2013 | Ishirahamwe ry'umipira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryagize Yaya Toure, umukinyi w'umwaka wa 2013. | Yaya Toure
Uwo mukinyi wo hagati wa Cote d'Ivoire na Manchester City, bubaye ubugira gatatu atsindira uwo mwanya, akaba kandi mu kwa cumi na kabiri yaratsindiye ihiganwa rya BBC ry'umukinyi mwiza muri Afrika.
Yahiganwa n'uwundi munye Cote d'Ivoire, Didier Drogba akinira Galatasaray hamwe n'uwa Nigeria na Chelsea akina hagati John Mikel Obi.
Toure w'imyaka 30, agize ibiheruka kugirwa na Abedi Pele hamwe na Samuel Eto'o mu gutsindira ico kibanza inshuro zitatu.
Umunye Ghana Abedi Pele yagitsindiye yikurikiranya hagati y'imyaka ya 1991-93, mu gihe umunye Cameroun Eto'o yagitsindiye hagatiye ya 2003-5.
Toure nta gikombe yatsindiye igihugu ciwe canke umugwi akinira mu mwaka uheze, ariko uburyo akina neza bwarigaragaje mu mugwi wa City hamwe na Elephants wo muri Cote d'Ivoire.
Yatewe iteka mu muhango wabereye i Lagos muri Nigeira kuwa Kane.
Ugukina neza kwa Toure kandi kwatumye aba umunye Afrika wenyene yashizwe ku rutonde rw'abakinyi 23 ba FIFA bakomeye kw'isi mu mwaka.
Uwamwegereye cane mu kibanza ca CAF ni Mikel w'imyaka 26, yafashije Nigeria gutsindira igikombe ca Afrika c'imigwi 2013 muri Afrika y'epfo, anatsindira hamwe na Chelsea igikombe ca Europa League.
|
140113_syria_talks | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru/2014/01/140113_syria_talks | Syria: Ubutabazi bushobora kwemerwa | Ministiri w'ububanyi n'amahanga w'Uburusiya yavuze ko leta ya Syria ishobora kwemerera ibikorwa byo gutabara abantu bari mu turere twafashwe. | Sergei Lavrov mu biganiro na John Kerry
LONI yakomeje kuvuga ko itewe impungenge nabo bantu batabasha kugezwaho imfashanyo kubera imirwano ibera hagati y'ingabo za leta n'inyeshyamba nyuma y'amakuru avuga ko hari inzara ikomeye.
Sergei Lavrov, avuga nyuma y'ibiganiro yagiranye na mugenzi we wo muri leta zunze ubumwe z'Amerika, John Kerry, yavuze ko banaganiriye ku kibazo cyo gushyira intwaro hasi mu bice bimwe na bimwe bya Syria.
Ibiganiro by'amahoro biteganyijwe kuba i Geneve icyumweru gitaha, ariko abatavuga rumwe na leta ntibaratangaza niba bazabyitabira.
|
amakuru-55069422 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55069422 | Kenya: Perezida Uhuru Kenyatta yavuze ko gutukwa ari byo byatumye ava kuri Twitter | Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yavuze ko yafunze konti ye yo kuri Twitter kubera kuyitukirwaho. | Kuri uyu wa gatatu, Bwana Kenyatta yavuze ko yarakazwaga n'abamutukaga kuri urwo rubuga kuburyo atashoboraga gusinzira iryo joro.
Avuga mu Giswayile, yagize ati: "Nahitamo kuganira n'umugore wanjye [ubundi] nkabyuka mu gitondo nkajya ku kazi".
Konti ye bwite ya Twitter yari ifite abayikurikira barenga miliyoni eshatu, ariko yarahagaritswe none ubu ubutegetsi bwe bukoresha konti y'ibiro bya perezida, kugeza ubu ifite abayikurikira barenga miliyoni imwe.
Ubwo yahagarikaga gukoresha konti ye bwite, itsinda rishinzwe gutangaza amakuru ryo mu biro bye ntabwo ryari ryatangaje impamvu yabimuteye.
Abanya-Kenya bazwiho kwirekura mu mvugo yabo kuri Twitter, ndetse akenshi bagashyamirana n'abakoresha uru rubuga bo mu bindi bihugu.
|
amakuru-53845575 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53845575 | Maya Moore: Icyamamare muri WNBA wahagaritse gukina akabasha gufunguza Jonathan Irons | Ubwo Jonathan Irons yatungukaga asohotse muri gereza, Maya Moore yahise ashyira amavi hasi arapfukama. | Maya na Irons, bafotowe nyuma y'uko uyu avuye muri gereza mu kwezi kwa karindwi uyu mwaka
Byafashe umwanya ngo asubirane imbaraga. Maze arahaguruka aramuhobera, Irons yari arekuwe nyuma y'imyaka 23.
Rwari urugendo rurerure kuri bombi. Moore amaze kumera neza yatangiye gufata videwo na telefone ye, aravuga ati: "Ubu ni byiza. Birarangiye."
Iyi ni inkuru y'urugendo rwabo rudasanzwe.
Tariki 25 z'ukwezi gushize kwa karindwi umwaka w'imikino ya WNBA 2020 - shampiyona ya basketball y'abagore muri Amerika - waratangiye.
Ikipe ya Minnesota Lynx iri gushaka igikombe cya gatanu, ariko ubu ni 'season' ya kabiri bagiye gukina batari kumwe n'umwe mu bakinnyi bayo bakomeye cyane.
Mu 2011, Maya Moore yatoranyijwe ngo akinire iyi kipe ya Lynx. Kuva ubwo, yayifashije gutwara ibikombe bine bya shampiyona ndetse yabaye MVP muri 'season' ya 2014.
Uyu mukinyi w'imyaka 31 yatwaye imidari ibiri ya olempike n'ibikombe bibiri by'isi. Bamwe bavuga ko ari we mukinnyi urusha abandi bose babayeho muri WNBA.
Gusa mu 2019 yatunguye abantu bose bamuzi arabihagarika byose, kubera umugabo bahuye mu myaka 12 yari ishize. Umugabo wabaye nk'umuvandimwe we.
Watch the moment Jonathan Irons emerged from prison
Nubwo Irons yari afite imyaka 16 ubwo icyaha cyabaga, yaciriwe urubanza nk'umuntu mukuru.
Tariki 14/01/1997, umuntu yinjiye mu nzu ya Stanley Stotler, iri mu gace gatuwe n'abazungu mu mujyi wa St Louis muri leta ya Missouri. Ubwo Stotler yari yinjiye mu nzu ye uwo mujura yahise amurasa mu mutwe.
Stotler yararokotse gusa bwa mbere ntiyabashije kumenya uwamuteye, mu mafoto atandatu yeretswe.
Ikinyamakuru New York Times kivuga ko umupolisi yamusabye gukeka kwiza kwe gushoboka, maze atora ifoto ya Jonathan Irons n'indi y'undi mugabo nawe w'umwirabura.
Nyuma, mu iburanishwa ry'ibanze, Stotler yavuze ko Irons ari we wamuteye.
Ariko nta bimenyetso simusiga byahamyaga ko Irons wari ukiri umwana ari we wabikoze. Nta gihamya ya DNA cyangwa amaraso. Nta n'undi mutangabuhamya.
Umwunganizi mu mategeko ntiyemeye ko Irons yiregura, avuga ko yari akiri muto cyane kandi atarize.
Abashinjacyaha bavuze ko Irons yemeye icyaha, ikintu we n'abanyamategeko be bahakana. Umupolisi wabajije Irons yari wenyine kandi ntiyafashe amajwi y'iryo bazwa.
Icyo gihe cy'urubanza, mu kwa 10/1998, abategetsi ba Amerika bari barahagurukiye kurwanya ibyaha. Hatangwaga ibihano bikomeye kandi bihutiyeho no ku bakiri bato bakekwa.
Umushinjacyaha yumvikanye avuga kuri Irons ati: "Ntimumworohere kuko akiri muto. Ni mubi cyane kimwe n'umuntu ukubye gatanu imyaka ye.
"Dukeneye guha ubutumwa bamwe muri aba bakiri bato ko niba ugiye gukora nk'umuntu mukuru, uzafatwa nk'umuntu mukuru."
Mu kwezi kwa 12/1998 ubwo yari afite imyaka 18, inteko y'abacamanza bose b'abazungu yahamije Irons ubujura n'ubugizi bwa nabi, akatirwa gufungwa imyaka 50.
Mu 2007, amaze imyaka irindwi muri gereza, Maya Moore wari ufite imyaka 18 yagiye i Missouri gusura umuryango we maze ahura na Irons ubwo yajyanye n'abandi mu ivugabutumwa muri gereza.
Mu myaka yakurikiyeho, Maya yakomeje gusubira iwabo Jefferson City - umujyi yavukiyemo - agasura Irons. Yamwoherereje ibitabo akunda ndetse kenshi akavugana nawe mbere y'imikino ikomeye.
Maya Moore yatwaye ibikombe bine bya shampiyona ya WNBA ari kumwe na Minnesota Lynx, ikipe yagezemo mu 2011
Amaherezo, Maya yahisemo kuba ahagaritse akazi ke ko gukina basketball.
Kuki? Kuko yakomeje kwibwira ko Irons avuga ukuri.
Maya ati: "Hari ukuntu ukuri kukubwira ko hari ikintu kigiye kuba,
"Irons yakomeje kwizera ko turamutse tugejeje ukuri ku bantu ba nyabo, bashobora kugira icyo bakora."
Mu ntangiriro za 2019, mu gihe biteguraga gutangira 'season' nshya ya WNBA, Maya yarabiretse ajya gufasha abanyamategeko ba Irons gusaba ko yongera akaburanishwa. Yitangiye wese iyi gahunda.
Imyaka igera kuri 21 afunze, abashinjacyaha ntabwo bari biteguye gutsindwa. Bagerageje kuburizamo urubanza rushya ariko biranga, mu kwa 10/2019 Irons yabashije kujya imbere y'abacamanza ababwira ko ari umwere.
Tariki 09/03/2020 igihano cyahawe Irons cyavanyweho. Umucamanza Daniel Green yavuze ko urubanza rwa mbere "rwari ruciriritse kandi rukabije kudashingira ku bimenyetso."
Mu mwanzuro we, uyu mucamanza yavuze ko ibimenyetso by'ahakozwe n'intoki mu nzu ya Stotler basanze bidahuye n'umuturanyi wa Stotler cyangwa Irons.
Iki cyari ikimenyetso ko ari undi muntu wakoze icyo cyaha, ariko ibyo ntibyarebweho n'abunganiraga Irons mu rubanza rwo mu 2018.
Maya Moore aheruka gukina muri WNBA mu 2018 - Minnesota ntirongera gutwara igikombe itamufite
Inkuru ya Irons si umwihariko, iri mu buryo bukabije bwo guhana nta bimenyetso bwavuzwe cyane muri Amerika.
Icyegeranyo cya Netflix kitwa "13th" cyo mu 2016 cyagaragaje mu mibare uburyo gereza muri Amerika zuzuyemo abirabura benshi.
Wenda kamwe mu gace gafungura amaso kurushaho ni aka: Mu gihe umugabo w'umuzungu umwe kuri 17 afite ibyago byo kwisanga afunzwe, ku birabura ni umwe kuri batatu.
Gusa rimwe na rimwe kugira ngo habeho impinduka, ibarurishamibare ntiriba rihagije. Bisaba inkuru nyayo, y'umuntu.
Iyicwa rya George Floyd i Minneapolis muri leta ya Minnesota ryateje icyo ni iki ku isi hose.
Abantu babonye Floyd nk'umubyeyi, umuvandimwe, cyangwa undi muntu watakambye kugeza ubwo ahamagaye nyina mu gihe yari arimo apfa.
Nk'uko urupfu rwa Floyd rwatumye isi yongera kuganira ku ivanguramoko, Maya atekereza ko inkuru ya Irons ishobora kugeza ku mpinduka mu bucamanza bwa Amerika.
Ati: "Iki ni ikibazo kimaze igihe kinini cyo kwambura abantu ubumuntu gikorwa bigambiriwe n'ubucamanza mu gihugu cyacu.
"George Floyd yari umuntu n'abandi ni abantu. Iyo wambuye umuntu ubumuntu bwe, nawe uba ubwiyambuye."
Ubwo yari Perezida, Barack Obama areba Maya Moore avuga ijambo mu muhango wo kwakira Minnesota Lynx muri White House ubwo yari yatwaye igikombe cya WNBA mu 2014
Maya ntabwo asaba abandi bakinnyi kureka akazi kabo ngo bakore nka we. Gusa ntiyitaye ku bivugwa ku mbuga nkoranyambaga. Kuko ari byo abantu bakora iyo nta witaye ku bifite akamaro.
Maya yaharaniye kwanga ko Irons akomeza kwamburwa ubumuntu. Yamusuraga kenshi ku minsi y'ibiruhuko.
Avuga ko ibyo yemera abikubira mu magambo atatu; komeza ugaragare, ugerageze.
Ati: "Niba hari ingufu cyangwa ubushobozi runaka ufite, bukoreshe utera abandi imbaraga."
Maya Moore yemera gutanga ibyo afite ngo afashe abandi kurushaho kugera ku byiza.
Ni ukutikunda benshi muri twe tutagira imbaraga zo kugeraho. Ariko birashoboka ko kutikunda ari cyo gikenewe cyane ngo isi igere ku mpinduka nyazo.
Abajijwe icyo yigiye mu kubasha gufunguza Irons, urutonde ni rurerure, rurimo n'ibyo abona bikwiye guhinduka mu bucamanza bwa Amerika.
Imikorere y'ubushinjacyaha ni yo cyane cyane Maya na Irons babona ikwiye guhinduka, ndetse n'ibijyanye no gufunga abantu muri Amerika.
Niba hari akazi kenshi cyane ko gukorwa, Maya azi neza ko atabishobora wenyine, kandi ntabwo ari wenyine.
Yabaye urugero rwiza ku bandi bakinnyi bakurikiye inzira ye.
Renee Montgomery na Tiffany Hayes, abakinnyi ba WNBA, nabo ubu bahagaritse gukina uyu mwaka kugira ngo bafashe mu mpinduka zifuzwa mu kwibaruza ku matora n'amavugurura mu bucamanza.
Ubu, Maya we yibanze ku mavugurura mu bushinjacyaha.
Ubukangurambaga bwe yabwise "Win With Justice", ashaka guhangana n'umuco wo gushaka "gutsinda" [urubanza] ufatwa nk'ugamije kwangisha rubanda abashinjwa ibyaha.
Agira ati: "Mbona ibisa n'ibyo mu mikino n'ubutegetsi kuba abashinjacyaha baba bashaka cyane gutsinda. Ariko se gutsinda no gutsindwa ni iki?"
Ntabwo bizwi neza aho Maya Moore agana mu byo yifuza, nta n'ubwo bizwi neza niba azasubira muri basketball.
Gufungurwa kwa Irons ubu ufite imyaka 40, ni iherezo ry'urugendo rumwe kuri bombi, ariko si iherezo ry'ubucuti bwabo.
Kuri camera, abajijwe uko yumva amerewe ageze hanze ya gereza, Irons yagize ati: "Sinabishobora". Mbere yo gufata akanya akavuga ati: "Ni ubuzima".
Arongera afata akanya ati: "Ndumva meza nk'aho ubu ngiye kubaho. Ndashima buri wese wamfashije - Maya n'umuryango we. Nishimiye cyane kuba ngiye imuhira."
Yihanaguye amarira maze yambara neza agapfukamunwa yakorewe na bagenzi be yari asize muri gereza.
Irons yavuze ko nawe atagiye kwicara. Ati: "Ntabwo nzabibagirwa [abo yasize muri gereza]. Ngiye gufasha abo nzashobora."
|
amakuru-53919938 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53919938 | Narumbe Ekiru ati: umugabo wanje ntiyatinya kunzanirako abahabara bakararana | Narumbe Ekiru akunda kumwenyura cane. Uhuye nawe wokwibaza ko ari umuntu afise umunezero mu buzima bwiwe, ariko siko bimeze. | Narumbe Ekiru yama ariko aratwengatwenga
Uko kumwenyura kwiwe kunyegeje ibintu vyinshi cane biri mu mutima wiwe.
Intandaro nyamukuru ni amakuba n'ihahamuka yagize mubuzima bwiwe bw'abubatse.
Uyu mukenyezi w'imyaka 35 ubu, iyo ariko aravuga ku bijanye n'ubuzima bwiwe mu myaka 11 amaze yubatse, abugereranya n'isinema, ariko ni ivyabaye.
Ijoro riteye ubwoba
Uyu mugore avuga ko umunsi mu minsi atazigera yibagira mu buzima bwiwe, ni igihe mu vyo atari yiteze, umugabo wiwe atahana uwundi mugore yahoze ari umuhabara wiwe.
Narumbe ati: "Nakubiswe n'inkuba igihe umugabo ambwira ngo ndondere ahandi ndara kugira ngo we yinezerererwe n'umukunzi wiwe
Yamubwiye ko muri iryo joro yari afise umushitsi, umukunzi wiwe kandi ko vyari ngombwa ko ararana nawe muri iryo joro.
Narumbe ati: "Nakubiswe n'inkuba aho umugabo wanje ambwiriye ngo ndondere ahandi ndara kugira ngo we yinezerererwe n'umukunzi wiwe. Umugabo wanje yambwiye ko mpitamwo kurara ku ntebe canke nkarondera aho ndara ku mubanyi canke ku mugenzi wanje. Ariko iryo joro ryari iryiwe n'umukunzi wiwe".
Narumbe avuga ko ivyo yabonye mw'iryo joro vyamutumye ata umutwe.
Yisanze ari kwemera ico ari co cose umugabo yamutegeka. Yarabuze ico avuga canke yokora kugira ngo akize urugo rwiwe.
Yahavuye afata ingingo yo guta umugabo wiwe, inyuma y'aho abana biwe n'uwo bubakanye bamaraniye ijoro ryose n'uyo mugore.
None Narumbe yagiye he?
Amaze guta urugo agasiga umugabo wiwe ari kumwe n'umuhabara, yarabuze ico afata, hagati yo gusaba indaro mu babanyi, canke kuryama hanze y'inzu yiwe.
Ati: "Hari umwijima, ariko umwijima munini wari mu mutima wanje ku buryo ntashobora kumenya ico nari gukora. Muri ako kanya nyene niho naca nibuka ko hari umugenzi wanje pfa mpfe yaba hafi. Niwe yanyakiriye arampa indaro muri iryo joro".
Narumbe avuga ko iryo joro ryamubereye rirerire cane. Nta n'akanya na gato yigeze atora agatiro.
Mu mutwe wiwe yaguma abona umugabo wiwe ari kumwe n'uyo muhabara wiwe n'ingene bariko bararyoherwa mu gitanda ciwe.
Bukeye mu gaturuturu, Narumbe avuga ko umugabo wiwe yamuterefonye akamutegeka gusubira muhira kuko we n'umushitsi wiwe bari bahejeje ivyabo.
Narumbe avuga ko yama yipfuza ko umubano wiwe n'uwo bubakanye utera imbere
Uvyemera canke utavyemera, Narumbe yahavuye yiyandaza gushika muhira. Uyu mukenyezi avuga ko mu mutwe iwe yipfuza ko umubano wiwe n'uwo bubakanye utera imbere kandi ko yari yiteguye gukora ico ari co cose kugira ngo akize urugo rwiwe.
None yarongowe gute?
Narumbe Ekiru yarongowe afise imyaka 19. Igihe arongorwa yipfuza ko urugo rwiwe ruba urwo akarorero muri vyose. Kuva akiri muto, yari azi ko umugore mwiza ari uwihangana, kandi akarondera uko ashoboye kwose kubana n'umugabo wiwe mu mahoro.
Ati: "Tugitangura kubana, twari mu bukene butagira izina ku buryo twabanje kuba mu nzu y'umugenzi pfa mpfe w'umugabo wanje. Mvugishije ukuri, umugabo wanje nta kintu na kimwe yari afise, nta n'ikiyiko yari afise. Rero twatanguye ubuzima bwo hasi cane tugenda tuduga buke buke".
Hampande y'ivyo, vyaramugoye cane gusama imbanyi.
Ku ncuro zitatu zose, imbanyi yasamye zose zarakorotse. Amaze gusama ubugira kane, niho yagirirwa amahirwe aribaruka umwana w'imfura mu 2007, inyuma y'aho arasubira aribaruka abandi bana b'abahungu mu 2009 na 2013.
Uyu mugore avuga ko n'igihe umugabo wiwe yarwara akaremba yamwama iruhande.
Narumbe Ekiru yarongowe afise imyaka 19, ariko akaba yagiye kwibaruka umwana wa mbere amaze gukorora inda zitatu zose.
Ico gihe vyabaye ngombwa ko bimuka bagasubira ku gatumba gutangura ubundi buzima kubera ata buryo bwo kuba mu gisagara bari bafise.
Haciye imyaka ibiri bari ku gatumba umugabo wiwe akaronka ka mitende, baciye basubira kwimuka.
Hagati aho, ubuzima bwarabahindukanye, cane cane ingeso y'umugabo wiwe iraba nabi bamaze gusubira mu gisagara aho babayeho mu buzima bwisununuye.
Ng'ivyo ivyo gutandukana rero
Bamaze gusubira mu gisagara, urudandaza rw'umugabo wiwe rwagiye rutera rukomera, gushika aho ubukene babusezera vy'ukuri. Narumbe avuga ko kuva ico gihe umugabo wiwe yaciye atangura kumuhinduka.
Igihe yari yibungenze umwana agira kabiri, yibuka ko umugabo wiwe yamuzaniyeko uwundi mugore afise umwana muto.
Narumbe avuga ko umugabo wiwe yamubwiye ko amuzaniye umufasha kuko yari yibungenze agakenera uwumufasha utu na turiya mu rugo.
Ariko haciye iminsi yagiye gusanga uyo mugore yazanywe mu rugo nk'umukozi, kumbe yari umuhabara w'umugabo wiwe.
Nk'uko Narumbe abivuga, uyo mukunzi w'umugabo wiwe wo ku ruhande yahavuye asama imbanyi ari ho nyene muhira.
Narumbe ati: "Mu kiringo cose namaze nubatse, umugabo wanje yagize abahabara icenda bose"
Ivyo vyarateye uruhagarara runini ku buryo biba ngombwa ko uyo mugore yirukanwa.
Narumbe avuga ko babandanije babana neza n'umugabo wiwe nk'abubakanye. Ariko vyabaye ngombwa ko apangisha iyindi nzu babandanya babanye bisanzwe.
Inyuma y'aho, igihe cose Narumbe avuga ko umugabo wiwe yabandanije asambana n'abagore indiri n'indiri.
Icamubabaza cane ni uko umugabo wiwe yama ariko amubwira ibibazo yama ariko aragirana n'abo bahabara biwe.
Ati: "Mu kiringo cose namaze nubatse, umugabo wanje yagize abahabara icenda bose. Yama ambwira ingene bameze n'ingene babayeho mu buzima bwa misi yose. Ivyo vyarambabaza cane bikantera intuntu nyinshi, ariko igihe cose nama nibaza ko umugabo wanje yari gushobora kwigarura akagarukana agatima kuri jewe nk'umugore wiwe, ariko siko vyagenze".
Igihe kimwe yarivumbuye vyanse ko yihanganira 'ububegito' bw'umugabo wiwe.
N'aho yari yatandukanye nawe, yaguma yumva ko umugore mwiza ari urya yihanganira ingorane z'abubakanye, ariko igihe amaze kuvira mu rugo yabonye ko atari gushobora kwihanganira intuntu yaterwa n'umugabo wiwe yari yabaye barata baratora, uno munsi uyu, ejo uwundi gutyo gutyo.
Urupfu rw'umugabo wiwe n'abana biwe babiri
Urupfu rw'aba bantu bakomeye mu buzima bw'uyu mugore rwabaye mu myaka itandukanye no mu bihe bitandukanye nk'uko abivuga.
Hatanguye gupfa umwana wiwe agira gatatu mu 2013, amaze iminsi indwi gusa avutse. Yarwaye akanya gato.
Umuhungu wiwe mukuru amaze gushikana imyaka icenda, yatanguye kurwara igituntu, indwara yamubabaje cane.
Hampande y'ibi, Narumbe avuga ko umwana wiwe yatanguye kurwana amaso n'amatwi mu kiringo c'imyaka ibiri. Yararwanye n'ubuzima ariko biranka avamwo arapfa mu kwa gatanu 2016.
Ati: "Ico gihe cose, naguma nibaza igituma abana banje bari batanguye gupfa. Aho nyene naca nibuka amarushwa nabonye mu gusama imbanyi. Inda zitatu zose zakorotse imbere y'uko nibaruka! Naguma nibaza ibibazo vyinshi ariko sinari mfise uwushobora kunyishura".
Narumbe yari asigaranye umwana umwe w'umuhungu, mu gihe umugabo wiwe nawe yari yamaze kwirongorera uwundi mugore Narumbe yamutaye.
Urupfu rw'umugabo wiwe rwabaye igihe Narumbe yari ukwa wenyene mu masengesho. Avuga ko umugabo wiwe yapfuye mu 2017 mu kwezi imfura yabo yapfiriyeko. Yabwiwe ko umugabo wiwe yafashwe n'umutima ari kw'ipikipiki, utwigoro two kumuvuza kwa muganga tukaba ataco twashitseko kuko yapfuye ataratangura kuvurwa.
Kurondera abandi bana
Ubu Ekiru Narumbe areze abana barenga 40
Muri kino gihe, Ekiru Narumbe afise igikorwa gikomeye nk'umuvyeyi areze abana barenga 40.
Aba abarereye mw'irerero ry'abana. Mu ntango iri rerero ryari ryatangujwe n'uwari umugabo wiwe ariko akaba yaramaze gupfa. Inyuma y'urupfu rwiwe, Narumbe yaciye afata ingingo yo kubandanya igikorwa co kurera no kwita ku bana bakeneye ubufasha, hampande y'ukurera umwana wiwe w'ikinege asigaranye.
Narumbe asigaye ari umuhanuzi, nk'umuvyeyi yaciye mu marushwa yo kubura abo yakunda mbere n'urugo rugasambuka, azi ingorane z'ubuzima n'ingene zitangura mu buzima bw'umuntu.
|
amakuru-46341460 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-46341460 | Dore uko muri Ghana bashyingura, bagasezera ku bapfuye mu buryo bugaragara nk'inzozi | Imodoka, indege, cyangwa urusenda - waba wifuza kuzashingurwa mu isanduku ifite iyihe foroma? | Abaturage ba Ghana banyurwa no kubaza amasanduku agaragaza ubuzima bwa ba nyakwigendera, inzozi z'ibyo bifuzaga kugeraho ndetse n'ibyo bakundaga.
Abo mu miryango ya ba nyakwigendera bemeza ko abapfuye bakwiye gusezerwaho mu buryo bwiza cyane bushoboka, aho usanga imihango yo gushyingura yitabwaho cyane.
Abanyamakuru Fellipe Abreu na Henrique Hedler basuye amabarizo ya Kane Kwei mu murwa mukuru Accra no mu mujyi wa Kumasi mu majyepfo y'igihugu, baganira n'abakozi bo muri ayo mabarizo babaza amasanduku agendanye n'ibyo abo mu miryango ya ba nyakwigendera bifuza.
Ayo mabarizo yitiriwe Seth Kane Kwei, bamwe bavuga ko ari we wa mbere watangije kubaza amasanduku muri ubwo buryo muri Ghana.
Mu gihe Ghana ari kimwe mu bihugu bya mbere ku isi bihinga cacao - ikorwamo shokola (chocolat), imiryango ituye mu bice by'icyaro ikusanya ndetse ikizigamira amafaranga aba yavuye muri ubwo buhinzi, mu gushyingura ababo mu masanduku akoze mu ishusho ya cacao.
Amasanduku akoze gutyo ashobora kugurwa amadolari arenga 1000 y'Amerika - amafaranga menshi ku bahinzi, benshi usanga bakorera ari munsi y'amadolari 3 y'Amerika ku munsi.
Muri rusange, iforoma y'isanduku iterwa n'icyo uwapfuye yakoraga cyangwa icyiciro cy'ubuzima yabarizwagamo.
Eric Adjetey, ukuriye ayo mabarizo ndetse akaba amaze imyaka irenga 50 mu bubaji, agira ati: "Ni yo mpamvu urusenda ruba rufite igisobanuro kirenze kure ubuzima bw'umuhinzi".
Ibara ry'umutuku no gukarata k'urusenda bigaragaza uko nyakwigendera yari ateye muri kamere ye. "Yari umuntu ushyushye kandi uhindagurika, umuntu udashobora gukinisha".
Amasanduku afite iforoma y'imodoka yo mu bwoko bwa Mercedes Benz nayo arogeye muri Ghana. Nk'iyi igaragara muri iyi foto, ni iy'umugabo wari umukire wari utunze imodoka yo muri ubu bwoko ikorerwa mu Budage, kandi imva ye igomba gucukurwa mu buryo iyo sanduku-modoka iyikwiramo.
Steve Ansah, wabaje iyo sanduku, agira ati: "Iyi ni imwe mu masanduku akunze gukoreshwa cyane. Igaragaza ukuntu nyakwigendera yari umuntu ukize".
Benshi bita ayo masanduku amasanduku y'inzozi, ariko hano muri Ghana bayita Abeduu Adekai, bishatse kuvuga "amasanduku y'imigani".
Impamvu nuko aba afite igisobanuro kindi cyihariye bitewe n'iforoma yayo.
Indege nazo ziri mu maforoma akunze gukoreshwa. Nk'iyi ni isanduku y'umwana. Igaragaza ukuntu yashoboye kugera neza mu bundi buzima bwa nyuma y'ubu buzima bwo ku isi.
Rimwe na rimwe, abaturanyi batwerera imiryango ya ba nyakwigendera mu kuriha ikiguzi cy'isanduku.
Mu myaka ya vuba ishize, uburyo bwo gukodesha amazu byarasakaye muri Ghana. Iyi sanduku ni iy'umugabo wakodeshaga amacumbi ye wari ukunzwe cyane kubera kubaka inzu z'amacumbi akazikodesha rubanda.
Bwana Adjetey agira ati:
"Muri rusange, ni inshingano z'abo mu miryango yagize ibyago kugura isanduku yo gushyinguramo uwapfuye. Ariko ni nabo bariha ibikoreshwa mu muhango wo gushyingura, birimo nko kugura ibiribwa n'ibinyobwa, ndetse n'imyenda y'uwapfuye".
"Ni umuhango uba guhera ku wa kane kugera ku wa mbere. Ku wa kane, umuryango uhabwa isanduku; ku wa gatanu umurambo ukurwa mu buruhukiro; ku wa gatandatu haba umuhango wo gushyingura, mu gihe ku cyumweru abantu bajya mu rusengero".
"Ku wa mbere, abagize umuryango babara amafaranga yakoreshejwe n'ayatanzwe nk'inkunga".
Ababaji babaza isanduku, bakayisena bitegura kuyisiga irangi. Hari umuhanzi ugiye gushyingurwa muri iyi sanduku ifite iforoma y'indangururamajwi.
Bwana Ansah, umubaji, agira ati: "Ntabwo tuzi ingano ya nyakwigendera, rero tuyibaza abo mu muryango we, cyangwa tukayirebera ku mafoto".
Mu myaka ya vuba ishize, abandi babaji batangiye kubaza amasanduku ajyanye n'isoko ryayo rikomeje kwiyongera muri Ghana.
Ababaji bo muri Ghana akenshi bakoresha ibi bikoresho bikoreshejwe intoki basena ibiti babaza, ari nako babiha iforoma y'isanduku baherewe isoko.
|
49877216 | https://www.bbc.com/gahuza/49877216 | Somalia: Al Shabab ivuga yagabye igitero ku ngabo za Amerika | Umutwe w'iterabwoba wa Al Shabab watangaje ko wagabye ibitero ku birindiro by'ingabo za Amerika ku kibuga cy'indege cya gisirikare cya Ballogoogle bakica abasirikare 'benshi' ba Amerika. | Ibi bitero byabaye mu gitondo cya none ku wa mbere mu gace ka Shebelle kuri 100Km mu burengerazuba bwa Mogadishu.
Mu itangazo uyu mutwe wa Al Shabab wasohoye, uvuga ko aha hantu wagabye igitero ariho hategurirwa hakanava indege za 'drones' zikora ibikorwa binyuranye muri Somalia.
Ambasade ya Amerika muri Somalia yatangaje ko ibitero bya Al Shabab byasubijwe inyuma n'ingabo za Somalia zikorera muri Baledogle.
Mu itangazo ryasohowe n'iyi ambasade, ambasaderi Donald Yamamoto wa Amerika avuga ko ingabo zabujije aba barwanyi kugera ku mugambi wabo ndetse ko nta musirikare wa leta waguye mu mirwano.
Ibi bitero byabanjirijwe no guturika kw'igisasu bikurikirwa n'urusaku rw'amasasu kuri ibi birindiro by'ingabo za Amerika.
|
amakuru-48633776 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48633776 | Aba LGBT b’impunzi bo mu Rwanda, u Burundi, Kongo...bavuga ko bari mu kaga i Nairobi | Intsinda ry'impunzi zivuga ko ziva mu Rwanda, u Burundi, Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, Uganda, na Tanzaniya barangwa n'imigirire mpuzabitsina inyuranye (LGBTI) rivuga ko ryirukanywe aho ryari ricumbitse i Nairobi kubera kwangwa n'abaturage. | Izi mpunzi zivuga ko zashyizwe mu nzu y'ibyumba bitatu zirenga 60
Izi mpunzi zirenga 60 zirimo abana 29 zivuga ko ubu ziri mu nzu y'ibyumba bitatu zakodesherejwe n'umuntu ku giti cye aho zivuga ko nta mazi, nta biribwa kandi batazi uko bizagenda mu gihe kiri imbere.
Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku mpunzi muri Kenya rivuga ko rizi ikibazo cyabo n'akaga bahuye nako kandi riri gukurikirana iki kibazo, nubwo bo bavuga ko ntacyo iri shami ribafasha.
Claude (si ryo zina rye ry'ukuri, ku mpamvu z'umutekano we), umwe muri izi mpunzi, yabwiye BBC ko akomoka mu burasirazuba bwa Kongo, ko we na bagenzi be bandi bahoze mu nkambi nini y'impunzi ya Kakuma mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Kenya.
Iyi nkambi avuga ko bayivanywemo n'ubuyobozi bwayo bwababwiye ko butagishoboye kwihanganira ikibazo cyabo kuko bari banzwe cyane n'izindi mpunzi, ko bakorerwaga iyicarubozo, bahohoterwa kubera amahitamo mpuzabitsina yabo atandukanye n'ay'abandi.
Avuga ko mu kwezi kwa kane bagiye i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya bagakodesha inzu nto esheshatu zijyanye n'ubushobozi bwabo ahitwa Kangemi.
Umuryango w'impunzi witwa "Refugee Coalition of East Africa" uvuga ko iri tsinda ririmo abagore bahuza ibitsina (lesibians) 14, abagore 20 b'aba transgender, abasigaye ngo ni abagabo bahuza ibitsina n'aba "bisexual" hamwe n'abana.
Aho bagiye gucumbika Kangemi abaturage baho bamaze kumenya imiterere y'aba baturanyi, naho ngo batangiye kujya babahohotera ndetse bahita "Sodoma na Gomora".
Bahawe iminota 30 yo kuva mu nzu batunguwe
Claude avuga ko ku wa gatanu w'icyumweru gishize nyir'inzu yaje akababwira ko abahaye iminota 30 gusa ngo babe bavuye mu nzu ze bagiye.
Ati: "Twatabaje abantu bose tuzi, Refugee Coalition ni yo yaje ibasha kumwumvisha ko ataduteguje maze aduha iminsi ibiri uhereye ku wa mbere, ko ku wa gatatu tugomba kuvamo tukagenda".
Ku wa gatatu mu gitondo avuga ko babyutse basohoka muri izi nzu bakajya ku muhanda hafi aho kuko ntaho kujya bari bafite.
Akomeza agira ati:"Twiriwe aho mu muhanda n'abana... abantu badushungereye. Kugeza saa kumi n'imwe nibwo abo muri Refugee Coalition baje badushyira mu modoka batujyana ahitwa Rongai ku rusengero rw'abangilikani".
Avuga ko aha bahabavanye saa munani z'ijoro ry'uwo munsi bakabajyana mu nzu bakodesherejwe n'umuntu wabagiriye impuhwe witwa Michael.
Abarangwa n'imigirire mpuzabitsina inyuranye (LGBTI) bakunze kwibasirwa mu bice bimwe na bimwe
Umugabo umwe muri izi mpunzi utifuje gutangazwa amazina, ukomoka i Bujumbura mu Burundi ahitwa ku Musaga, yabwiye BBC ko bari muri iyi nzu y'ibyumba bitatu, itarimo amazi mu buzima bugoye cyane.
Yagize ati: "Twugaraniye mu nzu y'ibyumba bitatu abantu benshi gutya, nta muntu ararya, ntamazi ahari, abantu bari kumererwa nabi kubera kwicwa n'inzara. Turi kumwe n'abana, harimo abagore ...birababaje cane".
Claude, usa n'uvuganira iri tsinda, yongeraho ati: "Nta kintu na kimwe HCR iradufasha, nta n'umukozi wayo turabona na rimwe mu kaga kacu kereka abantu bamwe ba Refugee Coalition nubwo nabo baje bitinze".
Izi mpunzi zisaba HCR, ishinzwe gufasha impunzi, kubageraho kuko ngo kugeza ubu ntacyo irabafasha kuva babirukana aho babaga uretse gutanga imodoka yo kubajyana i Rongai.
Dana Hughes, umuvugizi wa HCR mu gace k'uburasirazuba n'ihembe ry'Afurika, yabwiye BBC ko bakurikirana ikibazo cy'izi mpunzi kuva ziri i Kangemi.
Yasubije BBC mu buryo bw'inyandiko ko bari gukorana n'abafatanyabikorwa babo mu gufasha aba bantu kubashakira aho baba no kubacamo amatsinda mato.
We yemeza ko hari ubufasha bw'amafaranga izi mpunzi zihabwa buri kwezi n'ubundi bufasha bagenerwa nk'abantu bakorerwa iyicarubozo n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina.
Avuga kandi ko babagira inama yo gushaka ahantu baba badahohoterwa kandi ntibabe hamwe ari benshi ku bw'umutekano wabo.
|
amakuru-44171673 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44171673 | Abategetsi babiri bariko bifotora bahatswe guhitanwa n'ikiraro muri Kenya | Abategetsi babiri basimvye imanga igihe ikiraro bari bahagazeko cabomoka, nkuko ibinyamakuru bivuga. | Ikarata ya Kenya
Mu makuru yaturutse mw'iradiyo Capital FM, bivugwa ko Bulamatari Alfred Mutua arongoye intara ya Machakos iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya, hamwe na mugenziwe Joash Maangi icegera ca Bulamatari w'intara ya Kisii mu burengero bwa Kenya, bariko bifata amafoto ya "selfie" igihe iyo mpanuka yashika.
Ntawuramenya icatumye ico kiraro gisenyuka.
Impera ya Twitter ubutumwa, 1
|
amakuru-38144307 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38144307 | Zuma yasimvye imanga y'abashaka kumukura ku butegetsi | Amakuru yaturutse mu kanama karongoye umugambwe National Executive Committee (NEC) kagizwe n'abantu 80 avuga ko umugambi wo kwirukana prezida Zuma ku butegetsi wahakanywe ariko ngo hakaba hari ivyo abari mu nama kuva mu mpera z'indwi iheze bashoboye kwumvikanako, nkuko ikinyamakuru South Africa's Business Day cabitangaje. | Zuma arahakana ivyo aregwa bijanye na ruswa
ANC itegekanya gushikiriza ibigo vy'itangazamakuru ivyavuye mu nama 12:00 GMT.
Nkuko urubuga ngurukanabumenyi rwa "South Africa's News24"rubishikiriza, Zuma yari kuba ahuye n'ingorane zikomeye za politike kuva aho atorewe kurongora ANC.
Yarahanganywe n'abo atwara muri reta barimwo abashikiranganji, uwujejwe igisata c'abakerarugendo, uw'ibikorwa remezo hamwe n'uw'ubuvuzi, niko canditse.
Zuma amaze igihe kirekire aregwa ku bijanye na ruswa, icegeranyo ca vuba kikamwagiriza kuba afise imigenderanire n'umuryango utunze cane w'aba Gupta.
Yarahatswe kenshi gukurwako ikizere n'inama nshingamateka ariko kino gihe bwari ubwa mbere ANC yiga ico kibazo ngo ivuge aho ihagaze.
Yaba Zuma canke aba Gupta barahakanye ko hoba hari ikibi kibagira.
|
amakuru-44355703 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-44355703 | Ifatwa ku nguvu ry'umunyeshure muri Kenya ryateje imyiyerekano | Abahora biga kw'ishuli ryisumbuye Moi Girls High School i Nairobi bari mu myiyerekano kw'irembo ry'iryo shuli, inyuma yaho umwe mu banyeshuli baho afatiwe ku nguvu ku munsi wa gatandatu. | Bamwe mu baje mu myiyerekano bari bambaye umwambaro w'ishuli Moi Girls High School
Abanyeshuli bavuze ko abagabo batatu binjiye mu buryamo bw'abakobwa, basambanya ku nguvu umwe muribo mu gihe abandi babiri bashoboye guhunga.
Bamwe mu bari mu myiyerekano bari bambaye umwambaro wo kuri iryo shuli, abandi bitwaje ivyapa.
Umwe mu bari mu myiyerekano yari yiyambitse nk'uwibugenze, aririmba mu giswahili ati: "Umwana navyaye nta burenganzira afise."
Ikigo c'imboneshakure gikorera mu gihugu cerekanye amasanamu ya video y'iyo myiyerekano.
|
amakuru-55902948 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55902948 | China: Abantu 80 bakora incanco za Corona za magendu bahagaritswe | Ubushinwa buvuga ko buriko burarondera abagizi ba nabi bakora "incanco za magendu" za Covid-19, bakora ubwo bugizi bwa nabi kuva mu kwezi kw'icenda, nk'uko bivugwa na CNN. | Igipolisi ca Jiangsu, Beijing na Shandong cafashe abantu barenga 80 bafise uruhara mu gukora incanco zirenga 3.000 za magendu za Covid-19, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu, Xinhua.
Xinhua ivuga ko ubushikiranganji bw'umutekano mu Bushinwa buvuga ko buriko buragira amatohoza kuri izo ncanco za magendu hamwe n'iyindi miti yo mu gisata co gukinga ingwara.
Igipolisi cemeza ko kuva mu kwezi kw'icenda mu 2020, abo bakora izo ncanco za magendu baronse amahera menshi cane, aho bashira umunyu mu rushinge bagaca bazigurisha ku mahera menshi, nk'uko bibandanya bivugwa na Xinhua.
Ubushinwa buriko buracandaga abanyagihugu bukoresheje incanco ziva mu bigo bibiri, Sinovac na Sinopharm, incanco z'ico gihugu kandi zaratanguye gutangwa mu bindi bihugu, harimwo n'igihugu ca Turkia.
|
amakuru-38581474 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38581474 | 'Nta mabanga ya Trump Uburusiya bubitse' | Uburusiya burahakana ibivugwa ko inzego z'iperereza z'Uburusiya zibikiye akabanga Donald Trump. | Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko "ari ivyo bikurira mu mutwe" kandi ko "bigaragara ko ari ugushaka kwonona ubucuti bafitaniye".
Bivugwa ko Uburusiya bufise inkuru zerekeye uwo mukuru w'igihugu aherutse gutorwa zerekeye ubusambanyi.
Bavuga kandi ko abajejwe imyiyamamazo yiwe bavuganye mu misho n'Uburusiya.
Trump yiyamirije izo nkuru.
Ata co yiriwe aravuga kuri izo nkuru, Trump yanditse kuri twitter: "Amakuru y'ibinyoma - politike yo kubiba urwanko!"
Bitegekanijwe ko Trump aha ikiganiro abamenyeshamakuru ku wa gatatu, imbere y'imisi icenda ngo ashikire ubutegetsi.
Bisa n'uko yashatse gutandukanya ibimwerekeye ku giti ciwe n'akazi akora ubu, mu gutorera inyishu ikibazo co kuvanga amabanga y'igihugu n'ivyiwe bwite.
Mu kwezi guheze inzego zijejwe iperereza zarasohoye inkuru zo mw'ibanga zivuga ko Uburusiya bwakoze ibikorwa vy'ubusuma kuri internet mu kwivanga mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika.
Mu zindi nkuru zitandukanye, ibinyamakuru vyo muri Amerika ubu bivuga ko Uburusiya zisobora guhutaza ubudandaji bwa Donald Trump hamwe na video imwerekana ari mubiterasoni.
BBC ntirahinyuza ivyo bivugwa kandi hari vyinshi bitaremezwa biri muri ico cegeranyo.
Putin na Trump barayaze neza
Bivugwa ko inzego zijejwe ipererza za Amerika zashikirije izo nkuru prezida aherutse gutorwa, prezida Obama n'abakuru mu nama shingamateka mu ndwi iheze.
|
amakuru-42085239 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42085239 | Ubuhindi bwipfuza kwararaza abitumira mu karere | Bamwe mu bategetsi bo muri leta ya Bihar iri mu buraruko bw'Ubuhindi basavye abigisha kugaragaza amafoto y'abitabarira mu karere ngo bitume abanyagihugu bamenyera gukoresha utuzu twa surwumwe. | Ubutegetsi bw'Ubuhindi bwipfuza kurangiza ingeso yo kwitumira mu karere
Abo bigisha basabwe kwishiramwo nabo nyene mu kugaragaza ukuri ku bijanye n'iyo ngeso.
Abo barimu bavuze ko basanzwe bahanzwe ko bohava bikwegera ibitero vy'abanyagihugu bashavuye canke vyoba bishavuje.
Leta zo mu Buhindi zimaze iminsi zisabwa gushira mu ngiro ivyasabwe na leta y'igihugu yipfuza kurangiza ingeso yo kwitumira mu karere, igwiriye cane mu gihugu.
|
amakuru-45785084 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-45785084 | Etiyopiya igiye gukura "visa" ku banyafrika bose | Umugambi w'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wo gutezurira abanyafrika bipfuza gutembera ku mugabane uracari kure nk'ukwezi, ariko igihugu ca Etiyopiya cafashe iya mbere ngo gifashe uje mu ngiro. | Umukuru w'igihugu ca Etiyopiya Mulatu Teshome
Ashikiriza ijambo mu nama y'inteko zijejwe amateka, avuga no ku bijanye n'amategeko leta igiye gushinga, Prezida Mulatu Teshome yamenyesheje ko uruhusha rwo kwinjira mu gihugu "visa" rugiye gukurwaho ku banyafrika bose.
Impera ya Twitter ubutumwa, 1
Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wasavye ko ibihugu vyose vya Afrika vyohagarika gusaba "visa" ku banyafrika bose kuva mu 2018.
Gushika ubu, igihugu ca Seychelles nico conyene kidasaba "visa" ku banyafrika - no ku bandi banyagihugu b'ibihugu vyose vyo kw'isi - nkuko biri kuva kera.
Mu cegeranyo gishasha bivugwa ko abanyafrika bashobora gutembera ata "visa" mu bice 22% vy'ibihugu vya Afrika.
|
amakuru-51569739 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51569739 | Kizito Mihigo: Umuryango wo muri Commonwealth usaba u Rwanda iperereza 'ryihutirwa kandi ryigenga' | Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu ushamikiye kuri Commonwealth urasaba ko ubutegetsi bw'u Rwanda bwizeza ko hazabaho "iperereza ryihutirwa kandi ryigenga" ku rupfu rw'umuhanzi Kizito Mihigo watangajwe ko yasanzwe yapfiriye muri kasho ya polisi ku wa mbere w'iki cyumweru. | Umunyamuziki Kizito Mihigo yari azwi cyane mu ndirimbo ziririmbirwa Imana, izivuga ku mahoro no ku bwiyunge
Umunyamuziki Kizito Mihigo yari azwi cyane mu ndirimbo ziririmbirwa Imana, izivuga ku mahoro no ku bwiyunge.
Mu itangazo wasohoye ku munsi w'ejo ku wa gatatu, uwo muryango - Commonwealth Human Rights Initiative (CHRI) - uvuga ko iperereza "ritabogamye kandi ryigenga ricyenewe hisunzwe uburyo buteganywa n'amategeko" mpuzamahanga u Rwanda rwashyizeho umukono.
Marie Michelle Umuhoza, umuvugizi w'urwego rw'ubugenzacyaha rw'u Rwanda (RIB), ejo yabwiye BBC Gahuzamiryango ko nta perereza risabwe n'umuryango wo mu mahanga u Rwanda rucyeneye kuko narwo nk'igihugu kigenga rubyishoboreye.
Madamu Umuhoza yasubizaga ku byasabwe n'undi muryango uharanira uburenganzira bwa muntu, Human Rights Watch, utarashize amakenga ibyavuzwe na polisi y'u Rwanda ko Kizito yiyahuye, na wo ahubwo ugasaba ko hakorwa iperereza ryigenga.
Sanjoy Hazarika, ukuriye ibikorwa byo mu mahanga muri CHRI, avuga ko nubwo leta y'u Rwanda itegereje ibizamini byo kwa muganga mbere yo kwemeza ibyatangajwe na polisi ku ikubitiro ko Kizito yiyahuye, hakorwa iryo "perereza ryimbitse ku bintu byamuviriyemo urupfu".
Bwana Hazarika ati: "Igihe ni ikintu cy'ingenzi cyane kugira ngo ibimenyetso by'ingirakamaro bitabura..."
Uwo muryango ushamikiye kuri Commonwealth - iyi ikaba igizwe n'ibihugu bikoresha ururimi rw'Icyongereza ahanini byahoze bikolonizwa n'Ubwongereza - ufite icyicaro i New Delhi mu murwa mukuru w'Ubuhinde ariko ukagira n'ibiro i London n'i Accra muri Ghana.
Uvuga ko ushyize imbere guharanira iyubahirizwa ry'uburenganzira bwa muntu mu bihugu binyamuryango bya Commonwealth.
U Rwanda ni igihugu kinyamuryango cya Commonwealth guhera mu mwaka wa 2009.
Inama y'uyu mwaka y'abakuru y'ibihugu na za leta bo muri Commonwealth izwi nka CHOGM mu magambo ahinnye y'Icyongereza, iteganyijwe kubera i Kigali mu cyumweru cya tariki ya 22 y'ukwa gatandatu.
|
amakuru-38742967 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-38742967 | Ekleziya ya Congo: amasezerano ashobora gusambuka | Abungere ba Ekleziya Katorika bahawe igikorwa co kurongora ibiganiro hagati y'umugambwe uri ku butegetsi n'imigambwe bitavuga ruwme basavye bashimitse abanyepolitike kwumvikana bagashira mu ngiro amasezerano. | Abantu bihaye amabarabara biyamiriza prezida Joseph Kabila
Abo basenyeri bavuze ko batiteguye kubandanya barongora ibiganiro ataho bishika, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Thomas Fessy yabishikirijwe.
Bavuga ko abarondera kwumvikana batokwibagira intego nkuru-ukuringaniza amatora imbere y'impera y'umwaka uza ariko imbere yaho Prezida Joseph Kabila asabwa kugena umushikiranganji wa mbere mushasha imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko yokwihitiramwo.
Ikindi ni uko umurwi ujejwe gukurikirana ivy'itunganya ry'amatora utegekanywa muri ayo masezerano utarashingwa.
Abakurikiranira hafi ingorane ziri muri Congo bafise amakenga ko Bwana Kabila ashobora kutubahiriza amasezerano canke agateba kuyashirisha mu ngiro, bigatuma igihugu cinjira mu rundi ruhagarara rwa politike.
|
amakuru-40807704 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40807704 | Ubutaliyano bwahagurukiye ikibazo c'abimukira | Inama nshingamateka y'Ubutaliyano yemeje ibisabwa vyo kurungika igisirikare co mu mazi gufashanya n'abacungera inkengera za Libiya kugwanya urudandazwa rukogwa ku bimukira. | Abimukira baharugwa mu bihumbi baramaze kugwa mu kiyaga ca Méditerranée bagerageza kuja i Buraya
Inteko zirongowe n'umusirikare w'ipete rya "Amiral" zishigikije ubwato bw'ingwano bagiye gufasha abanya Libiya gushira mu ngiro ingingo zategetswe n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu masezerano yapfundikiwe mu gisagara ca Tripoli.
Abantu benshi mu bagize inama nshingamateka bavuze ko bizeye ko ibindi bihugu vya Buraya, bizokwifatanya nabo muri ico gikorwa co guhagarika urugwirirane rw'abimukira baca mu kiyaga ca Méditerranée.
Abakozi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuze ko ubwato bwa gisirikare "Comandante Borsini", bumaze kugera mu mazi ya Libiya bufise uruhusha bwo gusuma urusaku muri ako karere.
Umugwi w'abagwanyi wo mu buseruko bwa Libiya wagabishije ko uzokwivuna ico wise agasotoro k'igihugu c'Ubutaliyano.
|
amakuru-53921267 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53921267 | Burundi – Rwanda: Inama y’ingabo zombi ni 'amahirwe yo gukemura ibibazo' - ICGLR | Umunyabanga mukuru w'urwego mpuzamahanga ruhuza ibihugu byo mu karere (ICGLR) avuga ko inama ya mbere yahuje abashinzwe iperereza mu ngabo z'u Burundi n'iz'u Rwanda ari "intangiriro nziza" n'amahirwe akomeye yo gukemura ibibazo hagati y'ibi bihugu. | Abasirikare babiri b'u Burundi (hagati) baganira n'uw'u Rwanda (iburyo) hamwe n'uwa EJVM (ibumoso) ku mupaka wa Nemba
Uyu munsi kuwa gatatu ku mupaka wa Nemba, inzego zishinzwe iperereza rya gisirikare z'ibi bihugu zahuriye mu nama yari iyobowe na Col Leon Mahoungou komanda wa 'Expanded Joint Verification Mechanism' (EJVM), rumwe mu nzego za ICGLR.
Col Ernest Musaba ukuriye ishami ry'iperereza mu ngabo z'u Burundi na Brig. Gen. Vincent Nyakarundi ukuriye ishami nk'iryo mu ngabo z'u Rwanda, nibo bari bakuriye intumwa z'ibi bihugu.
Mu kiganiro na BBC, Ambasaderi Zakary Muburi-Muita umunyamabanga mukuru wa ICGLR yavuze ko iyi nama ari umuhate wo kubanisha neza ibihugu byombi mu bya gisirikare, no muri politiki hanyuma.
"Murabizi ko ibi bihugu byombi bimaze igihe bidafitanye umubano mwiza mu bya politiki n'umutekano, hari n'ibikorwa by'umutekano mucye byabayeho hagati y'ibihugu byombi" - Muburi-Muita.
Kuva mu 2015, ubutegetsi bw'ibi bihugu burebana nabi, mu gihe gishize habaye imirwano hagati y'ingabo z'ibi bihugu hafi y'umupaka, ibi biheruka mu kwezi kwa gatanu mu kiyaga cya Rweru.
Mu kwa 11 umwaka ushize wa 2019, habaye ibitero bibiri 'bikomeye' ku ngabo z'ibi bihugu mu duce tubiri twegeranye hegereye umupaka muri ibi bihugu byombi.
EJVM ikora iperereza ku mutekano mucye hagati y'ibihugu 12 bigize ICGLR, ibivuye mu iperereza bigahabwa abakuriye ingabo n'ibi bihugu ngo babikemure.
Hitezwe iki kuri iyi nama?
Iyi ni inama ya mbere - mu gihe kinini gishize - ihuje inzego za gisirikare z'ibi bihugu nk'uko Bwana Muburi-Muita abivuga.
Agira ati: "Birazwi neza ko iyo ibihugu biri kuganira haba hari amahirwe ko byabana neza, [ariko] iyo bitari kuganira ibyo ntibishoboka.
"Mu Burundi ubu hari ubutegetsi bushya, iyo hari abantu bashya mu butegetsi, ayo ni amahirwe yo kugira ngo dusubire ku bibazo biri hagati y'ibi bihugu, no kugerageza kubikemura bakabana neza.
"Kuba bemeye kwicarana bakaganira ku bibazo bihari, kuri twe ni intambwe ikomeye."
Ibyo bibazo bizakemuka?
Ubutegetsi bw'ibihugu byombi bushinjanya gufasha abashaka kugirira nabi buri ruhande.
Bwana Muburi-Muita avuga ko ICGLR isaba ibihugu biyigize kuganira ku nzego z'iperereza rya gisiriakare, iza gisirikare muri rusange n'iza politiki mu gucoca ibibazo byaba hagati y'ibihugu.
Ati: "Iyi nama rero ni intangiriro nziza, ni amahirwe akomeye yo gukemura ibibazo, niba atari byose bafitanye."
|
56500378 | https://www.bbc.com/gahuza/56500378 | Ethiopia-Tigray: Abiy Ahmed yemeye ubwa mbere ko ingabo za Eritrea zinjiye muri Tigray | Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yemeye ubwa mbere ko ingabo z'igihugu kibanyi ca Eritrea zagize uruhara mu ntambara yo mu ntara yo mu buraruko ya Tigray. | Ni ubwa mbere Abiy Ahmed yemeye ko ingabo za Eritrea zinjiye muri Tigray
Amezi n'amezi yari aheze ibihugu vyompi bihakana ko izo ngabo zajabutse urubibe.
Ashikiriza ijambo inama nshingamateka ya Ethiopia, Abiy yavuze ko yavuganye n'abategetsi ba Eritrea ku bijanye n'ibivugwa ko izo ngabo zo muri Eritrea zakoze amarorerwa muri Tigray.
Ntiyemeye ko ingabo za Eritrea zinjiye mu bisagara vya Ethiopia, aho amashirahawe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko zakoze amarorerwa harimwo kwica abanyagihugu basanzwe batagira ibigwanisho (aba Civil) .
AbanyaEthiopia ibihumbi n'ibihumbi barataye izabo kuva iyo ntambara itanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ku bantu benshi bihweza ivyo muri ico gihugu, vyagaragaye kera ko Abiy yagiranye amasezerano n'umukuru wa Eritrea kugira bashire inguvu hamwe birukane umwansi bahurirako - reta y'intara ya Tigray.
|
amakuru-47784548 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-47784548 | Umuyobozi w'akarere muri Amerika yashyingiye umugore n'umugabo mbere yuko umugore abyara abazwe | Umuyobozi w'akarere ko muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika akaba ari n'umwe mu bashaka kwiyamamaza mu matora ya perezida yo mu mwaka utaha, yashyingiye umugore n'umugabo mbere gato yuko uwo mugore ajya mu bitaro kubyara abazwe mu buryo buzwi nka césarienne. | Umuyobozi w'akarere Pete Buttigieg (uri hagati) yashyingiye Mary na Gabe mu biro bye
Pete Buttigieg, umuyobozi w'akarere ka South Bend muri leta ya Indiana, yavuze ko Mary na Gabe ejo ku wa mbere bamusanze ari bwo akigera ku biro bye ahagana ku isaha ya saa mbiri n'iminota 15 za mu gitondo bakamusaba kubashyingiranya mbere yuko umwana wabo avuka.
Abakozi bo ku karere ni bo babaye abahamya b'iryo shyingirwa ryabo, nuko bakoresha agatambaro mu mwanya w'impeta zitari zaboneka.
Nuko Mary asaba guhura na muganga ku isaha ya saa tatu za mu gitondo, abyara umwana w'umukobwa.
Bwana Buttigieg yatangaje ku ipaji ye yo ku rubuga nkoranyambaga rwa Facebook ko Jade Katherine Jones abaye "umuturage mushya" wo mu karere ayobora ka South Bend.
Muri ubwo butumwa bwe bwaherecyejwe n'ifoto y'urwo ruhinja, yagize ati: "Ibihe nk'ibi ni byo nzakumbura manda yanjye nk'umuyobozi w'akarere nirangira".
Umuyobozi w'akarere yagize ati: "Ikaze kuri Jade muri iyi si idasanzwe kandi iryoshye!"
Uyu mukuru w'akarere ka South Bend yagize ati: "Ishimwe ku bamaze gushyingirwa bakaba n'ababyeyi bashya, kandi ikaze kuri Jade muri iyi si idasanzwe kandi iryoshye!"
Mu kwezi kwa mbere k'uyu mwaka wa 2019, Bwana Buttigieg w'imyaka 37 y'amavuko yatangaje ko aziyamamaza mu matora ya perezida w'Amerika yo mu mwaka utaha wa 2020, ajya mu bahatanira kuzahagararira ishyaka ry'abademokarate, bamaze kuba imbaga kugeza ubu.
Naramuka atsindiye kurihagararira, Bwana Buttigieg azaba abaye uwa mbere mu biyemerera ku mugaragaro ko bakorana imibonano mpuzabitsina n'ab'igitsina kimwe na bo ushoboye guhagararira ishyaka rikomeye.
|
amakuru-54759529 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54759529 | Imvo n'Imvano ku kibazo cyo kugarura umutekano mu burasirazuba bwa DR Congo (igice cya 2) | Nkuko twari twabibasezeranyije ku wa gatandatu w'icyumweru gishize, Imvo n'Imvano y'uyu munsi ikomereje aho twacumbikiye mu kiganiro cyibanda ku kibazo cyo kubonera amahoro, umutekano n'umudendezo akarere k'uburasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
| Ni mu gihe ibintu birimo guhinduka muri ako karere. N'ubushake ndetse n'ingufu nyinshi leta ya Congo imaze igihe ikoresha mu gushakira amahoro ako karere yaba mu rwego rwa gisirikare, yaba mu mikorere ya leta, yaba ndetse no muri diplomasi ivugana n'ibihugu bituranye n'icyo gihugu.
Abatumire bacu ni Gad Mukiza, bourgmestre wa komini Minembwe, Colonel Michel Makanika wo mu mutwe wa Twirwaneho, Nestor Mubiho Radiyambinguni, umuvugizi w'umutwe wa Mayi Mayi Biloze Bishambuke, Enock Ruberangabo wabaye umushingamateka akaba akomoka muri Kivu y'amajyepfo, na Nyamuombeza Byaombe Ombe, umunye-Congo ukomoka muri Kivu y'amajyepfo ubu uri mu buhungiro muri Finland.
Iki kiganiro murakigezwaho na Félin Gakwaya.
|
amakuru-49064285 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49064285 | Muri Nigeria baribaza ingene umugabo yageze kw'ibaba ry'indege | Abajejwe ivy'indege mu gihugu ca Nigeria bariko baratohoza ingene umugabo atamenyekanye yashoboye kwurira ku baba ry'indege igire ifate ikirere. | Uwo mugabo yatumye abari mu ndege batekerwa n'ubwoba
Ivyo vyabereye ku kibuga c'indege ca Murtala Muhammed mu muji wa Lagos kuwa gatanu.
Video yafashwe n'umwe mu ngenzi yari muri iyo ndege yerekana izindi ngenzi zagize ubwoba zisaba kwururuka mu gihe uwo mugabo yariko agendagenda ku mababa y'iyo ndege y'ikompanyi Azman Air.
Umudereva yaciye abimenyesha abajejwe umutekano baca bafata uwo mugabo, nk'uko vyavuzwe mu rwandiko n'umuvugizi w'ibibuga vy'indege muri Nigeria, Henriatta Yakubu.
Madamu Yakubu yavuze ko gushika ubu itohoza rikibandanya.
Iyo ndege yari igiye mu muji wa Port Hacourt yahavuye ihabwa uruhusha rwo kuguruka imaze kugendurwa cane.
|
imikino-46956716 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-46956716 | Hector Bellerin, myugariro wa Arsenal wavunikiye mu mukino na Chelsea, ntazongera gukina uyu mwaka | Ubuyobozi bw'ikipe ya Arsenal bwatangaje ko myugariro wayo Hector Bellerin nta wundi mukino azongera gukina muri uyu mwaka w'imikino nyuma yaho anyurijwe mu cyuma ibizamini byo kwa muganga bikemeza ko yavunitse mu ivi. | Ni wo mukino wa mbere yari abanjemo mu kibuga nyuma y'ibyumweru bitanu byari bishize avunitse ku mpfundiko
Bellerin w'imyaka 23 y'amavuko usanzwe akinira n'ikipe y'igihugu ya Espanye, yasohowe mu kibuga Emirates cya Arsenal ku munota wa 72 w'umukino wo ku wa gatandatu wayihuje n'ikipe ya Chelsea, warangiye Arsenal itsinze ibitego 2-0.
Hector Bellerin yasohowe mu kibuga atwawe mu ngobyi mu gice cya kabiri cy'umukino wabereye ku kibuga Emirates cy'ikipe ya Arsenal
Byitezwe ko Bellerin atongera gukina mu gihe kiri hagati y'amezi atandatu n'amezi icyenda.
Ni wo mukino wa mbere yari abanjemo mu kibuga nyuma y'ibyumweru bitanu byari bishize avunitse ku mpfundiko, mu mukino wahuzaga Arsenal na Southampton mu kwezi gushize kwa cumi na kabiri.
|
amakuru-55421230 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55421230 | Russia yafatiye ibihano ibihugu vya EU mu kwihora ivyo bwakorewe ku kibazo ca Navalny | Uburusiya buvuga ko bugiye kubuza abategetsi n'amashirahamwe atari make y'ishirahamwe ry'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya kwinjira muri ico gihugu mu kwihora ku bihano ivyo bihugu vyabufatiye kubera ikibazo ca wa munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Vladimir Putin, Alexei Navalny. | Alexei Navalny yafashwe isanamu yigize umutegetsi bwa FSB maze asokoroza umwe mu bakozi bayo
Abaserukira ibihugu vy'Ubufaransa, Ubudagi na Suwede barengukishijwe mu bushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburusiya baramenyeshwa iyo ngingo.
Ku wa mbere, Alexei Navalny yasohoye ireresi aho avuga ko yataye mu mutego umukozi w'urwego rw'igendereza rwa reta y'Uburusiya, FSB, maze amuha amakuru yose y'ukungene bateguye igitero c'isumu yo mu bwoko bwa Novichok kuri uyu munyaporitike.
Muri ico gitero cabaye mu kwezi kw'umunani, yagarukiye iyo rwotera izuba.
Uyu munyaporitike w'imyaka 44, aho ari nk'umurwaruke inyuma y'indwi zitari nke ariko avurirwa mu cumba c'indembe mu bitaro vya Berlin mu Budagi, yasize ku rubuga rwa Youtube ireresi y'ikiganiro kirekire yagiranye n'uyu mukozi wa FSB ku wa mbere. Gushika ejo ku wa kabiri mu gitondo, abantu barenga imiriyoni 13 bari bamaze kuyiraba.
Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yamye ihakana ko ata ruhara ifise muri ico gitero cakozwe kuri Navalny, ikamirira kure ivyagiriji bitangwa n'ibihugu vyo mu burengero bw'isi bivuga ko yahawe isumu ya Novichok, isumu yica cane.
Muri ico kiganiro, Alexie Navalny yigize umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu nzego z'umutekano kuri terefone, maze ata mu mutego uyu mukozi wa FSB, Konstantin Kudryavtsev, uyu nawe atanga amakuru y'ingene Novichok yashizwe mu gahuzu ko musi ka Navalny.
Navalny vyagiye kwanka ari mu ndege y'Uburusiya, Kudryavtsev akaba yamubwiye ko ingingo y'umudereva yo kwihutira gutura vyihuta ku kibuga c'indege ca Omsk, Siberia - ari naho yatanguriye kuvurirwa - hamwe n'ubutabazi bwihuta yahawe n'umurwi w'abaganga bajejwe ubutabazi, ari vyo bishobora kuba vyatumye vyanka ko uyu munyaporitike yicwa.
Uyu mukozi avuga ko mu nyuma yarungitswe i Omsk gufata ivyambarwa vya Navalny kugira ngo afute ibimenyetso vyose vya Novichok.
Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov yariyamirije Navalny, amwagiriza ko "akwiragiza ibinyoma ngo aratotezwa", kandi ko "afise ingeso y'ubwishime".
Vladimir Putin - amaze imyaka itari mike yifatirwa mu gahanga na Navalny - yararongoye ikigo FSB imbere y'uko atorwa kurongora Uburusiya mu 2000.
Aya majwi asohowe haciye indwi imwe ikinyamaskuru gisohora amakuru y'igendereza, Bellingcat, gishize ahabona amazina y'abakozi batari bake ba FSB bavugwa ko bari bamaze igihe kirekire bakurikirana uyu munyaporitike anegura Kremlin imbere y'uko bamuha Novichok.
Perezida Putin yagiriza inzego z'igendereza za Amerika ko ari zo ziri inyuma y'ivyo, akavuga ko iyo FSB ishaka kwica Navalny "iba yarabihejeje kera ".
Ku wa 15 z'ukwezi kw'icumi, ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Buraya ryarafatiye abategetsi batandatu bakuru b'Uburusiya n'abakora mu kigo kijejwe ubushakashatsi ku birwanisho vy'ubumara, ibihano vyo kutinjira ku butaka bw'ivyo bihugu, ryongera rifata imitungo yabo, bakagirizwa ko bagize uruhara mu guha isumu Navalny.
Gushika ubu, ntiharamenyekana "abategetsi n'ibigo" vy'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya bafatiwe ibihano n'Uburusiya.
Navalny afise amamiriyoni amukurikira ku mbuga hwaniro, aho acisha ubutumwa bwiwe mu kunegura umugambwe wa Perezida Putin, United Russia, ko ari umugambwe wamunzwe n'igiturire kandi wuzuye "abicanyi n'abasuma".
Avuga ko Perezida Putin arongoye intwaro y'agahotoro ikoresha nkunzi mu "kununuza amaraso y'Uburusiya".
|
amakuru-49480375 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49480375 | U Rwanda 'mu bihe bidasanzwe by’imirire mibi', abandi bati 'si byo' | Jean Claude Mwambutsa/BBC - Kigali
Impuguke ku mirire zo muri Afurika zivuga ko imibare yerekana ko ibihugu byose by'Afurika yo munsi y'ubutayu bwa Sahara biri mu bihe bidasanzwe ku mirire mibi cyane mu bana, zivuga ko imibare y'u Rwanda iri hejuru cyane. | Ababyeyi baje muri gahunda y'imbonezamirire ku kigo nderabuzima cya Rubungo mu karere ka Gasabo mu mujyi wa Kigali
Imirire mibi yibasiye abana benshi batarageza ku myaka itanu mu bihugu byose by'Afurika yo munsi y'ubutayu bwa Sahara, nk'uko bivugwa n'izi nzobere zo muri Afurika mu nama izihurije i Kigali.
Ikigero gifatwa nk'icyakwihanganirwa mu mirire mibi izi nzobere zivuga ko ari 20%, iki kigero mu Rwanda kigeze kuri 38%.
Imirire mibi itera abana kwibasirwa n'indwara zitandukanye cyangwa bikabaviramo gukura nabi (kugwingira).
Ubushakashatsi buheruka bwa leta y'u Rwanda ku baturage n'imibereho yabo bwo mu mwaka wa 2015, bugaragaza ko nko mu ntara y'iburengerazuba gusa 45% by'abana baho bagwingiye.
Porofeseri Madamu Ngozi Nnam, inzobere mu by'imirire ikuriye ishyirahamwe rihuza izi nzobere muri Afurika, avuga ko iki kibazo kimeze nabi cyane muri Afurika.
Ati: "Hamwe urugero ruragera kuri 25%, aha mu Rwanda turi ho ruri hejuru cyane kuko ari 38%. Urugero rufatwa nk'urwakwihanganirwa ni iyo ruri kuri 20%, hejuru yaho icyo gihugu gifatwa nk'ikiri mu bihe bidasanzwe".
'Nta kibazo cy'ibiryo dufite'
Ku ruhande rw'u Rwanda iyi mibare ngo ntisobanura ko igihugu gifite ikibazo cy'ibiribwa bicyeya.
Madamu Christine Mukantwari ukuriye inzobere mu by'imirire mu Rwanda, avuga ko ikibazo ari ababyeyi batita ku bana kuva babatwite na nyuma yo kubyara.
Ati: "Nta kibazo cy'ibiryo dufite, abagera kuri 80% nta nzara bafite. Izindi mpamvu ni izihe? Ntabwo umwana akeneye amazi akeneye konka kugeza ku mezi atandatu nyuma ukamugaburira ya ndyo yuzuye, kubera igifu gito cy'umwana bisaba ko arya byibura inshuro esheshatu ku munsi".
Mu bice bitandukanye, kuri iki kibazo abategetsi mu Rwanda bagiye bumvikana bavuga ko impamvu nyamukuru y'iki kibazo atari ibura ry'ibiribwa ahubwo ari ukutamenya gutegurira abana ibihari.
Ababyeyi biganjemo abo mu miryango ikennye bavuga ko ikibazo gikomeye ari uko nta biribwa bihagije bafite cyangwa babasha kugura kubera ubukene.
Mu kwezi kwa gatanu, umwe mu babyeyi yabwiye BBC ati: "Iyo natetse ibirayi umwana na we ni byo arya kuko sinakorera amafaranga 700 ku munsi ngo mbone n'agakono k'umwana ku ruhande".
Ibiciro by'ibiribwa ku masoko mu Rwanda biri mu bizamuka kenshi bikananiza ubushobozi bw'umukene kugura byose akeneye mu kwihaza mu mirire.
|
amakuru-40637139 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40637139 | Zambia: Inguge yatumye umuriro ubura | Inyamaswa yo mu bwoko bw'inguge yangije insinga ku rugomero rw'amashanyarazi mu majyepfo ya Zambia bituma abantu bagera ku bihumbi 50 babura umuriro w'amashanyarazi mu gitondo cyo ku cyumweru. | Inguge n'izindi nyamaswa z'agasozi zikunze kuba hafi y'i Livingstone mu majyepfo ya Zambia
Iyo nyamaswa yari yuriye ku rugomero rw'amashanyarazi, igakwega insinga.
Henry Kapata, umuvugizi w'uru rugomero rw'amashanyarazi, yavuze ko iyo nyamaswa yarokotse uwo muriro w'amashanyarazi, ubundi wari kuba warayishe iyo iza kuba umuntu.
Kapata yongeyeho ko iyo azaba kuba umuntu wakoze ibyo yari no gukurikiranwa mu buryo bw'amategeko.
Yabwiye BBC ko iyo nyamaswa yarokowe n'umuryango wita ku kubungabunga inyamaswa z'agasozi, ubu ikaba iri koroherwa ariko ifite "ibikomere bikaze".
Umunyamakuru wa BBC aravuga ko uru rugomero rw'amashanyarazi ruri mu mujyi w'ubukerarugendo wa Livingstone, aho bimenyerewe kubona inyamaswa zizerera kuko hegeranye na parike.
Umuriro w'amashanyarazi ubu wagarutse i Livingstone ndetse no mu gace kari hafi aho ka Western Province.
Umwaka ushize, nabwo inguge yatumye umuriro ubura hose mu gihugu cya Kenya.
|
amakuru-48388714 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48388714 | Muri Amerika hari abagore n’abakobwa bigaragambije banga kuryamana n’abakunzi babo | Muri Leta zunze ubumwe za Amerika hakomeje imyigaragambyo yiganjemo abagore n'abakobwa bamagana itegeko 'ribabuza' gukuramo inda, imyigaragambyo bayijyanye no mu buriri. | Banze gutera akabariro n'abakunzi babo kubera itegeko ryo gukuramo inda
Mu minsi ishize Leta ya Alabama yatoye itegeko ritari risanzwe ribuza gukuramo inda ku mpamvu yindi yose uretse ishyira ubuzima bw'utwite mu kaga gusa. Ni itegeko ryishimiwe na bamwe.
Iri tegeko ariko ryarakaje abagore n'abakobwa benshi basanzwe babyemerewe, bahise batangira imyigaragambyo mu mihanda n'imbere y'inyubako z'ubutegetsi.
Imyigaragambyo mishya bayigejeje n'iwabo aho ubu abagore n'abakobwa benshi muri Amerika batari kwemerera abakunzi babo ko bakora imibonano mpuzabitsina.
Ibi byateje impaka no kwibaza. Bamwe baravuga ko ari uburyo buhejeje inguni mu kugaragaza imbaraga z'abagore, abandi bakavuga ko ari uburyo bwiza bwo kwerekana ko bashobora kugenzura imibiri yabo.
|
amakuru-41885488 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41885488 | Inama kw'ihindagurika ry'ibihe muri Maroc | Igihugu ca Maroc cuguruye inama y'umuryango mpuzamakungu Onu kw'ihindagurika ry'ibihe, igabisha ko ibimaze kwemegwa bigeze ku ca gatatu mu rugendo rwo kurondera kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe. | Ikarata ya Maroc
Ashikiriza uburongozi bw'iyo nama Fiji, umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Maroc, Salaheddine Mezouar, yavuze ko abaje baserukira ibihugu bidakenewe ko berekana inguvu ivyo bihugu bifise.
Yavuze ko ari igikogwa gikwiye kubamwo abatsinda gusa.
Inama y'i Bonn mu Budagi niyo yabaye iya mbere Prezida Trump yamenyesherejemwo ko agiye gukura igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu masezerano ya Paris.
Abateguye inama bashaka gukora ibikogwa birambuye vyofasha ibihugu vyashize umukono ku masezerano kuyashira mu ngiro.
|
amakuru-54113939 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54113939 | Covid-19: Amakuru ku nkingo, ni bande bazarubona mbere? Ni gute ruzakugeraho? | 'Laboratoires' z'ubushakashatsi na kompanyi zikora imiti ziri gusubiramo igihe byafataga gukora, kugerageza no kwemeza urukingo rukora neza. | Ibikorwa byihutirwa bidasanzwe biri gukorwa ngo urukingo rwa Coronavirus niruboneka ruzatangwe hose ku isi. Ariko hari impungenge ku ngaruka zo gutanguranwa kurubona.
Nonese ni inde uzarubona mbere, bizasaba ikihe kiguzi, ni gute kandi ruzatugeraho twese?
Ubusanzwe inkingo zo kurwanya ibyorezo zifata imyaka ngo zikorwe neza zemezwe zinagezweho ku bantu. Ndetse rimwe ntizibe zitunganye neza.
Kugeza ubu, kimwe mu byorezo byandura cyararanduwe burundu - ubushita (smallpox/variole) - byafashe imyaka 200.
Ibindi - kuva ku mbasa, tetanusi, iseru n'igituntu - turacyabana nabyo ariko tukabihashya, ku bw'inkingo.
Ni ryari twakwitega urukingo rwa coronavirus?
Hari gukorwa amagerageza y'inkingo ku bihumbi by'abantu bashaka urukingira abantu Covid-19, indwara y'ubuhumekero iterwa na virusi yo mu bwoko bw'izitwa corona.
Igikorwa ubundi gishobora kumara imyaka 10, kuva ku bushakashatsi kugera ku kurugeza ku bantu, ubu kiri gukorwa mu gihe cy'amezi gusa.
Abashoramari bashyize miliyari z'amadorari muri ibi bikorwa byo gushakisha vuba bishoboka urukingo rw'iki cyorezo.
Amagerageza y'urukingo Uburusiya bwise Sputnik-V yerekanye gushitura ubwirinzi bw'umubiri kuri iyi virusi kandi kurutera abantu biratangira mu kwezi kwa cumi.
Ubushinwa buvuga ko bwamaze kubona urukingo rukora neza ubu ruri gukorwa ku bwinshi ngo ruhabwe abasirikare.
Gusa hagaragajwe impungenge nyinshi ku muvuduko izi nkingo zombi zakoranywe.
Nta na rumwe muri izo rwashyizwe ku rutonde rw'ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (WHO/OMS) rw'inkingo zageze ku cyiciro cya gatatu cy'igerageza - icyiciro cyo kugerageza urukingo ku bantu benshi.
Bamwe mu bari imbere muri iri siganwa bizeye ko inkingo zabo zizemezwa mu mpera z'uyu mwaka - nubwo OMS yo ivuga ko ititeze gutangira gukingira abantu bose Covid-19 mbere ya hagati mu 2021.
Kompanyi AstraZeneca y'Abongereza n'Abanya-Suède iri gukorana urukingo na Kaminuza ya Oxford, yo ubu iri gukora rwinshi mu rwo yamaze kugeraho mu gihe rukiri mu igerageza rya nyuma, yemeje kuzahita iha isi doze miliyari ebyiri zarwo nirumara kwemezwa.
Pfizer na BioNTech, zivuga ko zashoye arenga miliyari imwe y'amadorari muri gahunda yabo y'urukingo rwa Covid-19, bizeye ko ruzaba rwamaze kwemezwa nibura mu kwezi gutaha kwa cumi.
Nirwemezwa, bizaba bivuze ko bazahita batubura bagakora doze nibura miliyoni 100 bitarenze impera za 2020, ndetse birashoboka ko bagera kuri doze miliyari 1.3 ahagana ku mpera za 2021.
Hari kompanyi zisaga 20 zikora imiti ziri mu magerageza y'inkingo zabo.
Ntabwo zose zizaba inkingo zikora neza zemewe - ubusanzwe 10% gusa by'inkingo ziri kugeragezwa ni zo zikora neza. Icyizere ni uko abari kurushaka ari benshi no kubona nyinshi zikora bishoboka.
Gusa nubwo rumwe muri izi nkingo rwakwemezwa ko rukora neza, kuba ruzahita ruba iyanga (rucyeya cyane) nta wubishidikanya.
Kurwanya kurwikubira
Leta zimwe ziri gukora ibishoboka ngo uruzaboneka ruzazigereho vuba, zirakora amasezerano yo guhabwa miliyoni za doze zarwo na kompanyi ziri kuzikora na mbere y'uko ubuziranenge bwazo bwemezwa.
Leta y'Ubwongereza yonyine imaze gusinya amasezerano y'agaciro katatangajwe yo kubona inkingo esheshatu mu ziri gukorwa, zakwemezwa cyangwa zitakwemezwa ko zikora.
Leta ya Amerika yizeye kuzabona doze miliyoni 300 nibura mu kwezi kwa mbere kubera ishoramari mu kwihutisha kubona urukingo.
Ikigo cya Leta Zunze Ubumwe za Amerika cyo kurwanya ibyorezo (CDC) cyamaze no kugira inama za leta kwitegura gahunda zo gukingira ishobora gutangirana n'ukwezi kwa 11.
Gusa ibihugu byose ntibifite ubwo bushobozi.
Ibigo nka Médecins Sans Frontières, ubundi biba biri imbere muri gahunda zo gutwara inkingo no gukingira, bivuga ko ibiri gukorwa n'ibihugu bikomeye ari "ukwikubira kandi biteye akaga gahunda isanzwe yo gukingira".
Ibi bigabanya ingano y'urukingo ruhabwa ibihugu ku isi cyane ku bihugu bikennye.
Mu gihe cyashize, dutanze nk'urugero, igiciro cy'inkingo z'indwara zikomeye cyatumaga ibihugu bimwe bitabasha gukingira abana indwara nka mugiga.
Dr Mariângela Simão, umukuru wa OMS wungirije ushinzwe imiti n'ibikoresho by'ubuvuzi, avuga ko bikenewe ko ibihugu bibuzwa kwikubira urukingo.
Ati: "Hazabaho ikibazo cyo kurugeza kuri bose ku buryo bungana - ko ibihugu byose bigerwaho, ntirube urw'ibishoboye kuriha menshi gusa."
Hari itsinda rishinzwe inkingo ku isi?
OMS iri gukorana n'itsinda ryo kurwanya ibyorezo, CEPI, hamwe n'ihuriro rya za leta n'imiryango ku by'inkingo rizwi nka Gavi, mu kugira ibyo bumvikanaho.
Nibura ibihugu 80 bifite ubukungu bukomeye, kugeza ubu byemeje gahunda yiswe Covax igamije gukusanya miliyari ebyiri z'amadorari bitarenze impera za 2020 yo gufasha kugura no gutanga mu buryo budasumbanya umuti cyangwa urukingo.
Leta ya Amerika, ifite umugambi wo kuva muri OMS, ntabwo iri muri ibyo bihugu.
Kuba ku isi hari kugeragezwa inkingo nyinshi, Gavi yizeye ko nibura hari uruzaba rwabonetse kandi rwemejwe bityo doze yarwo igera kuri miliyari ebyiri bayigeze ku bantu bitarenze impera za 2021.
Dr Seth Berkley ukuriye Gavi agira ati: "Ku nkingo za Covid-19 twifuza ko ibintu bihinduka. Niba ibihugu bikize ku isi bizaba byirinze byonyine ubwo n'ubucuruzi n'imibereho y'abantu muri rusange ku isi izakomeza kuzahara kuko icyorezo cyaba gikomeje ahandi ku isi."
Bizafata imari ingana iki?
Mu gihe miliyari z'amadorari ziri gushorwa mu gukora urukingo, izindi miliyoni nyinshi ziri gutegurwa mu kurugura no kurugeza aho rukenewe.
Agaciro ka doze imwe gaterwa n'ubwoko bw'urukingo, abarukoze n'umubare w'inkingo zifujwe.
Urugero, kompanyi y'imiti yitwa Moderna bivugwa ko iri kugurisha urukingo iri kugerageza ku giciro kiri hagati ya $32 na $37 (30,000 na 35,000Frw)
Serum Institute of India (SII), kompanyi nini ikora inkingo ku isi, igiye guhabwa miliyoni $150 na Gavi hamwe na Bill & Melinda Gates Foundation ngo ikore inatange mu Buhinde no mu bindi bihugu bikennye doze miliyoni 100 z'urukingo ruzaba rwemejwe. Bavuga ko igiciro cyo hejuru kizaba ari $3 (2,900Frw) kuri doze imwe.
Gusa abazakingirwa biteganyijwe ko benshi batazishyuzwa.
Abazakingirwa biciye mu miryango nterankunga ku isi, nabo ntabwo bazarwishyura.
Ni bande bazaruhabwa mbere?
Kompanyi ziri gukora inkingo za Covid-19 si zo zizagena abazakingirwa mbere y'abandi.
Sir Mene Pangalo, umukuru wungirije wa AstraZeneca, yabwiye BBC ati: "Buri muryango cyangwa igihugu ni bo bazagena abazakingirwa mbere."
Kubera ko inkingo zizaboneka mbere zizaba nkeya, kugabanya impfu ku barwaye no kurinda abakora mu nzego z'ubuzima ni byo bishobora kuzitabwaho mbere.
Umugambi wa Gavi ni uko ibihugu byasinye gahunda ya Covax, ibikize n'ibikennye, bizahita bihabwa doze ingana na 3% by'abaturage babyo - ingano ihagije yo kurinda abo mu nzego z'ubuzima.
Uko izindi nkingo zizagenda zituburwa, ibihugu bizahabwa izingana na 20% by'umubare w'ababituye - iki gihe abarengeje imyaka 65 ni bo bazitabwaho n'andi matsinda y'abantu afite ibyago byinshi byo kwandura.
Nyuma y'uko ibihugu byose bibonye 20%, urukingo noneho ruzahabwa ibihugu hari ibikurikijwe, nk'uburyo igihugu cyugarijwe na Covid-19.
Ibihugu bifite igihe ntarengwa cya tariki 18 z'uku kwezi kwa cyenda ngo byinjire muri iyi gahunda binatange umusanzu wabyo bitarenze tariki 09 z'ukwezi gutaha kwa cumi. Ibiganiro birakomeje ku ngingo nyinshi zirebana n'urukingo rw'iki cyorezo.
Mu kwezi kwa karindwi, inama y'ubutegetsi ya Gavi yemeje ibihugu 92 bizafashwa muri gahunda ya Covax, ibyo bihugu birimo u Burundi n'u Rwanda ndetse na DR Congo, Tanzania na Uganda.
Gavi ivuga ko ibihugu bikize biyirimo bishobora guhabwa inkingo ziri hagati ya 10% na 50% by'abaturage babyo, ariko ko nta gihugu kizahabwa urukingo rwo gukingira abarenze 20% ibindi bihugu byose biyirimo bitarahabwa icyo gipimo.
Dr Berkley avuga ko igipimo cya 5% cy'urukingo ruzaba rwabonetse kizashyirwa ku ruhande, "rugahabwa imiryango ifasha kugira ngo ikingire urugero impunzi n'abandi bo gufashwa".
Ni gute urukingo rukwirakwizwa ku isi?
Byinshi bizaterwa n'urukingo ruzaba rwabonetse.
Urukingo rukenera kubikwa ahari ubukonje rukenera.
OMS, UNICEF, Médecins Sans Frontières (MSF), basanzwe bafite gahunda y'inkingo n'uburyo zitwarwamo ku isi mu byitwa "cold chain".
Ibyo ni imodoka zifite ibikoresho bikonjesha, uburyo bwo gukonjesha bukoresha imbaraga z'izuba, kugira ngo urukingo ntiruhindure igipimo cy'ubukonje kuva ruvuye aho rwakorewe kugeza rutewe umuntu.
Inkingo ubusanzwe zikenera kuguma mu bukonje buri hagati ya dogere 2°C na 8°C.
Gusa urukingo rushya rukenewe n'abantu benshi ku isi kurusha izindi zose ruzatuma ibikoresho bisanzwe biba bicyeya cyane.
Barbara Saitta, umujyanama wa MSF, yabwiye BBC ati: "Gutwara no gukomeza kubika inkingo muri buriya buryo byari bisanzwe ari ikibazo gikomeye.
"Hazakenerwa kongerwa ibikoresho bya 'cold chain', guhora hateguwe ubundi buryo bukonjesha ibyo byuma igihe amashanyarazi acitse, gusana no gusimbuza ibyangiritse, n'ubwikorezi bwabyo".
AstraZeneca yo yamaze gusaba ko urukingo rwayo rwazabikwa mu bikoresho by'ubukonje buri hagati ya dogere 2°C na 8°C.
Gusa bisa nk'aho hari izindi nkingo zishobora kuzakenera kubikwa ahantu hari ubukonje bwa -60°C cyangwa no munsi, mbere y'uko ruterwa umuntu.
Barbara Saitta ati: "Kugira ngo urukingo rwa Ebola rugume ahantu hari -60°C byadusabye ibindi bikoresho bishya byo kuruzana no kurubikamo, kongeraho gutoza abantu bo gukoresha ibintu bishya".
Hari ikindi kibazo ku bagomba gukingirwa. Gahunda z'inkingo kenshi zireba abana, bityo abakingira ubu bazaba bagomba gukingira abantu badasanzwe babikorera.
Mu gihe isi ihanze amaso abahanga ngo bakore akazi kabo, ibindi bibazo byinshi nabyo biri imbere. Gusa urukingo si yo ntwaro yonyine yo kurwanya coronavirus.
Dr Simão wo muri OMS ati: "Inkingo si cyo gisubizo gusa. Hakenewe n'ubuvuzi bwayo, hakenewe kugabanya impfu, bityo hakenewe imiti n'urukingo.
"Iruhande rw'ibyo, hakenewe n'ibindi nko guhana intera, kwirinda ahari abantu benshi n'ibindi."
Ushobora no gusoma izi nkuru zindi:
|
amakuru-54324254 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54324254 | Abaganga b'Ubushinwa bageze muri Zimbabwe gufasha kurwanya Coronavirus | Itsinda ry'abaganga 10 b'Abashinwa bageze muri Zimbabwe mu gufasha iki gihugu kurwanya icyorezo cya coronavirus. | Bagiye gukorera mu itsinda ry'ibitaro bizwi nka Parirenyatwa Group of Hospitals, aho bazamara igihe cy'amezi 12, nkuko ikinyamakuru Herald cya leta ya Zimbabwe kibitangaza.
Icyo kinyamakuru gisubiramo amagambo ya Dr Luo Weiqiang uyoboye iri tsinda avuga ko we na bagenzi be bazanamamaza ubuvuzi gakondo bw'Ubushinwa.
Ibiro by'uhagarariye Ubushinwa muri Zimbabwe byatangaje kuri Twitter ko iri ribaye itsinda rya 18 ry'abaganga b'Abashinwa baje kwifatanya na Zimbabwe mu kurwanya Covid-19.
Kugeza ubu muri Zimbabwe hamaze gutangazwa abantu barenga 7,800 banduye coronavirus, muri bo abarenga 200 imaze kubica, nkuko imibare ya Kaminuza ya Johns Hopkins yo muri Amerika ibigaragaza.
|
imikino-41320916 | https://www.bbc.com/gahuza/imikino-41320916 | Rooney yategetswe kutagendesha imodoka imyaka ibiri | Uwahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Wayne Rooney yaciriwe urubanza rwo kudahirahira ngo agendeshe imodoka mu kiringo c'imyaka ibiri no gukora akazi mu mibano amasaha 100. | Rooney ashitse muri sentare ya Stockport
Rooney w'imyaka 31 yafatiwe mu karere ka Wilmslow, i Cheshire ariko aragendesha imodoka yaborewe itariki imwe z'ukwezi kw'icenda.
Rooney avuga ko urwo rubanza rwononye isura yari afise mu mupira w'amaguru
Wayne Rooney azoriha amande 170 y'amapawundi kubera ico caha yakoze.
"Ndemera icaha nakoze kandi ndasaba n'imbabazi umuryango wanje, umugwi wa Everton, umumenyereza hamwe n'abakunzi bumugwi. Ndasaba imbabazi kuvyabaye." ni ko Rooney, ubu afise abana batatu yavuze.
Umucamanza yabwiye Rooney ko yageramiye ubuzima bwiwe n'ubwo abandi bakoresha ibarabara
Uwo mukinyi yavukiye mu gisagara ca Liverpool yasubiye mu mugwi wa Everton yatanguye gukinamwo ari umwana avuye muri Manchester United inyuma y'imyaka 13 ayivuyemwo.
|
amakuru-42936769 | https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-42936769 | Amafoto ya Afrika y'indwi: kuva ku wa 26 ukwezi kwa mbere - 2 ukwezi kwa kabiri 2018 | Amafoto meza yo hirya no hino muri Afrika hamwe n'abanyafrika aho bari hose kw'isi muri iyi ndwi.
| Umunyeshure w'umwigeme ariko arakurikirana icirwa mu micungararo ya Dakar. Ico gihugu kiriko kiraberamwo inama y'abatanga imfashanyo, mu kurondera amamiriyaridi n'amamiriyaridi yo kwinjiza abana benshi mw'ishure mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
Hagati aho abanye Nigeria barashavuye inyuma y'aho umumenyeshamakru w'umufaransa abarije nimba bafise ahagurishirizwa ibitabo mu ntango y'iyi ndwi. Nk'uko iyi foto y'i Lagos ivyerekana, barahafise koko.
Kuri uyu wa kabiri, muri Kenya, abantu ibihumbi n'ibihumbi barasidukanye n'iyonka kuraba aho uwutavuga rumwe na reta Raila Odinga yirahiza. Umwe mubamushigikiye yerekanye uko yari kuba ameze mu gihe yari gutsinda amatora yo mu mwaka uheze.
Uwo musi nyene, abaganga bo ku mugwa mukuru wa Algeria, Alger, bihaye amabarabara mu myiyerekano y'amezi abiri yo kwiyamiriza ingingo yo gukora badahembwa.
Mu misi mike iheze, umupfasoni wa mbere mugufi kw'isi, Jyoti Amge wo mu Buhinde hamwe n'umugabo wa mbere mu burebure, Sultan Kosen wo muri Turkia barahuriye mu Misri, aho bifotoje ifoto idasanzwe.
Mu Tunisia, abantu benshi bari barindiranye igishika ifoto - bifotora bari kumwe na Emmanuel Macron, prezida w'Ubufaransa yariko aragendera uburaruko bwa Afrika
Ukwifotora kandi kwari kurindiranye igishika ku birometero ibihumbi n'ibihumbi, i Johannesburg muri Afrika y'epfo, aho umunonotsi rurangiranwa kw'isi, Usain Bolt yagaragaye ku musi wa mbere.
Bolt, azwi nk'umukunzi w'umupira w'amaguru, nta nkeka ko yahomvye ihiganwa rya CHAN ririko rirabera muri Maroc. Aha umukinyi Zakaria Hadraf wa Maroc yari ahejeje gutegwa n'umukinyi wa Libya.
Biboneka ko i Grand Bassam, muri Cote d'Ivoire, hari hatekanye cane ku musi w'Imana aho uyu mupfasoni yajayo.
Hanyuma ni nde atabonye ukwezi ku musi wa gatatu mw'ijoro? Uku "n'ukwezi kunini k'ubururu acanze n'amaraso" kwari hejuru y'umusozi wa Kadam mu gisagara ca Nakapiripirit, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda.
Amafoto yafashwe na AFP hamwe na Reuters
|